AMAFOTO:-bamuhambanye iteka ”MAGIC ’w’umurwi”THE BROTHERS”aho mutoya wiwe KID ashimiye bamubaye hafi naba Journaliste FANNY Rtnb na KIVODO Rfm


Haraciye iminsi 5 umuziki w’uburundi ushoboye kubure umwe mu baririmvyi bakiribatoya bariko barubaka izina mubikorwa bakora mugushimisha aba fans biwe aho yarasanzwe ari mumurwi umwe nuwo bavukana ukaba witwa THE BROTHRES nuko abantu benshi bari bamuzi kw’izina rya MAGIC ariko amazina yiwe y’ukuri yahawe n’abavyeyi yitwa NDAYIKENGURUKIYE STYVE akaba yaramaze iminsi arwaye ariko yaje gucika mw’ijoro ryo k’umunsi wa gatanu mubucagucagu buca ari k’umunsi wa gatandatu.

Ubu ntakiri kurino isi yabazima yitavye umuremyi kw’igenekerezo rya  01/10/2016 niho vyamenyekana ko yapfuye bikaba vyarababaje abantu ,benshi canecane umuryango wiwe ariko rero yaraye ahambanywe iteka ridasanzwe hari muntara ya BUBANZA kandi abantu benshi bahaje bashoboye kwereka umuryango wiwe ko  bagumye bifatanije nawo mubihe bigoye barimwo twobamenyesha y’uko nyakwigendera  MAGIC yakora ibikorwa vyo kuririmba ashimisha abanywanyi mu muziki w’uburundi harimwo aba fans b’umurwi THE BROTRES yararimwo arikumwe na mutoya wiwe yitwa KID.

14566239_132829123846731_8562228346592568367_oRero kuruyu wa gatatu igenekerezo rya 05/2016 niho bamushingura mw’itongo ry’abapfuye ryaho i Bubanza akaba yasezerewe iryanyuma kubitaro bigize iyo ntara avukamwo kuwo munsi nyene harangwa amarira yuzuyemwo umubabaro udasanzwe ku muryango wiwe , ishuti n’abagenzi bose nubwo vyari bitoroshe mwuwomwanya bariko bamusabira ku Mana imwakire mubayo kandi bongera bavugako batazomwibagigirwa naho yashoboye kubasiga bakimukeneye bazomwamiza kumutima ikindi nuko hariho abantu benshi cane gose.

Nyakwigendera Magic bamuhambiye muntara avukamwo ya Bubanza ,aho bari abantu benshi caneeee bava mumihingo itandukanye yiyo ntara hamwe n’abandi baje bavuye muzindi intara ariko munyuma bamaze guheza kumuhambana iryo teka ridasanzwe nuko twashoboye kuyaga na mutoya wiwe Kid ubu asigaye arumwe m’umurwi bise The Brothers nuko avugako ashimira cane gose abo bantu bagumye hafi yiwe hamwe n’umuryango wiwe mubihe bigoye hanini baberetse urukundo rudasanzwe mukumuhambana iteka ridasanzwe.

14524404_132829180513392_847724604720133814_oKid yashimiye abantu bataribakeya bagumye bamufata mumugongo kandi ngo yabibonye n’igihe ahashingura  mukuru wiwe uko ikindi twamubajije ukuntu yavyakiriye kubona baje bari benshi cane kw’igenekerezo rya 05/10/2016 ,mubihe bigoye yaramazemwo n’umuryango wiwe ,gushika kuwo munsi bahamvyeko wo bavukana ngo bamuremesheje y’uko yokomeza kwihangana kuko Imana yamukunze kubamuremesha  aho ni mugihe barikobagenda kumushingurana iteka ridasanzwe mukuru wiwe nyakwigendera Magic.

kandi bamusabira ibisabisho vy’Imana imwakire m’ubwami bwayo rero umuririmvyi KID  yavuze ngo :”N’ukuri vyagenze neza cane kiretse yuko agahinda n’umubabaro mwinshi kandi hakaba hari  abantu benshi caneeeeeee Kand haje aba journaliste 2 bo mu Burundi ,muba journaliste bose bari batubwiye ko baza hakaba haje FANNY akora ku mboneshakure  y’igihugu c’uburundi RTNB hamwe na  KIVODO akora kw’iradiyo RFM nabashimye cane.”

KURIRANA MUKURABA AMAFOTO YEREKANA INGENE BAMUSHINGURANYE ITEKA RIDASANZWE  NYAKWIGENDERA UMURIRIMVYI Magic W'UMURWI The Brothers
14615750_132829310513379_2990380414067320868_o
UY’UMWIGEME MUBONA NIWE UMUMENYESHA MAKURU KAZI YITWA ” DJ FANNY ” WA RTNB

14595602_132829020513408_5233029242135599826_n 14485177_132829220513388_6545432143065757026_n 14612485_132829267180050_2368169181322517684_o 14556734_132829360513374_5163894844739369421_o 14500295_132829427180034_4499073315679521886_o14615750_132829310513379_2990380414067320868_o14494749_132829043846739_801690714255884147_n

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s