SWAGG TEAM+257 baguteguriye indirimbo nshasha y’umuriro mukuryoha canecane aba fans babo izobaryohera kumviriza mbega urayiteze?


Umurwi w’abaririmvyi SAWAGG TEAM+257 basanzwe abakora umuziki w’uburundi bakaryohera abantu benshi canecane aba fans babo bakunda indirimbo zabo zitandukanye bagiye barumviriza kuva uwo murwi ukivuga nkuko abawugize kinogihe bari baheruka gusohora indirimbo yaryoheye abatari bakeya nayo yitwa “UMUSHUSHO” yarabiciye biracika mu bantu benshi bayumvirize aho haciye amezi isohotse k’umugaragaro sivyo gusa bibandanya bibanezereza kandi uno mwaka basanzwe ari 5  bakorera ibikorwa  vyo kuririmba mugihugu c’uburundi.

SWAGG TEAM+257  bakomeza kunezereza aba fans babo hamwe n’abanywanyi mu muziki w’uburundi aho witegereje indirimbo bamaze gusohora zose uno mwaka wa 2016 zigenda zigukundwa buri umunsi twovuga nk’indirimbo IGIPASA,UMUSHOSHO ,ikindi nuko hariho n’abandi bagize uwo murwi bari mubihugu bitandukanye vyohanze y’uburundi  kandi harimwo uwitwa LANIGHT  aherutse mwino minsi gusohora indirimbo nshasha yitwa” BUJA VILLE” irakunzwe cane goe mubariko bayumviriza buri umwanya.

13494880_1071001752992569_8148057087610607222_nKurub’umurwi Swagg Team+257 ugizwe n’abahungu  4 hamwe n’umukobwa 1 nibo bakomeje bakorera ibikorwa mugihugu c’uburundi bwabibarutse barashoboye kuryohera bidasanzwe abantu baguma bumviriza indirimbo UMUSHUSHO ninayo igizweho mundirimbo zabo nuko ngo vuba cane baragarutse n’iyindi indirimbo nshasha nayo barayimenyesheje aba fans babo kurindirana igishika cinshi izosohoka ari umuriro kubera iraryoshe cane gose kumviriza.

Nkuko Swagg Team+257 bavyivugira ngo  iyo ndirimbo yabo nshasha bagiye kuzosohora baramaze kuyitunganiriza neza abanywanyi mu muziki w’uburundi hamwe naba  fans babo bakavugako ije kubashwaramwo muminsi mikeya cane gose isigaye kugira ino ndwi turimwo ihere barabagabishije kuguma barikanuye bashinze amatwi mu kuzoyumviriza mundwi iza tuzotangura.

14520565_1156078621151548_6152401281992453549_nKandi hatarenze k’umunsi wambere bababwiye y’uko abazotangura kuyumviriza bazobe bari hafi y’iradiyo yabo bazoshire urushinge rwayo kw’iradiyo REMA FM mumasaha y’igitomdo guhera isaha zibiri.

Indirimbo nshasha ya SWAGG TEAM+257 ngo izobaryohera abantu bose bazoyumviriza nuko bagiye kuzosohora k’umugaragaro k’umunsi wambere windwi iza nuko bashimye kuyitorera izina ryitwa” WALE WALE “ ikazoba idasanzwe ije kubica bigacika mu fans babo inyuma y’indirimbo ” UMUSHUSHO” yabaryoheye cane gose nubu ikibandanya ibarwa neza ariko iyiyo izoza ari umuriro ukomeye cane.

WALE WALE ya Swagg Team ,imbere y’uko isohoka mwomenya y’uko ngo izoyirusha uburyohe  indirimbo Umushusho ,rero baramenyeshe abantu bose bakunda umurwi wabo kuguma bayirindiranye igishika cinshi cane gose kuko isango ni k’umunsi wambere itariki 17/10/2016 niho izosohoka kumpande zose haba mumaradiyo hamwe n’imbuga ngurakanabumenyi zitandukanye ntimuzotangwe kuba mubambere kuyumviriza canecane wewe wamu fans babo.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s