Abakunda gutwenga imbavu zanyu ziruma ngo KABIZI BORIS hamwe na GITORO LE COMEDIEN bakuzaniye Video comedy burundi y’indirimbo NTABUNDI BUHINGA irabire nawe


Abanywanyi ba Video  zikora naba COMEDY BURUNDI akabatwenza cane gose gushikaho imbavu zabo zishaka zuma nuko ngo aba Comdey basanzwe bagezweho mugihugu c’uburundi mugukora neza bigashima barutse kubatwenza cane gose mu kubazaniye Video Comedy y’indirimbo SHIKILIA y’umuririmvyikazi NATACHA mwibukeko yari yakoze abitwa KABIZI BORIS  na IIDEPHONSE nkuko abarundi  n’abarundikazi benshi baryoheye bariko barayiraba aho iherutse gusohoka uno mwaka wa 2016 ndetse nanyene indirimbo ariwe uwo muririmvyikazi yahavuye abashimishira cane bivuye kumutima kugikorwa bakoze.

Nkuko yabateye intege kugikorwa ciza bakoze mu kwiyumvira gukora Video Comedy y’indirimbo yiwe igashimwa n’abantu bensh  bari mu Burundi no hanze y’uburundi noneho ngo  aba Comedy Burundi banzwi nka KABIZI BORIS hamwe na GITORO LE COMEDIEN ntibavyorosha mugutwenza abarundi n’abarundikazi mubikorwa bakora vyama Video abatwenza hamwe usanga imbavu zabo zigomba nukuma kubera unezero mwinshi bakicwa nagatwengo kenshi rero kuno munsi wa gatano itariki 21/10/2016 bazindukiye mugikorwa kidasanzwe barizerako kizobashikana kure mukwemerwa n’abantu benshi bazocibonera n’amaso.

14807985_1715466005440219_1294478205_oNco gukora Video Comedy Burundi,irimwo ubuhinga bukomeye bwakataraboneka mugihugu c’uburundi  izobatwenza cane gose abantu bazoyiraba ngo gushikaho imbavu z’abarundi n’abarundikazi zzohava zuma aho bafashe ya ndirimbo yitwa NTABUNDI BUHINGA ,igezweho uno mwaka 2016 mu muziki w’uburundi yakozwe n’umurwi w’abaririmvyi PEACE AND LOVE  barashima ukuntu ico gikorwa nca genze neza cane gose muramenyeshejwe mwebwe mwese abakunzi ba comedy Burundi ubu banoba comedy  aribo KABIZI BORIS  hamwe na GITORO LE COMEDIEN mumwanya uheze bavuye gukora icitwa shooting Video nshasha ya comedy.

Izobaryohera kuraba nyuma yaho umwe muribo ariwe Kabizi Boris ,yakoze Video comedy y’indirimbo Shikilia y’umuririmvyikazi NATACHA ubu hoho bakuzaniye igikogwa gishasha nkico nkuko bagikoze nic’indirimbo NTA BUNDI BUHINGA y’umurwi w’abaririmvyi PEACE AND LOVE bayikoze ubuhinga hamwe n’ubumenyi budasanzwe kandi butari buke bita profetionnel iyo Video Comedy yiyo ndirimbo bayikorewe n’uruganda rwitwa Ishusho Entertainment ari narwo kinogihe rubafasha vyinshi muma Video Comdey batwenzamwo abarundi n’abarundikazi baziraba.

Kabizi Boris hamwe na Gitoro Le Comedien  ngo  abanyemitahe bafise uburyo bwinshi bwogushobora kubafata mumugongo  mubikogwa nkivyo bakora bituma umuntu amerwa neza mumutwe akibagira ibibazo bitandukanye vy’ubuzima nuko barbasaba kubashigikira no kuzobagishigikira mukuduteza imbere muminsi irimbe kandi barateguje kurindirana igishika cinshi Video Comdey y’indirimbo NTABUNDI BUHINGA bashoboye gukora uno munsi nkuko muvyibonera no mumashusho bakoze tubibutseko aboba Comedy Burundi aho mundwi iza itariki 29/10/2016 baragutumye wewe murundi canke murundikazi.

Ukaba utarashobora kubona amaso muyandi KABIZI BORIS hamwe na GITORO LE COMEDIEN bagutwenza gushika imbavu zawe wumvako zigomba guturika  ngo muzohurire mugiteramo nco gushira icese gishasha c’ibikorwa vya Company nshasha yitwa ” THE CLASSICO” izanwe mu Burundi gukora Production Video & Photography ,ni itariki 29/10/2016 bazobica bicke bakuryohere mugukina Comdey kandi  bazoyikorera mugisagara ca Bujumbura ahitwa ONE PEOPLE mu Gasenyi haruguru ya GARD DU NORD ,uzohishikire guhera isaha icenda”15H”uzobibonera kuri SCENE uzokwitwanze amafaranga 2000Fbu vy’ukwinjira canke 3000Fbu muri V.I.P uzonezerwa cane gose bimwe bidasanzwe ntuzosibe.

14457522_123115668151410_3987781620933400201_n

KURIKIRANA URABE N'AYANDI AMAFOTO YABO ABARANGA MUGIHE BARI MUGUKORWA NCO GUKORA VIDEO COMDEY Y'INDIRIMBO Ntabundi Buhinga Y'UMURWI W'ABARIRIMVYI Peace and Love

14786911_1715466012106885_889576444_o

14803201_1715466022106884_1368579001_o14786972_1715466018773551_504957828_o14796057_1715466015440218_1132026506_o14800070_1715466025440217_1561560032_o14800203_1715466008773552_1772371544_o

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s