N.T KADHAFI abateguza kubumvisha indirimbo yiwe nshasha mu mwaka wa 2017 yakoranyena n’umuraperi mugenziwe RIDERMAN wo mu Rwanda


N.T KADHAFI ni umuraperi w’umurwi w’abaririmvyi ” OVERDO TEAM “ukunzwe cane kino gihe n’abantu mugihugu c’uburundi,bavukamwo kandi niho mu kubandanya abanezera aba fans biwe aho ni nyuma y’indirimbo yiwe ” SUKA” yabiciye biracika mu bayumviriza akiyisohora  yabanejereje cane kuri rap n’amajambo yaririmvyemwo ashimisha nkukoo yayikoze uno mwaka turimwo hariho abari batanguye kwifotoza  amafoto bafise amacupa arimwo inzoga bavuga ngo” SUKA TUNWE” kuko iryo jambo ariryo rigaragaramwo cane muri iyo ndirimbo rirabanezera cane kumva.

Umuririmvyi N.T KADHAFI aramaze iminsi itarimikeya avuye mugihugu kibanya c’urwanda kuhakorera ibikorwa vyiwe vy’umuziki w’uburundi ngo icamujanyeyo gikiru gusumba vyose ni gukora indirimbo yiwe nshasha abonako izomushikana kurwego rukomeye cane mu baririmvyi bakora umuziki warape muri East Africa akuvuga ko yayikoranye numwe mu baririmvyi b’abanyarwanda b’iibihangange mukurapura ” RAP” kandi bagezweho cane amenyerewe kw’izina ry’uburirimvyi RIDERMAN atavorosha arameze y’uko aba fans biwe batazokwidoga nibamara kuyumviriza ayisohoye k’umugaragaro.

14212190_1119026851498802_8341662180517490972_n (1)Aba fans ba Overdo Team mukunda N.T Kadhafi ukwakora indirimbo zibaryohera tangure kuyitegurira kuzoyumviriza muri benshi cane iyo ndirimbo yiwe nshasha arikumwe na Riderman  wo mu Rwanda muzokumva ubuhinga bukomeye yakoresheje mukuririmba bizoba bishushe ngo uno mwaka ategerezwa kubereka urwego agezeko nogutera intabwe kwiye mugukora  umuziki w’uburundi awukwiragiza mubihugu vyose atibagiye kuwumenyekanisha nkuko y’atanguriye mugihugu nca hafi  c’urwanda kuriwe n’iteka ridasanzwe k’umurwi arimwo nka OVERDO TEAM ibihe vyose.

Yongera akorana n’abaririmvyi batandukanye bagize bakarere k’Africa y’ubuseruko yaberetse akarorero yashoboye mugukorana indirimbo iryoshe cane izoba yingirakamaro kuriwe hamwe nomuba fans biwe araziko bazoyakira neza ikindi kandi ikizobaryohera cane nuko ashobora kuzoyisohora muntango z’umwaka uza wa 2017 nkuko izina yayitoreye iyiranga igikuru nuko ngo abantu mwoba muyishaka kuzoyumviriza muraguma muyirindiranye igishika cinshi izobashwaramwo  kandi n’indirimbo idasanzwe ikozwe mubihinga bugezweho.

14218434_1119409891460498_929983487_nNgo nk’umunywanyi w’umuziki w’uburundi ushoboye kumenya ko uno muririmvyi w’umurundi asanzwe ari umuraperi wa Overdo Team kubona yiyumviriye kuva mugihugu c’uburundi bwamibarutse akagenda mugihugu c’urwanda mu kwitanga agakorana indirimbo n’umuririmvyi waho akomeye cane uvyakiriye gute canke hariho ijambo womubarira umutera intege mu kubandanya akorana ntabatari abaririmvyi b’abanywarwanda bakora umuziki mubihugu vya East Africa canke uri mu bantu barindiranye igishika cinshi mu kuzokumviriza iyo ndirimbo yiwe nshasha yakoranye na Riderman?

N.T KAHDAFI yashimishije aba fans biwe nab’umurwi Over do Team arimwo ngo vyabaryoheye cane kumva ko yakoranye indirimbo yiwe nshasha ije ukurikira”SUKA “muguhitamwo kuyikorana n’umuririmvyi Riderman kandi bamwemera mu kuririmba barizera ko izobaryohera bayumvise niyasohoka ,hama bavuga ko bavyakiriye neza baguma basaba mgo ayinyarutse nuko ubu baramenyeshwa y’uko yayise“BONNE ANNE YA RAP” niryo zina yashimye kuyitorera arikumwe nuwo muririmvyi wo mu Rwanda.

UMVIRIZA INDIRIMBO Suka By N.T KADHAFI
Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s