MARLY bavugako ari mukurundo na EMERY SUN ngo yoba amubakikanyana BIENV-FIZZO birakomeye ukwari 3 murabe iy’ifoto ibaryanishije


Birakomeye cane gose hagati y’abantu 3 ariko havuyemwo 2  bakora umwuga umwe wo kuririmba kugira bateze imbere umuziki w’uburundi bongera bitezimbere bashobore gushika ku ntabwe nziza, rero abo akaba ari umuririmvyi BIENV-FIZZO ,n’umuririmvyi EMERY SUN hama uwundi nawe ni Umukobwa umwe akaba ngo yahora ari agendana nabo cane gose kandi abantu bahora babona bakagira amakenga ko yoba abavanga uko ari babiri muga ngo ntibigeze babimenya bose aho kuruyu wakane hashoboye kumenyekana ukuri.

Ay’amakuru niyo agezweho mu muziki w’uburundi yabano baririmvyi babiri hamwe nuwo mukobwa nuko hagati yabo batariko bacana uwaka ahubwo amashamba yashushe umwe wwese yabuze icoa afata nico areka kuko bahora bamugendana bose ahantu bose bari kenshi wasanga barikumwe baryohewe rero ngo uwo mukobwa akaba akunda cane gose umuririmvyi EMERY SUN ariko umuririmvyi Bienv-Fizzo  ngo amufata nk’umugenzi wiwe bisanzwe kuko bayaga cane gose bagasoneranirana mugihe baba barikumwe baryohewe mu gutera inkuru.

14183744_1779361558968784_3673828368981955475_nUwo mukobwa yitwa MARLY yarazwi cane kwasohokana n’umuririmvyi EMERY SUN nkuko abantu bamwegereye babishikiriza nuko ibisanga vyabaye ibisanga hagati y’abaririmvyi bisanze bahora basangira umukobwa umwe batabizi,ikintu kiriko kiratangaza cane hashoboye kuboneka ifoto iragaragaza ukuri niyo yaje gutanga ukuri aho umwe murabo yibajije ko bahora bamusangira bose,rero ubu nabwo biriko bigenda neza kuko Bienv-Fizzo akomejwe gushwanirwa cane nuwo mukobwa.

Kubera ibintu vyagiye k’umugaragaro kuko ntiyashaka ko bimenywa na Emery Sun ,amakuru tumaze kuronka twashoboye kuboneka ifoto yerekana  Bienv-Fizzo na Marly, bicaye ku ntebe hama uwo mukobwa Marly nawe amwicaye hagati y’amaguru yiwe nkuko muriko murayibona namwe ngaho niyo iriko izana ukuri kudasanzwe vyanatumye Umuririmvyi Emry Sun ababona barikumwe niho yaje kwisanga ko yahora bamusangira ari 2 ,nkuko amatohoza twakoze hirya nohino.

14370412_2180270832251469_7707176787607162265_nMarly bivurwa ko kwari umukobwa akundana n’umuririmvyi Emery Sun,ngo kuruno mwanya yumva mwanka cane gose umuririmvyi Bienv-Fizzo kubera ngo iriya foto barikumwe amwicaye hagati y’amaguru yiwe yatangure gukwiragizwa ahantu hose kumubuga ngurukana bumenyi ubu  ibifu yaciye itangura kumpande zose uko ari batatu hanini ngo uwo Bienv-Fizzo niwe yagiriwe ibifu ikomeye nuwo mukobwa kubera Emery Sun amaze kubona ifoto yibajije ko yahora amuvanga ngo yabashavuriye cane gose nibariko bumvikana,ivyo bivurwa nuy’umukobwa.

Twagerageje kumurondera umuririmvyi Bienv-Fizzo twahavuye tumuronka mu kumubaza impamvu MARY yemeza ko bakundanye n’umuririmvyi Emery Sun y’uko ibiriko bivurwa ko amufitiye ibifu ikomeye inyuma yo gukwiragizwa hose ifoto yiwe barikumwe ,aho yatwishuye  irahari  kubera yamushavuriye cane mu yibajije ngo niwe ifoto  yasohoye ikindi ntiyaka ko  Emery Sun ,abimenya bagahava batumvikana murukundo rwabo.1916175_983975514971858_6530851533594207652_nUmuririmvyi Bienv-Fizzo bamufotoye arikumwe na MARLY avuga ni abagenzi vyonyene ntabindi bakora birenze ubugenzi kuko n’umunsi w’avuko yiwe yaragiye kumushikirira ahubwo vyamutangaje kumva abariwe na Marly y’uko asohokana n’umuririmvyi Emery Sun kubera wewe ntavyoyarazi ariko ikiriko kimutangaza cane nuko uwo mukobwa yahise amugirira ibifu ikomeye kubera ntavyoyashaka ko umukunzi wiwe kwabimenya icaje kubimumenyesha n’ifoto imwerekana yicaranye na Bienv-Fizzo ,yatumye na Emery Sun ngo amushwanira bikomeye.

Twarangiza tubamenyesha ko tukiriko turamurondera Umuririmvyi Emery Sun, agire icavuze inyuma yo kumumfuma umukobwa Marly basohoka mu kumubona kw’ifoto arikumwe n’umuririmvyi Bienv-Fizzo ,vuba cane tuzoshobora kubamenyesha ico yabivuze.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s