KADDY GEY ntavyorosha akorera umuziki w’uburundi ari mugihugu citwa Belgique abazaniye Video nshasha izosoka


Umuririmvyi KADDY GEY numwe mu baririmvyi b’abarundi bari hanze y’igihugu c’uburundi kandi bakorera umwuga wo kuririmba mugihugu citwa Belgique kandi mwakino gihe ntavyorosha avyifatamwo neza mu gukora neza umuziki w’uburundi awumenyekanisha muri ico gihugu kandi baramwemera cane gose abantu baho haba abazungu canke abarundi bagenzibiwe bakurikirana cane indirimbo ziwe akora agasohora buri umwaka nuko ngo ubu abatari bamuzi musanzwe muba mu Burundi bwabibarutse.

Nkawe abamenyesha ko vuba cane hariho igikorwa gishasha abazaniye kizobashimisha kandi ico gikorwa ciwe gishasha aheruka kugikora uk’ukwezi kw’icenda kijanye n’umuziki w’uburundi akomeza gukorera mugihugu ca Belgique rero hanini ngo hariho indirimbo yiwe nshasha yamaze guheza gukora kandi izobashikira muyumvirize arizerako izobaryohera cane gose abarundi n’abarundikazi ico mwomenya aje atavyorosha azananye umuvuduko kuko azobatangaza kubera iyo ndirimbo yarayikoreye amashusho mashasha agezweho akozwe n’ubuhinga bukomeye cane bushimishije.

14446038_2179670878978131_6595386648877112140_nUmuririmvyi Kaddy Gey nkuko abibamenyesha abanywanyi mu muziki w’uburundi abambwiye y’uko kurubu yashoboye  gutangura kubaryohera abazaniye ubwambere Audio yayo mwumvirize y’indirimbo yiwe nshasha yitwa ” TAS BEM “ kandi arazi ko muzotayigaya nimwayumva kuko ngo iraryoshe cane bimwe bidasanzwe akaberekako naho ari ibulaya akomeza aduza ibendera ry’igihugu c’uburundi bwamwibarutse mu kubumenyekanisha abicishije mu kuririmba niyo mpamvu yakoze ibikorwa bibiri.

Nkuko mwamaze kuvyumva y’uko indirimbo yiwe nshasha idasanzwe igiye kuzobaryohera abantu bose bazoyumviriza yise ” TAS BEM” yayikoreye Video nshasha nayo nyene vuba igiye kuzobashikira mutangure kuyiraba muga twabamenyesha ko yavuze ko Audio yayo ariyo mwotangura kumviriza ubwambere kugira muryoherwe ariko muzoshobora kuyumva k’umugaragaro muri iyi indwi nyene twanguye niho azoca ayirekura hanyuma  ngo ntimuzocikwe itariki 29/09/2016 azosohora Video yiyo ndirimbo.

Ikaba imaze guhezwa gukorwa ahasigaye ko ayibazanira k’umugaragaro akavuga kandi ko yayikoreye mugihugu asanzwe abamwo arico Belgique nkuko mubibona kuriyo shusho yiwe ivyerekana ko ihari yakoreshejemwo ibibanza bitandukanye atibagiye nk’abakobwa ashiramwo vyinshi muzovyibonera ni vuba cane mutangure guharura iminsi isigaye kugira ko muyirabe ivyo akabimenyesha abanwyanyi bose bakunda umuziki w’uburundi aho bari bose mubihugu babamwo atigiye abari Belgique mwese nticobacike kuraba.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s