RUMONGE:_itariki 23/10/2016 azobateramisha AKES mugiteramo yise’SEMIBIRA”ngo bamenyekanisha CANCER,tukamenyekanisha ibikorwa


Umuririmvyi AKES akomeza gukora neza umuziki w’uburundi ashimisha aba fans biwe mukwama asohora indirimbo buri ukwezi abazumviriza bakaryoherwa, aracishamwo nama Video yazo bakazishima nkuko mumezi aheza yigeze gusohora indirimbo yise SEMIBIRA akongera akayikorera Video yayo nuko ubuhagezeko atangura kubashwaramwo akabaryohera amaso muyandi barikumwe yongera ayibaririmbira arabamenyesheje y’uko k’umunsi w’Imana igenekerezo rya 23/10/2016 yabategiye igiteramo  citwa SEMIBIRA ,abantu bo muntara ya RUMONGE  muzocitabire muri benshi cane gose muzoryoherwa.

AKES aramenyesheje aba fans biwe bose bari muriyo ntara ya Rumonge kuzokwitabira ik’igiteramo SEMIBIRA kubera azobateramisha baryoherwe yongere abaririmbire indirimbo nyinshi zitandukanye yabateguriye atibagiwe kubavugiriza indirimbo SEMIBIRA mwakunze cane Video yayo mugakunda n’ubutumwa bw’ajambo yarimwo rero ngo azobayishikiye i MAGARA muzohurire ahitwa CAIROS CENTRE benshi mumenyereye kwita kwa BURYBURYE guhera isaha  umunani “14H” z’umuhingamo kandi kwinjira muzotanga amafaranga 1500Fbu k’umuntu yisumbuye hama k’umuntu akiri umwana azotangishwa 1000Fbu.

14650462_351565371854140_7627546608280384150_nUmuririmvyi AKES ngo ntazoza ariwenyene avuye mugisagara nca Bujumbura aje ngaho iwanyu muntara ya Rumonge muri komine MAGARA kwa BURYBURYE ahubwo azozanana n’abagenzi biwe nabonyene bakora umwuga umwe w’umuziki w’uburundi sabandi ni Umuririmvyi BIENV-FIZZO hamwe n’umuririmvyikazi THITY LOVE uko ari 3 bose bazoshobora kubateramisha muryoherwe canegose bantu mwese muba i MAGARA ntimuzotangwe kwirabira ivyomwateguriwe nabo kuko ngo bazobaryohera cane gose.

Kazoba ari akaryo keza kogusohobora kumwirabira amaso muyandi Umuririmvyi AKES yiyemeje kuzova mugisagara ca Bujumbura agashobora kuza i MAGARA mu Rumonge guteramisha aba fans biwe nuko rero azobaririmbira abatambire nkuko abimenyesha rero ngo muzoze muri benshi cane gose arabemereye kuzobereka ico babazaniye bavuye i Bujumbura hamwe n’umuririmvyi BIENV-FIZZO n’umuririmvyikazi THITY LOVE murahawe ikaze mwese.

14632898_1800752650163008_2502000381120731841_nAKES yarangije abaterakamo ngo kuwo munsi  azobaryohera arikumwe n’abagenzi biwe kandi imbere y’uko igiteramo SEMIBIRA,hagera umunsi waco wagenewe ngaho muntara ya Rumonge yateye akamo umuntu wese asanzwe akunda umuziki w’uburundi ashigikira abaririmvyi n’abaririmvyikazi mumushikire gutangaza hose ico giteramo ciwe  nuko yabambwiye ati :“Bamenyekanisha ingwara, tukamenyekanisha ibikorwa nk’umukunzi w’ibikorwa vyacu ndagusavye gusabikanya iyi affiche kugezaho bose bayibona. They promote CANCER, we promote  CONCERTS… MR WAKA WAKA”.

Umuntu yitegereje neza mugusoma ivoyashikirije birabonekako yababajwe kubona hariho abaguma bashaka ngo babapromotinge mungwara ya CANCER kandi harimwo n’abandi bashaka babapromotinge muvyerekeye CONCERTS ngaho muzomuenya icoyashatse kuvuga nabo yabariye ufatiye kw’ijambo ry’indwara CANCER yigezwe kumenyeshwa n’umuririmvyi wumurundi  ariwe SAT-B rero umuririmvyi Akes arabasavye mumufashe gukwiragiza  hose affiche y’igiteramo SEMIBIRA azokorera i Magara mu Rumonge kwuruwu w’Imana itariki 23/10/2016 azobayishikiyeyo n’umuririmvyi Bienv-Fizzo ,n’umuririmvyikazi Thity Love.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s