LOLILO LIZZO yiyamirije ISMAIL NIYONKURU kuki bayerekanye Video yanje”NYIBUTSA” ku mboneshakure REMA TV yabo kwavuga nagize Copy iryo n’ishari afitiye?


Inyuma y’iminsi itatu hasohotse Video nshasha y’indirimbo NYIBUTSA yakozwe n’igihangange mu muziki w’uburundi muzi nka LOLILO LIZZO  aho yanejereje abantu benshi bayiravye mugushimishwa cane n’igikorwa yikoreye mu kandi iryoheye ijisho imeze neza cane bagenda baramutera intege ko abemeje cane abandanye abazanira n’izindi nyinshi ariko rero munyuma haciye hatangura kwibonekeza abandi bavuga ko yoba atayikoze neza bagiye baramutora utunenge abandi ngo yagize ivyitwa COPY mu bandi abaririmvyi batari abarundi bakoze Video yabo ngo ifitaniye isano muri iyo Video yiwe.

 LOLILO LIZZO amaze kumenya ko hariho abantu bashaka kumuhonyangira agateka kakazi kiwe akora mu muziki w’uburundi kari kajanye n’igikorwa yakoreye Video yiwe nshasha y’indirimbo NYIBUTSA amaze kuyisohora nuko aba fans biwe bayakiriye neza ntabari abiwe kuko baboney ko imeza neza ariko ngo ubu aratangazwa cane numwe mu bamenyeshamakuru bakorera iradiyo Rema Fm yaha mugisagara ca Bujumbura ariwe yishize imbere mu kumudoma urutoke kuri Video Nyibutsa,avuga ko atayikoze neza yongera amusuzugurura uwo akaba azwi kw’izina rya ISMAIL NYONGURU ico twabamenyesha ko yavuye mu gacerere amwiyamiriza n’abandi bariko bavuga ko yayigiriye COPY.

10550046_283664551840080_7579022320270539808_oAhavuye ava mugacerere mu kugira ico avuga kuvyagiye biravurwa na Ismail Niyonkuru, igihe iyo video yasohoka niho ngo yaciye atanguye kuyivuga ko vyinshi amubarira ko atazi gukora Video kandi ngo amushusho yose yashizemwo ntiyakoze neza nuko uy’umunsi nyene amenyesha ko ivyo biriko bivurwa vyama Copy ndetse nivyavuzwe nuwo akora kw’iradiyo Rema anegura Video yiwe nshasha y’indirimbo NYIBUTSA , ngo icazi nuko atigeze akora Copy k’umuririmvyi numwe haba uwohanze y’igihugu c’uburundi canke uwo mugihugu.

Uno muririmvyi Lolilo Lizzo ,nyene Video nshasha y’indirimbo NYIBUTSA, aramenyesha aba fans biwe ko arikumwe nabo kandi igikorwa yakoze ciyo Video cagenze neza cane ahubwo ngo uwo ISMIAL NIYONGURA kw’iradiyo Rema Fm ,aramaze guhinyurwa n’abanywanyi benshi bakunda umuziki w’uburundi ikindi naco yagiriye avuga ngo ko bariko ayivuga nabi Video yiwe aheruka gusohora k’umugaragaro kwaguma abona iguma yerekanwa ku mboneshakuru yabo ariyo REMA TV kuki  barekana? ngo iryo n’ishari gusa kandi ikivyekena ngo kwarifise naho yatanguye kuvuga ko ari Copy yagizemwo nubwo biriko aramwiyamirije cane.

Lolilo Lizzo avuga ko Ismail Niyonkuru  ivyo avuga vyose kuri Video yiwe nshasha y’indirimbo NYIBUTSA ,ni kubera afise ishari niryo ririko rituma ayivuga nabi  iyi Video kandi ntiyibagiye kumunyesha abanywanyi mu muziki w’uburundi , mwomenya neza kwatigeze agira Copy nimwe nkuko biriko biravurwa nuwo mukozi w’iradiyo Rema F.m icomubona ko hanini nuko vyose abivuga kubera afise ishari rya Video yiwe kuriwe ntaco bimubwiye kuko aramaze  guhinyurwa n’abantu ntareke kwitwaza ibintu vyama Copy.

Mbega nk’umunywanyi w’umuziki w’uburundi ushimishwa n’ibikorwa vyuwo muririmvyi w’igihangange aho umaze kubona neza n’amaso yawe,Video NYIBUTSA hoba harimwo utunenge wayitoyemwo twotuma uyivuga nabi canke harimwo Copy Video y’uwundi muririmvyi wumurundi canke wohanze cangwe nkuko uvyumvise avuze ko Ismail Niyonkuru ivyakomeje kuvuga vyose ngo ariko abikorana ishari amufitiye hari ico wo muhanura ukurikije ukuntu yiyamirijwe nanyeneyo LOLILO LIZZO ?

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s