BMK atutse abaririmvyi nka MT NUMBER ONE,DADDY FACE ,BABBI,MCMELLO raba Video y’indirimbo abivuzemwo


Umwe mu baririmvyi b’abarundi babaye cane gose imyaka myinshi mugihugu nca AMERICA azwi kw’izina rya BMK ariko kino gihe abarizwa mugihugu nca Tanzania amazeyo amezi ahakorera ibikorwa vy’umuziki w’uburundi nuko yaraye asohoye indirimbo nshasha ayisohorana Video yayo ikaba yitwa WAKE UP rero yumvikanamwo ibitutsi bimwe bidasanzwe mugutuka abaririmvyi bagenzi biwe b’abarundi basanzwe baba muri America na Canada.

Bazwi kumazina nka MAISHA SALUM , MSELE MSELA ,JAY C , MT NUMBER ONE , BABBI , CHONGE , DADDY FACE M ,LIL KESHA , G BLUE , MAC MELLO bikumvikana ko yayikoze abafitiye ishavu ridasanzwe kubera biragaragaramwo uriko urayumviriza mugihe wayumvirije neza ushobora kwibaza ko hoba hariho icobapfa ntibisanzwe.

1796442_10204725742494908_3459145281510483509_n

Twashoboye kumurondera umuririmvyi BMK kugira ashoboye kutubarira igituma yubahutse kutuka  ibitutsi biteye ubwoba biri mucongerenza ibindi mugi swahili abo baririmvyi basangiye umwuga umwe nuko yavuze ngo igituma yashimye gusohora indirimbo nshasha yise WAKE UP NIGGAS ,batuka kandi ntabatinya  ariteguriye ibifu hagati yiwe nabo iyo ndirimbo ibashikire ahobari hose yayikoreye  Video.

BMK yagiriye ko avuga neza igituma yashimye gusohora iyo ndirimbo akaririmba amajambo abatuka abaririmvyi nka MAISHA SALUM , MSELE MSELA ,JAY C , MT NUMBER ONE , BABBI , CHONGE , DADDY FACE M ,LIL KESHA , G BLUE , MAC MELLO  araha umuco abanywanyi mu muziki w’uburundi abambwira ngo indirimbo yiwe nshasha  WAKE UP NIGGA ivuga abo baririmvyi barigeze gukora neza umuziki ndundi.

Muga baje kwiyemera bamaze kubona bateye imbere baciye bishira hejuru aho gushirwa hejuru naba fans babo rero ashaka kubasubiza kumurongo neza abicishije mumajambo yabambwiyemwo bisubire ko bareke ibintu vyi kwiyemera kandi ngo ntabwoba abafitiye bashake bayumvirize neza hanyuma bagire ibifu nawe ntazobatinya kubera yaririmvye abambwira ukuri bareke kwigana imidiho yaba star bo mugihugu ca Nigeria n’ahandi.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s