SAT-B azohanwa n’umuryango w’umuziki w’uburundi mucaha nco kubesha akoze SHOWBIZZ ngo arwaye indwara ya”CANCER”m’ubwonko


Kw’igenekerezo rya 09/10/2016 niho umuririmvyi SAT-B asanzwe akora umuziki w’uburundi ageze kuntabwe nziza ishimisha aba fans biwe n’abandi  yashoboye kubamenyesha y’uko arwaye indwara ya CANCER m’ubwonko ,ni abaganga bayimutoye akaba y’avyanditse k’urubuga rwiwe rwa FACEBOOK PAGE mugihe amaze hafi umwaka wose ari mugihugu c’urwanda ninaho yaciye basavye batangure amasengesho bamusengere Imana imukize ubwoburwara  nabo barabikoze ariko bababaye cane benshi bacitse imitima bavuga y’uko  bagiye gutakaza umuririmvyi akomeye cane mu muziki w’uburundi nkuko mwarashoboye gukurikirana hafi iyo nkuru.

Y’umuririmvyi SAT-B yavuzeko arwaye CANCER aho na MAMA wiwe amuvyara yaguye mugahinda gaherekejwe n’amarira menshi mukumvako umuhungu wiwe azosandaba agapfa kubera iyo ndwara amusaba kuvayo mu Rwanda agaruke mu Burundi ampfireyo kandi kuriryo genekerezo vyababaje abantu benshi kumutima cane niho bukeye bwaho kw’igenekerezo rya 10/10/2016  haciye hatangura kumukorera abatohoza nkuko yayakorewe n’abantu bamwegereye baje kugaragaza ubutumwa”MESSAGE”bagenda baraganira bamuza kwari ukuri ko yoba arwaye Cancer munyuma bizaguhinyuka abishurako bomubarira MAMA wiwe agatekana kuko arabizi ko yamenyereye gukora Shobizz muri Buja Flava muri make ni Shobizz yakoze ntayirwaye.

14680641_1803224056589467_2582062483917393445_nAho yandika ababwirako yishakira KUVUMA“Kumenyekana cane” mu muziki wa BUJA FLAVA aciye murizonzira za Showbizzo yivuga ko arwaye Cancer m’ubwonko kandi haneboka n’ibimenyetso y’ubutumwa bwiwe bwerekanyeko yakoze SHOWBIZZ  abesha niho abanywanyi mu muziki w’uburundi  n’aba fans biwe bamwe bamwe batanguye kumukurako amaboko bavuga y’uko yakoresheje ubujuje kuko yabaciye imitima  abajuragirisha bamusengere harimwo abamubwiye ngo IMANA NTIKINISHWA IRASHOBORA KUMUHANA kandi  abagize umuryango w’umuzi w’uburundi ugize canecane abaririmvyi n’abaririmvyikazi ,amenyekanisha ibikorwa vyuwo mwuryango bavyakiriye nabi.

Bamenye ukuri ko Sat-B yakoze  SHOWBIZZ abakinisha hariho amakuru yatanguye kuvurwako akwiye guhanwa kuko icaha yakoze nco kubesha Imana hamwe n’abantu benshi akabaca imitima kugira ngo bamwandike mubimenyeshamakuru nkuko bivurwa nabo inyuma yaho bamuhinyuye  bagaca bamumwbira abereke impapuro z’ibipimo bamupimyeko indwara ya Cancer m’ubwonko nkuko yubahutse arandika POST ariko ntiyavyerekanye gushika nunomwanya kuko imenyetso vyinshi vyagiye birigaragaza kw’igenekerezo rya 10/10/2016 muma GROUP WHATSAPP yacamwo ubutumwa “MESSAGE”yandikirana n’abavandimwe biwe bagahise bamumenera ibanga kandi yari yababujije nibasarishe

14435206_983256545119954_845872840721898544_oAmatohoz’aguma akorwa ngo abanywanyi mu muziki w’uburundi hamwe n’abaririmvyi ,abaririmvyikazi ,abatangazaamakuru b’umuziki w’uburundi bamenyeko Umuririmvyi SAT-B yariko arababesha kwarwaye Cancer m’ubwonko ,yaramaze guhanagurae POST yanditse kw’igenekerezo rya 09/10/2016 amenyesha aba fans biwe arwaye CANCER nuko biriko bivurwako kuba yarafashe umwanya akabonako ivyoyakoze ababesha niyo mpamvu yayihanaguye kuri Facebook  ngo vyanka canke vyakunda ategerezwa kuzohanwa vyakaruhariwe abe akarorero mu bandi baririmvyi canke abaririmvyikazi bafise ingeso y’ukubesha aba fans babo baciye munzira zama  SHOWBIZZ .

Ngo SAT-B azohanwa  n’amategeko y’umuryango w’umuziki w’uburundi  asanzwe arimwo nawe mucaha nco kubesha akoze SHOWBIZZ  avugako arwaye CANCER m’ubwonko kandi arikinyoma nca mbaye ubusa mbega munywanyi mu muziki w’uburundi nkuko uvyumvise ko ashobora kuzohanwa mugihe yakubeshi kw’igenekerezo rya 09/10/2016 akubarira umusengere ku Mana ngo arayirwaye kandi atayirwaye ubona uwo muryango wabagize umuziki w’uburundi bozoba bamurenganije hamwe bomufatira ibihano bikomeye bakwirikije iyo SHOWBIZZ yakoze?

Advertisements

3 thoughts on “SAT-B azohanwa n’umuryango w’umuziki w’uburundi mucaha nco kubesha akoze SHOWBIZZ ngo arwaye indwara ya”CANCER”m’ubwonko

  1. Nahanwe bimwe biboneka kuko iyo ningeso mbi can nkanj nahora ndamukunda bivuyemw nokumwanka burya gukinish abantu ibihimbi nibihimbi hamw N,Imana ntivyokwijana. yarakwiy gukora ibituma amenyekana vyiza atari kwisabira ako kabi.

    Liked by 1 person

  2. Yagize nabi cane kuko ubuzima ntibabuvyinako.

    ingaruka mbi bizomuviramwo nuko umunsi yarwaye naho azoba ageze kumpfiro benshi bazobona ko atarivyo ari Shobzzy ariko aragira ntawuzovyemera ko arwaye.,knd bizomukomeretsa cane.eka anicuze.

    Liked by 1 person

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s