N.JOHN MELODICA mundwi zibiri azobashikiriza VIDEO yiwe nziza nshasha ntimuzotangwe yatanguye imyiteguro na JUMA PRO SYSTEM


Umuririmvyi N.JOHN MELODICA aramaze hafi amezi icenda ari mugacerere adashikiriza ibikorwa bishasha aba fans biwe mu gukora umuziki w’uburundi abaha indirimbo nshasha akazikorera Video nuko ngo ntahoyigeze agenda canke ngo  ahagarike ibikorwa vyiwe ahubwo yariko arabibategurira icogihe cose yaramaze batamwumva akajwi kiwe akabaryohera iyo bakumvise mundirimbo ikindi arabamenyesheje ko yagarutse yaje aziriye ko n’ibikorwa bishasha.

Kandi bizobanezera cane muvyitegurira canecane kuno kwezi turimwo agiye kugukoramwo ibitaribikeya muminsi 4 isigaye kugira kurangire akazobibandanya ukwezi kw’icumi mwuno mwaka wa 2016.

14480497_2182758145336071_2388190802482678357_oN.JHON MELODICA nkuko yigeze kwishikira mugihugu ca KENYA  kubera ubuzima bwiwe bwaribubangamiwe hari umwaka wa 2015,ahamarayo amezi menshi ahakorera umuziki w’uburundi ndetse yanashoboye gusohorerayo indirimbo zitarinkeya harimwo na Video rero aributsa aba fans biwe ivyobihe vyose yaciyemwo ari muri icogihugu araziko vyabanejereje canecane mukumva ibikorwa yaguma ahakorera abibashikiriza k’umugaragaro aho twovuga ko yahasohoreye nk’indirimbo  yise” MY LOVE ,HAKUNA MAHALI”yongera ahakorera na Video yiwe y’indirimbo yise”NSEKERA”

Uno muririmvyi N.JOHN MELODICA ,twabamenyesha y’uko mwunomwaka wa 2016 ntarasohora indirimbo nimwe canke Video yayo ,anezereza aba fans biwe ndetse n’abanywanyi mu muziki w’uburundi nkuko twabibamenyesheje ubwambere ko yaramaze amezi hafi icenda ari mugacerere muga ngo ubu yamaze kukavamwo akazanyemwo igikorwa gishasha kizobanezera muminsi irimbere akavuga ko kinogihe kwariko aritegura neza kugira ashobore gutangura gukora Video nshasha y’indirimbo yakoreye mugihugu ca KENYA.

Aramenyesha y’uko kuno kwezi turimwo kw’icenda kugomba kurangire agutanguyemwo imyimenyerezo ikomeye cane yo gukora Video nshasha y’indirimbo HAKUMA MAHALI igiye kuzoshobora gukorerwa muntara ya MUYIGA asanzwe abamwo hanini ngo ayikoze kubera ngo ashimishe aba fans biwe akambwira ko botangura kuyitegurira neza kuzoyiraba kuko ntakwezi izomara itarabashwaramwo hama bayirabe kandi izoba isukuye neza ifise amashusho meza.

14424710_2182758192002733_4231111233572652286_o

Video nshasha y’indirimbo HAKUNA MAHALI y’umuririmvyi N.JOHN MELODICA agomba kuzosohora mu kuyizanira aba fans biwe nkuko yabimenyesheje nuko azoyikorera k’umuhinyanyuzi akora Video azwi kw’izina rya JUMA PRO SYSTEM arangira abateguza ko boyirindira mukiringo c’indwi zibiri zonyene niho azoca ayisohora k’umugaragaro batangure kuyiraba muga ngo ubu vuba cane azobereka amwe mumashusho azobayigize baraguma hafi araziko batazobamaramaza.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s