Hari COLLABO y’indirimbo nshasha yaba STAR bo mugihugu c’urwanda baraye bamutumiye MKOMBOZI agende abafashe anugemwo utu grenades tw’imistari y’amajambo


Igihangange c’umuziki w’uburundi  ariwe Umuririmvyi MKOMBOZI nuko amaze amezi menshi ari mugihugu kibanyi c’urwanda akaba yahakoreye ibikorwa bitaribikeya kandi vyashimishije abantu benshi  vy’umwuga wiwe wo kuririmba hamwe nogukina ama Film nkuko kw’igenekerezo rya  17/09/2016 aheruka gukorerayo igiteramo gikomeye cane citabiriwe n’abarundi hamwe n’abanyarwanda ndetse kwiyo tariki niho hari haramutse asohora k’umugaraharo indirimbo yiwe nshasha yitwa ” KUKI ? “yakoranye n’umuririmvyi w’umurundi azwi kw’izina rya CHRISTIAN NINTERETSE kandi  iragezweho mwabino bihe mubantu benshi bakomeje kuyikunda kuko  ngo imistari y’amajambo yaririmvyemwo arabaremeshakumutima.

MKOMBOZI nkuko asanzwe ari mu baririmvyi bakomakomeye muvy’umuziki w’uburundi baririmba indirimbo nyinshi ziryohera abazumviriza ngo mugihugu c’urwanda nahonyene ahafiseyo aba fans benshi bakunda ibikorwa akora aho yaraye ashoboye kwironkera amahirwe adasanzwe mu kwiyumvirwaho nabamwe mu baririmvyi b’abanywarwanda basanzwe ari aba star bakunzwe cane mugisagara ca Kigali baragezweho nibo bamwihamagarira mukamuha ubutumire bwokuza kubafasha gukora Collabo y’indirimbo yabo nshasha agashiramwo amajwi yiwe agizwe n’imistari y’amajambo yiwe azoryohera  abantu benshi kumviriza.

14711510_1804106489834557_4149920080424027355_oUmuririmvyi Mkombozi  n’igihangange c’umuziki w’uburundi akaba yaraye  yinjiye Studio , k’umunsi wa gatatu kw’igenekerezo rya 12/10/2016 yaho i Kigali yigeze gukoreramwo ya ndirimbo yiwe nshasha yise” KUKI ? ” itaramara n’amezi abiri isohotse k’umugaragaro  ihinyanyuwe n’uwitwa HOLLYBAET niho ngo yaboneyeho umwanya wo kwitabira ubutimire bwabo ba star nyarwanda bakomekomeye mu muziki w’uburundi baciye batangura igikorwa cabaze nco gukorana COLLABO y’indirimbo nshasha ariko nabwo baraye bayihejeje yose kuyikora kuko hamaze gushiramwo amajwi abatarenga 3 kandi hariho abatashoboye kuyashiramwo kurubu muga bategerezwa guheza igikorwa biyemeje.

Mukiganiro yaduhaye umuririmvyi MKOMBOZI aho yashoboye kubitwiganira ingene igikorwa kiriko kiragidenda inyuma yaho wewe yaraye ashoboye gushiramwo amajwi y’imistari igizwe n’amajambo  adasanzwe azoryohera abanywanyi mu muziki w’uburundi n’urwanda hamwe naba fansa biwe icobamenyesha ngo indirimbo sirwiwe gusa wewe yaratumiwemwo kubafasha  yavuze ati  ari collabo yaba star ngaha i Kigali,bantumiye ngiye kunugamwo,utu grenades twanje tw’imistari ,ivyo akabayabishikirije k’umunsi wa gatatu wiyindwi yagomba agende kuririmba abafasha nkuko mwumvyise yavyivugiye ubwiwe.

14650155_1804106523167887_8719670455640064763_nUno munsi wa kane itariki 13/10/2016 niho  MKOMBOZI yongeye kuduha ikiganiro avugamwo ivyerekeye COLLABO y’indirimbo nshasha yaraye ahejeje igikorwa yari yatumiwemwo gufasha aba star bi Kigali ikindi yamenyesheje uwashoboye kumutimira kugenda muri Studio y’umuhinyanyuzi HOLLYBAET, kuririmba abafasha kugira izoryoheye muba fans babo bazoyumviriza imaze gusohoka nkuko yavuze ngo yari yagiye kunugamwo,utu grenades twiwe tw’imistari y’amajambo tuzokumvikanamwo tukabaryohera abazotwumviriza bose .

Mwomenyako MKOMBOZI  ari umuraperi bavyorosha mukuririmba arapura mundirimbo kandi  uwamutumiye ugende gukora iyi Collabo y’indirimbo nshasha naba star bo mu Rwanda ngo  ni umuririmvyi yitwa BAC-T akaba ari umuraperi akunzwe cane i Kigali ,yanakoranye n’indirimbo MORE FIRE ,hari  mumyaka yahera nabamwe muba star b’ibihangange vy’umuziki wa Tanzania , kandi bakunze cane kuyumviriza n’abarundi benshi  yabandanije avugako iyo Collabo irimwo n’umuraperi wa mbere w’umwigeme wi Kigali.

Nkuko abanyarwanda benshi bamumenyereye kw’izina rya YOUNG GRACE ,yari no muri Finale ya Guma Guma Super Star uno mwaka wa 2016 mu Rwanda harimwo n’uwundi,yitwa PHYLOSOPHE ,abandi nabo ngo ntibara confirma ariko abo 3 nibo bamaze kuyiheza kuyikora bashiramwo amajwi yabo harimwo nuno muririmvyi w’umurundi batumiyemwo iracabandanywa ikorwa  nabobatashobora gushiramwo amajwi yabo boba bazakuyashiramwo uno munsi ikindi yatwiganiye nuko Collabo y’indirimbo nshasha bariko barakora yamaze gutorerwa izina izoba yitwa “ARACEKA.”

KURIKIRANA MUKURABA AYANDI AMAFOTO AMUGARAGAZA Mkombozi ARIKUMWE N'UWASHOBOYE KUMUTIMIRA KUZA KURIRIMBA MURI IYI COLLABO 

14670812_1804106593167880_3527849009606078921_n14708243_1804106803167859_6439162751226589452_n

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s