MUNTARA YA BUBANZA:_ urubanza rwasivye muguca kumazi nyakwigenedera umuririmvyi MAGIC w’umurwi THE BROTHERS


Umuririmvyi MAGIC  aherutse gusezera isi kw’igenekerezo rya 01/10/2016 asanzwe yitwa NDAYIKENGURUKIYE STYVE ,ayo ni amazina yiwe y’ukuri yahawe n’abavyeyi biwe akaba avuka muntara ya BUBANZA nin’aho bamuhambanye iteka ridasanzwe hari kw’igenekerezo rya 05/10/2016 ubu ngo urubanza rwiwe baribateguye rwo kumucako kumazi rwarirutegekanije kuba itariki 30/10/2016 ngahonyene i Bubanza nkuko hariho abantu benshi bagumye barwiteguriye  bigeze kuza kumusezera iryanyuma kuwo munsi bamushingura harashoboye kugendayo amabenyeshamakuru/kazi bavuye i Bujumbura.

Mugufata mumugongo umuryango wuwomuhisi  rero urwo rubanza rwasivye ntirukibaye kuri iyotariki bikaba bimenyesheje abavyeyi wiwe ariwe PAPA arambwira inshuti ,abagenzi bagumye babaserukako muri binobihe bigoye y’uko boshobora kwihangana agiye kuzobamenyesha iyindi itariki yoguca kumazi NDAYIKENGURUKIYE  STYVE yaririmba m’umurwi  THE BROTHERS arikumwe na mutoya wiwe yitwa KID ngo vuba cane hagiye kumenyekana ukuntu bazoshobora gutegura urundi urubanza muguca kumazi nyakwigendera.

14524404_132829180513392_847724604720133814_oAbantu benshi bari muntara ya Bubanza bari bazi y’uko bazoca kumazi nyakwigendera Magic  mukuza kwipfadikanya n’umuryango wose itariki 30/10/2016 ,mwibukeko bamubuze batamwanka  ariko Imana yamukunze kubarusha rero  abanyebubanza mwese n’abandi muzova muzindi intara nkuko mwamugumye muserukako uwo muryango muraguma hafi mwumviriza amaradiyo  yo mu Burundi niho umuvyeyi wiwe azoshobora gutanza itangazo ribamenyesha umunsi n’itariki vyo guca kumazi umuhungu wiwe yakunda cane gose ariwe  STYVE NDAYIKENGURUKIYE.

Akaba yitavye umuremyi afise imyaka 21 y’amavuko murumvako yarakiri umuyabaga ,turangize tubamenyeshako Papa wanyakwigende NDAYIKENGURUKIYE STYVE yarazwi nk’umuririmvyi w’umurwi The Brothers imbere y’uko ashobora kwitaba Imana barimaze gusohora Video nshasha y’indirimbo “NDAGUKUMBURA” uno mwaka wa 2016,rero umuvyeyi wiwe arasavye abantu bomuntara ya Bubanza mukomeze kwihangana kubona urubanza yari yateguye itariki 30/10/2016 muguca kumazi umuhungu wiwe rwasivye kuno kwezi.

14612485_132829267180050_2368169181322517684_oNaho rwashoboye gusiba vyiza muzogume kumviriz’amaradiyo akorera mu Burundi bazobivuga mumatangazo yoguca kumazi  bahora bacishaho nubwo atatubariye iradiyo iyariyo bizovurwamo mukavyumva kandi abatarashobora kuraba Video y’ukuntu bamuririmbiye mukumusezera iryanyuam irimwo amasanamu atandukanye y’umunsi bamushingurana iteka ridasanzwe ngo mushobora kuyiraba ubunyene yaramaze gushika kuri YOU TUBE mwandika ati NTITUKWIBAGIRA By Bubanza all stars

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s