BIBABAJE ABANTU BENSHI BASHITSE MURI CONCERT “Peace Burundi” ya WCB kw’ishure Independente kuko ntibaranashika mu Burundi


Ubu turi isaha indwi (13H) zirenga uno munsi wa gatandatu birazwi ko hariho Concert yitwa PEACE BUJUMBURA aho abayitunganije bahagaje abaririmvyi 3 bitwaRICH MAVOKO , HARMONIZE , RAYMOND ” bo muri TANZANIA bigize ” LABEL WCB “  bazoza mugihugu c’uburundi ,guteramisha abantu bahaba.

Twarabibamenyesheje ko tutazokwemera kurorera abantu boza basubiza inyuma umuziki w’uburundi nkibirengeaho kuwuteza imbere bashima gushira imbere inyungu zabo nuko ngo abantu benshi barabajwe kubona iyo Concert yategekanije kwiza gutangura isaha zitandatu ( 12H) nkuko mubibona vyanditsweko kuri AFFICHE.

fb_img_1474715215203

Mwomenya ko abaririmvyi RICH MAVOKO , HARMONIZE , RAYMOND bategekanije kuba bari mu Burundi hakiri kare kwitegurira CONCERT yabo bazagukora kuno munsi wa gatandatu itariki 24/2016, nuko batarashobora kuza mugihugu c’uburundi ngo bahashika isaha icenda (15H) bavuye muri TANZANIA.

Abantu benshi kuno mwanya agashavu karaniga bamaze gushika kw’ishure INDEPENDENTE kuno mwanya hamaze kugera isaha 12H bamwenyeshejwe  hazakubera Concert Peace Bujumbura ya RICH MAVOKO, HARMONIZE, RAYMOND ba WBC nuko ngo ikiriko kibabaza cane ni amafaranga yabo batakaje barahanura abatunganije iyo Concert kwisubirako bakaza bakurikiza amasaha nogushikana kare abaririmvyi b’abanyamahanga bazanye mu Burundi bakahashika hasigaye nk’iminsi 2 canke 3 kugira concert ibe nabo baronke akaruhuko.

Ubu amakuru dukura kw’ishure  INDEPENDENTE turiko dushikirizwa nabodukorana  bamenyeshako abantu bahashitse atari umurengera ariko ngo bariko baridoga cane  ntibabitahura ukuntu abo baririmvyi bo muri TANZANIA bazagushika mu Burundi barushe cane  kandi Concert izaguhera isaha cumi na zibiri z’umugoroba (18)  nabo bahashika barushe kubera urugendo bazakuba bavuye nkuko uno mwanya batarashika mu Burundi kuko harya ngo urugendo naho rwoba ruto ruraruhisha.

1474716760192

Turangize tubamenyesha ko HARMONIZE  muminota itano iheze niho ahejeje kumenyesha kurubuga rwiwe ko ubu bariko baraza barimunzira mu kurira indege izakubashikana kukibuga c’indege ca Bujumbura nkuko hamaze kumenyekana isaha bashikira ko ni 15H.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s