RACHLY niwe umuririmvyikazi wambere azokora VIDEO nshasha k’ubuntu izobemeza muyibonye akorewe muri COMPANY THE CLASSICO


M’ukwezi guheze itariki 29/10/2016 niho Company The Clssico yashoboye gushira ahagaragara icese gikuru nco gutanguza ibikorwa bishasha vyayo mugihugu c’uburundi bijanye na VIDEO PRODUCTION na PHOTOGRAPH rero hari haciye  ukwezi kose bibaye kandi uyirongoye ariwe benshi bazi kw’izina rya FRANCK Pro yaramenyesheje umuntu wese ashaka  Promotion k’ubuntu  bakamukorera  VIDEO.

Na PHOTOS adatanze amafaranga azoze ntakibazo mu ntumbero yo kumuteza imbere nk’umurundi n’umurundikazi afise ingabirano  mubikorwa akora mugihugu c’uburundi mwomenya y’uko Umuririmvyikazi RACHLY akora neza ibikorwa vyiwe vy’umuziki w’uburundi bigakundwa n’abantu benshi niwe yashoboye kwironkera ubwambere ayo mahirwe ya Promotion iriko itangwa muri COMPANY THE CLASSICO naho hasigaye ikiringo gitoya irangire Promotion.

13502005_2138480253097194_2527982591444873266_nYashimye gutanga indirimbo yiwe nshasha yakoze uno mwaka wa 2016 kugira ikorerwe Video  yasavye  Company THE CLASSICO imuhe Promotion ya Video nkuko yumvise akamo kashikirijwe na FRANCK Pro ayirongoye amenyesha abanyamyuga ,abacuraranzi n’abacuraranzikazi kwazobaha Promotion izomara ukwezi kose niho uy’umucuraranzikazi ashaka kuzoshikiriza aba fans biwe Video imeze neza isukuye twobamenyesha ko ibintu vyose vyaramaze kuja mungiro hagati y’uwurongoye iyo Company hamwe na Rachly rero  azokorerwa Video nshasha k’ubuntu y’indirimbo yise JEWE NAWE

Kandi izokwemeza benshi abazoyiraba kuko irakorwa muri iyi indwi nyene hatarenze k’umunsi wa gatandatu itariki 26/11/2016 igikorwa cikorwa rya Video nshasha JEWE NAWE  ya Rachly bizoba bitanguye aho uwusanzwe akorera Company The Classico mubikorwa bitandukanye ariwe Director NIPO-STAR azoba yatanguye kuyifata amasanamu azoba abereye ijisho cane k’umuntu wese azoyiraba kuko ubuhinga izokorerwa ntibuzoba busanzwe izobayakarorero.

14991985_1707938949526039_7379707656061901990_nAba fans buwo muririmvyi namwe abanywanyi mukunda umuziki w’uburundi nuko mwoyirindirana igishika cinshi cane nco kuzoyiraba hama muramenyeshejwe ko imbere y’uko izosohobora muzotanguka kubona amwe mumashusho azoyiranga abereye ijisho ikindi Rachly arabamenyesheje ko kuno munsi wa kane ariho azagufata urugendo rw’umuduga uzakumukura muntara ya KARUSI zakubaje mugisagara ca Bujumbura gutangura kwitegura kuko k’umunsi wa gatandatu wiyi indiwi azoba yatanguye gukora shooting ya Video JEWE NAWE

Umuririmvyikazi Rachly yavuze ngo¨¨¨Hey my fans just.Kubamenyesha ko Video ya song yanje Jewe Nawe izokorwa samedi.Ndabasabe kunsabira ko yogenda bien nukuzoshika bien ejo i bujumbura.Big up sana ndabakunda Rachly Baby ¨¨¨¨ ivyo yaraye abibamenyesheje aba fans biwe ko azotegerezwa gukora Video nshasha y’indirimbo  JEWE NAWE tubibutse ko yahawe promotion k’ubuntu na Company The Classico ntuzocikwe kuzokwirabira igikorwa kidasanzwe ciyo video azokorerwa m’ubuhinga bugezweho mukuzofatwa amasanamu na Director NIPO-STAR

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s