BIDONDO arameny’ibanga ngo ANZO MAFIA MNYAMA yamunyuruje amafaranga ya Concert Peace Bujumbura ya WCB niho akibonako LOLILO LIZZO yavuze ukuri


Inyum’aho igihangange c’umuziki w’uburundi ariwe Umuririmvyi  LOLILO LIZZO avuze ngo umuziki w’uburundi ntuzopfa uteye imbere  kuko bantu  abategura  Concert bagahagaza abaririmvyi bohanze y’igihugu c’uburundi icatumye abivuga nuko bari bahagaje abagize Label WCB y’abaririmvyi  bavuka mugihugu ca Tanzania ,niho gutanga kuvuga ukuri kwiwe agukuye kumutima y’uko babuze amafaranga yo kuriha Superstar Burundi bashima gutumiramwo Underground Burundi.

Bayifatanya naba Tanzania muguteramisha abantu  kw’igenekerezo rya 24/09/2016 twobamenyeshako haheze iminsi 9 harangiye yitiriwe PEACE BUJUMBURA bayikoreye kw’ihure INDEPENDENTE St Michel aho bari bahaze abo abaririmvyi ba WCB  nka HARMONIZE,RICH MAVOKO,RAYMOND nuko imbere y’uko itangura haramaze iminsi havurwa ko abaririmvyi n’abaririmvyikazi bakora umuziki w’uburundi.

14468385_538466256359907_1505232981027096744_o
     LOLILO LIZZO

Nka “BLACK-G,BEST LIFE MUSIC,THITY LOVE,ASHELY,MR CHAMPAGNE” bari batumiyemwo vyavuzweko bazoyikora at’amafaranga bahawe nubwo abayiteguye hageze aho baravyiyamiriza ngo sivyo bazobariha.

14238157_1208991352496682_8245074903396771376_nBigeze kubivugira munama nuko kuno munsi hashoboye kumenyekanako abo mu Burundi ntibigeze bahabwa agahembo kabo nkuko hibonekeje umwe muribo yatanguye kumena ibinga kandi ashavuye cane mukuvuga ko kuvaho bahejeje gukora Concert Peace Bujumbura baramwimye amafaranga yiwe yakoreye muri iyo Concert uwo suwundi ni umuririmvyi G.BIDONDO nagashavu karaniga  ngo bayiteguye aba WCB baramwinye agahembo kiwe  abraafona kuri telephone ngo kuva itariki 24/09/2016 yayikoreyeko ntanurumeya baramuha ahubwo ngo baguma bamuhunga.

G.Bidondo nkuko avyivugira mukudoma urutoke kuwari yarafashe atumira abaririmvyi n’abaririmvyikazi basanzwe bakora umuziki w’uburundi mugushirwa muri Concert Peace Bujumbura  iherutse kubera kuri INDEPENDENTE St Michel nkuko yitiriwe abagize WCB uwo muntu yitwa ANZO MAFIA MNYAMA niwe hanini yabahagaje hageze igihe amunyuruza amafaranga bavuganye kugira aze kuyikora Concert nuko yavuze ari mubatashoboye kumva ukuri kwa LOLILO LIZZO ca gihe asemerera ngo abayiteguye boba barabuze amafaranga yokuriha aba Superstar Buburundi.

12509852_1496077747366901_2300794453736576468_n
BIDONDO

Nkuko bitanguye kumenyekana aho umwe mu baririmvyi bo mu Burundi baribaratumiwe gukora Concert Peace Bujumbura basanzwe bari mugisata ca WCB nkuko bimenyesha  G.Bidondo ngo baramunyuruje amafaranga yiwe yakoreye mugihe bayumvikanye,ikindi kiriko kiravurwa nyuma yiyo Concert imaze iminsi yararangiye hariho n’abandi batarashobora kuyaronka, kakanya nuko umwe murabo aramenye ibanga aremeza neza ko ababaye cane kubona Anzo Mafia Mnyama amufona kwi Terephone ayamwishuza igitangaje nuko ngo bamubwira ko ijimije.

G.Bidondo ngo ubu aricuza yashoboye kurondera  Lolilo Lizzo amwiganirako amushigikiye kuvyo yigeze kuvuga botokwirahira gukora Concert Peace Bujumbura yaba WCB batabanje kubariha amafaranga imbere yokuja kuri Scene akaririmbira ngo aricuza cane.

13428587_1145504778845340_577446737453977444_n
Uyu niwe ANZO MAFIA MNYAMA avurwako yanyuruje amafaranga y’abaririmvyi n’abaririmvyikazi bakoze Concert Peace Bujumbura yaba WCB kw’igenekerezo rya 24/09/2016 ahitwa ECOLE INDEPENDENTE harimwo G.Bidondo

Mbega nk’umunywanyi w’umuziki w’uburundi ukwirikiranye ay’amakuru agezweho y’umuziki w’uburundi mukumenyekana y’uko uno muririmvyi yanyurujwe agahembo kiwe yakoreye wohanura iki abayitunganije nka Anzo Mafia Mnyama yagirizwa kunyuruza amafaranga abaririmvyi n’abaririmvyikazi bo mu Burundi bari muri Concert ?

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s