Manager KIYOYO JUMA wa BIG FIZZO amenyeshako bazojana mugihugu c’AMERICA mubiteramo vya”USA TOUR”menya itariki bazogirako


Inyuma y’iminsi mikeya gusa hamenyakana y’uko nca gihangange mu muziki w’uburundi hamwe n’akarere k’Africa y’ubuseruko azwi nk’umuririmvyi BIG FIZZO kwagiye kuzokurira indege izomushikana mugihugu c’AMERICA ,kuhakorera ibiteramo vyitiriwe  “USA TOUR BIG FIZZO” nkuko abantu benshi bamukurirana cane mundirimbo asohora  k’umugaragaro,bavyishimiye cane canke abafashije abandi.

Ndeste akunda kugenda mubihugu vyaburaya gukora ibikorwa vy’umuziki wiwe ajanyweyo numu Manager wiwe azwi cane kw’izina rya KIYOYO JUMA.

Ubu ariko aritegurira neza urugendo mu kuzogenda muri America , ntakindi azobagiye gukora atari ibiteramo bitandukanye nkuko yahamagajwe n’ishirahamwe ryitwa “BGB PRODUCTIONS ” bimenyeshwa uwitwa PAPY BONGIBO muguhitamwo kubitorera izina” USA TOUR ” aho ngo bizokwitabira abantu benshi bahaba  mu kuzunguruka ibisagara bizwi nka” ATLANTA , WASHINGTON D.C , CHICAGO , NEW YORK , LOS ANGLES, BOSTON, PORTLAND MAINE.

14432982_10211044697172818_431020261190633001_nKandi nawe yatanguye kubimenyesha aba fans biwe babayo aho yababajije y’uko bamwiteguriye kuko azokwatsa umuriro udasanzwe w’indirimbo nyinshi yabateguriye kuzobaririmbira imbere kuri Stage.

Kuno munsi amakuru agezweho mu muziki w’uburundi twashoboye kuronka yumu Manager KIYOYO JUMA wa BIG FIZZO yamenyesheje y’uko azomufata mumugongo nkuko abimukorera mubiteramo vyinshi akunze kumutegurira iburya nkuko vyitabirwa cane n’abantu abakurikirana ibikorwa akora vy’umuziki rero aravuga ko azobarikumwe muri America  kandi ni mukwezi kuza kw’icumi niho bazokurira indege izobashikanayo.

14332967_10205457311152343_2830353355491980491_nKandi  kino gihe ubu babarizwa mugihigu c’ubufaransa ” FRANCE” niyo bariko baritegura neza kugira bazoshobore kurira indege izobakurayo ibajana mugihugu ca America , neza na neza ntakizohikunda kuko baramaze gukatisha itike y’indege aho  Manager Kiyoyo Juma  hamwe n’umuririmvyi wiwe ariwe BIG FIZZO  ngo bategekanije kuzoyurira itariki 25/10/2016.

Ik’igihangange BIG FIZZO , kurubu  akomeje kubimenyesha aba fans biwe bose aho bava bakagera bari mugihihugu c’America y’uko bamwitegurira kuriyo USA TOUR kubera ni vuba cane arabashikira canecane abari ATLANTA , WASHINGTON D.C , CHICAGO , NEW YORK , LOS ANGLES, BOSTON, PORTLAND MAINE arangiza ababaza  y’uko biteguye guhurira nawe mubiteramo azokorera muri ivyo bigasaraga 7 bidasanzwe bazobarimwo.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s