UMUSHUSHO n’indirimbo nshasha ya SWAGGS TEAM+257 bakuzaniye idasanzwe urayumviriza ntutangwe


SWAGGS TEAM+257,ugize abaririmvyi hamwe n’umuririmvyikazi bakuririmba indirimbo zibaryohera cane gose mu gukora umuziki w’uburundi eka ntibavyorosha nkuko mwashoboye kuvyibonera canecane mundirimbo yabo batanguriye ko bayita IMVURA Y’IBI BABY uko yagiye irabica biracika mu kubaryohera muyumviriza ntibagarukirije aho gusa babandanije basohora n’izindi nyinshi zagumye zibaryohera ikitibagiwe n’ibiteramo babateramisha aba fans babo bikitabirwa ku bwinshi cane numwe mumirwi iririmba mu Burundi iriko ikora neza mu kuvifatamwo neza imbere y’abarundi n’abarundikazi bawukurikirana.

Umurwi w’abaririmvyi/kazi Swaggs Team+257,warumaze amezi atari makeya udasohora indirimbo ishobora kubaryohera aba fans babo,aho baheruka kumviriza indirimbo IGIPASA ikomeza kubaryohera rero ngo uwo murwi Β wagarutse ubashwaramwo bidasanzwe mu gukora ibikorwa bizobashimisha cane vuba bakora umwuga w’umuziki w’uburundi bashimisha abantu benshi bawuzi kandi abawugize baribamaze iminsi bariko bategurira ibikorwa bishasha bitandukanye nkuko bigeze kubibamenyesha akabirya bagiye gusohora indirimbo yabo nshasha idasanzwe izobaryoshera imwe yakarorero izoshobora kunezera umuntu wese azoyumva ikamuryohera baremeza kwihari kandi basigaje kuyisohora.

13906993_2154280294850523_7538669193350749348_nSWAGGS TEAM+257 bazwi ko ari imiyabaga batavyorosha muvy’umuziki w’uburundi baravye ubuhinga bwabo bakoresha mu kuririmba indirimbo ziryohera cane abantu bose bazumviriza kandi nkuko bazwi bava muri komine ya Bwiza ngo rero abaziko mukunda kuryoherwa cane n’indirimbo”IMVURA Y’IBI BABY”mwagaragaje umunezero udasanzwe wo kumviriza hamwe no kuraba nuko mwitegurire iyo bagomba gusohora igeze ku bice mirango umunani n’icenda”89%” baracabandanya kuyibategurira neza kugira izobaryohere iyo ndirimbo yabo nshasha itavyorosha uwutazoyumva ntibazomubaza ko batabimumenyesheje azoba ahomvye.

Aba Swaggs Team+257 bagarutse bazananye umuriro mwinshi muri iyo ndirimbo yabo nshasha bakakumenyesha ko uzokwibura kubera umunezro mwinshi baracayitegura nayo kwinjira Studio barabitanguye kuko bayigejeje kuri ivyo bice baracabandanya uno mwaka wa 2016 bategerezwa kubaryohera kurusha mwese abanywanyi mu kunda umuziki w’uburundi bakora na canecane mushimishwa kumviriza indirimbo zabo basohora rero muyirindirane igishika cinshi iyo ndirimbo yabo nshasha bise “UMUSHUSHO“ntuzotangwe kuyumviriza urab’uwambere kuyitega amatwi uzoryoherwa wumve neza icatumye bayita iryo zina.

13895350_2154280348183851_5579727035962978320_nIndirimbo nshasha ya Swaggs Team+257,barayibemereye mwese abanywanyi b’indirimbo zabo mubakunda cane kumviriza ukuntu babaryohera mu bikorwa bitandukanye bakora ntibibagiwe namwe abanywanyi mu muziki w’uburundi aho bakumenyeshako izoba yitwa “UMUSHUSHO“irimwo amajambo menshi adasanzwe azoshobora kubaryohera kumviriza ntibibagiye gushiramwo umudiho”BEAT“uzoshobora kubarwa neza mu kuwumva n’amatwi yanyu abari kandi bimirije kuzoyisohora muminsi iza nubwo batashoboye kuwuvuga ariko iriho izoshora vuba.

Umu fans wa Swaggs Team+257,bakumenyesha y’uko indirimbo UMUSHUSHO,itazogucika kuba uwambare kuyumviriza baragusaba kuguma uri hafi uyirindiranye igishika cinshi barakubaza ukuntu wiyumva kubona basubiye kugaruka badasanzwe mu kuzanana ishaka ryinshi bayikuzaniye aho warumaze amezi n’ayandi utarumva ibikorwa bishasha bakuzaniye nkuko bazoba bakuzaniye indirimbo yabo nshasha batanguye kuyiguteguza kare uraguma hafi uyirindiriye nta gihe kirekire basigaje kugira bazoyisohora k’umugaragaro muzoyumve muri abantu benshi ishobora kuzobaryohera kurusha iyo batanguriye ariyo IMVURA Y’IBI BABY.

13680669_2154280401517179_1919692874653973791_nUkumva utujamwo turyoshe baririmvyemwo kandi izobarwa nezarero ngo iyo ndirimbo Umushusho,irakaze cane wumvise izina ryayo usohobora kwibaza utubazo twinshi ariko barakwmereye ko uzomenya uwo mushusho uwariwo mbega kubwawe wibaza y’uko ari umushusho nyabaki bazoba bariko baririmba nkuko muziko umusho kenshi ar’indya kubwawe wo bambwira iki? hama baraguteguza ukaba uyishaka ubwambere uraguma ukurikirana cane ibikorwa vyabo vy’umuziki w’uburundi bakora bakemeza neza ko ari abana bo mu Bwiza ijana kw’izina bazokwama bakunezereza basohora indirimbo nshasha na Video.

2 thoughts on “UMUSHUSHO n’indirimbo nshasha ya SWAGGS TEAM+257 bakuzaniye idasanzwe urayumviriza ntutangwe

  1. Waou j adore vrmt kandi muri trop cool indirimbo zanyu ni zambere j adore votre chanson vrmt imvura y ibaby n igipasa .com Hama jewe Shaka kumenye umushusho amajabo y ayo Swagg Team + 257 j vs adore trop

    Liked by 1 person

  2. Wouhhh vrm je vs kiff trop vos chanson ni zambere vrm zira nteza vrm imvura y’ibi baby na igipasa vrm narishaka kuv umushusho nayo ndibaza izoza iteza nkizo zindi ndasha kuv ibirimwo so vrm je vs aime bcp les Swagg Team+257πŸ‘ŒπŸ’―πŸ’―πŸ˜˜πŸ˜˜πŸ’‹πŸ’“

    Liked by 1 person

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe