Mbega ukuri kurihe hagati ya SAT-B avuga kwarwaye CANCER hamwe nama MESSAGE zicanacanako muma ” GROUP WHATSAPP ” zivuga ngo ashaka kuvuma muri BUJA FLAVA?


Ibi nibimwe mubimenyetso vyama MESSAGE aguma acanacanako muma GROUP WHATSAPP inyuma yaho kuruyu wa mbere itariki 09/10/2016 aho umuririmvyi SAT-B yashoboye kumenyesha aba fans biwe ko arwaye indwara yakasere CANCER “ yabambwiye ngo :

14650643_1801000680111875_5403424347750365130_nAbo ba fans ba Sat-B bakibimenya vyarababaje cane kumutima hamwe na MAMA wiwe yamuvyaye yashoboye kurira amubwira ko icatumye ayirwara ari zirya micro aririmbiramwo boba bamuhayemwo ibintu ahubwo ngo atahe aveyo mugihugu c’urwanda atume aza mugihugu c’uburundi bwamwibarutse apfireyo.

Nuko kuno munsi wa kabiri itariki 10/10/2016 haciye hatangura kuboneka ama MESSAGE menshi atandukanye yerekanako yoba yariko aganira nabamwe mubagenzi  biwe tutashoboye kumenya amazina yabo nkuko izo MESSAGE bandikiranye ziriko zikwiragizwa muma GROUP WHATSAPP zikerekana ko uwo muririmvyi yoba ngo ariko akora icitwa SHOWBIZZ kandi kuno mwanya abanywanyi b’umuziki w’uburundi bari murayo ama Group Whatsapp bariko bazibona batanguye kumukurako amaboko barababaye cane kubona ashaka kuvuma aciye muri iyo nzira yo kubabesha ko arwaye indwara ya CANCER.

14642095_992368024208806_8061833424894868744_n

Ngibi bimwe mubiriko biravurwa n’abantu bamaze kubona MESSAGE nyinshi ziguma zicanacanako muri Group Whatsapp zerekana ko SAT-B aganira n’abavandimwe biwe nubwo umuntu atoshoka azifatiraho kwari ukuri canke ububeshi nuko zababaje abanywanyi benshi b’umuziki w’uburundi bazisomye  hariho uwavuze ngo:“Aba strar ndabatinya aho wosanga ari propagande ariko arakora kuko ndibuka umusi uwonyene SAT B yigeze kuduhenda ko ahevye umuziki ariko munyuma akavuga KO yashaka kubona abamwanka n’abamukunda uko nangana mwitondere amajambo aho wosanga ashaka bamwandike mû binyamakuru yamamare jewe sindavyemera ahubwo aduhe papier médical uwamenyereye kubesha iyo avuze ibintu ntituvyemera tutabitohoje.”

Nkuko twashoboye kumva amajwi y’umuririmvyi SAT-B yavuze ko arahantu yagiye gutora imiti y’indwara ya CANCER arirwariye mwomubwiriki umengo ariko arapingana nabo kandi ngo arafise impapuro zose ukozingana zo kwa muganga rero abantu bakore ivyobashaka.

Kubatarashobora kuzibona ngizisome MESSAGE ziriko zikwiragizwa muma GROUP WHATSAPP arimwo abanywanyi b’umuziki w’uburundi twashoboye kuzikurayo nkuko mubibona kuri iyishusho ” WALLPAPER MESSAGE” ivyerekana ko ari SAT-B aganira numuntu amubaza ko MAMA wiwe aguma aririra mugihe yumviseko arwaye CANCER.

14633094_1803219306589942_7371507903829987142_nSAT-B na CHRIS DIDDY40 

[11/10/2016 à 9:31] Chris Diddy40: vipi sat b nikweli bienye nasikiya
[11/10/2016 à 9:31] Chris Diddy40: ???
[11/10/2016 à 9:34] sat b:hahahahahahahaha
[11/10/2016 à 9:34] sat b: ni scandal kijana wangu
[11/10/2016 à 9:34] Chris Diddy40: uko fou weye
[11/10/2016 à 9:36] sat b: basi ndavuma aje?
[11/10/2016 à 9:36] sat b: watu wata wazaaaaaaa
[11/10/2016 à 9:37] Chris Diddy40: 😂😂😂😂😂😂😂😂😂
[11/10/2016 à 9:37] Chris Diddy40: siyo freshi lakini
[11/10/2016 à 9:37] sat b: usisarihi sasa chris di wangu
Mbega banywanyi mu muziki w’uburundi  ukuri kurihe hagati ya SAT-B yavuga kwarwaye CANCER hamwe nama MESSAGE zicanacanako muma “GROUP WHATSAPP“zivuga ngo ashaka kuvuma muri BUJA FLAVA?
Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s