LOLILO LIZZO amenyesheje abantu bari Africa du Sud n’ahandi bafate DSTV chanel 261 kuva isaha 8H25 bazorabe Video yiwe nshasha” NYIBUTSA izoca kuri 1KZN TV


Igihangange mu muziki w’uburundi mwamenyereye kw’izina ryiwe ry’uburirimvyi LOLILO LIZZO  kuvaho haheze iminsi ine yonyene asohoye Video yiwe nshasha y’indirimbo NYIBUTSA ngo aguma abona intabwe idasanzwe imuzanira kubera ikomeza kumugirira akamo nini yatanguye kumushikana kure cane hanze y’uburundi bwamwibarutse ubu bagiye gutangura kuzoraba aba fans biwe basanzwe baba hanze y’igihugu nkuko abasanzwe bari mu Burundi bakomeze kuyikunda banavuga ko ari Video nziza cane gose yayikoze neza barayishima.

Umuririmvyi Lolilo Lizzo avuze y’uko Video yiwe nshasha y’indirimbo” NYIBUTSA” igiye kuzokwerekanwa mumboneshakure zikomeye cane gose ziri mugihugu c’Africa du Sud agasaba aba fans biwe basanzwe ariyo bari y’uko botangura kuza barazikurikirana mukuza bayiraba iyo Video yije itavyorosha mu muziki w’uburundi ariyo ikomejwe kuvurwa cane kuko ikoze neza niyo ntambwe ishoboye kumugeza ko akaba yanashoboye kubaha isanga boshobora kuba bari hafi yama TV bafise munzu.

maxresdefaultMukiganiro twahawe n’umuririmvyi Lolilo Lizzo  yashoboye gutera akamo aba fans biwe atibagiye abanywanyi bose bakunda umuziki w’uburundi bafise  DSTV chanel 261 ko ariho hazocishwa Video yiwe nshasha y’indirimbo Nyibutsa, ntakizohinduka nuko izokwerekanwa neza cane ijana kw’ijana ku mboneshakure ikorera mugihugu ca Africa du Sud isanzwe yitwa 1KZN TV.

Arabamenyesheje uno munsi hakirikare abantu muzi ko ariyo baba  ntiyibagiye nabari mu Burundi ntibazotangwe k’umunsi w’ejo wa kabiri itariki 20/09/2016 barafata  DSTV chanel 261 guhera igihe c’isha zibiri n’iminota mirongo ibiri n’iminota mirongo ibiri n’itanu “8H25 “za gatando no ntibazotangwe gushira kumurongo wiyo mboneshakuru bakaba bamaze gutanga amasaha bazoshobora kuyekana nkuko nawe yaciye abimenyesheje aba fans biwe.

c-e65398bad6bad65a3fbb5357892ddb46-1Hamwe n’abanywanyi mu muziki w’uburundi haba abari mu Burundi canke hanze y’uburundi nka Africa du Sud nuko ngo mwese mwoba mwamaze gushira kuri 1KZN TV mukoresheje DSTV chanel 261 kuva ayo amasaha nyene yabambwiye niyo bazotangura kurabira ko Video yiwe nshasha y’indirimbo NYIBUTSA uzoba ari umunsi udasanzwe kuraba aho urwego agezeko nkuko bizogaragara kuwo munsi amasaha ya gatondo.

Nkuko muvyumvise abanywanyi mu muziki w’uburundi mwari mumaze iminsi muraba Video nshasha y’indirimbo Nyibutsa y’umuririmvyi Lolilo Lizzo aheruka gusohora nuko mwoshobora kuziduka hakiri kare abafise DSTV chanel 261 muzoshobora kubonera n’amaso yanyu abakora ku mboneshakuru 1KZN TV guhera isaha zibiri n’iminota mirongo biri ni itanu niho ikokwerekanwa mukeneye kuvyibonera neza ntimuzotangwe gukirikirana iyo mboneshakuru ikomeye cane  yo mugihugu ca Africa du Sud.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s