IMPANO VIDEOZ iriko irakora Film nshasha y’ikirundi yitwa”ISEZERANO” ya KIDUM KIBIDO arikumwe na THE GIFT FILMS SOCIETY na RALLY JOE ngo izobashwaramwo ngay’amafoto mumyiteguro barimwo


Haciye iminsi hatanzwe umuco n’igihangange mu muziki w’uburundi na East Africa asanzwe ari icamamare mubihugu bigize akarere k’Africa y’ubuseruko ariwe Umuririmvyi KIDUM KIBIDO yigeze kuboneka kw’ifoto agaramye hasi ituma itera ubwoba bwinshi aba fans biwe mu kwibaza ko atamerewe neza  kubera ukuntu bamubonye niho bukeya bwaho yaciye abamenyesha bakareka ubwoba kuko yariko akina FILM yiwe nshasha, twabamenyesha kubu amakuru ashoboye kunyekanye hariho uwundi umuririmvyi bayikinaye nkuko mubabona kuray’amafoto aberekana bari mumyiteguro  ingene boyikina suwundi ni RALLY JOE.

Twobamenyesha ko amakuru ajanye niyo Film nshasha yiwe nshasha  hazobonekamwo  abantu benshi bayikoranye nawe  aho iriko ikorera inzu y’ubuhinyanyuzi mu Burundi yama Film y’abarundi niyo tanguye ico gikorwa  izwi kw’izina rya “IMPANO VIDEOZ “kandi abarundi  ngo bakunda film z’ikirundi  ntimuzotangwe kuyiraba izoba irimwo impanuro nyinshi cane zishobora kuzobafasha mubuzima bwanyu bwa minsi yose hama  nkuko yigeze kubibamenyesha ko izoba yitwa ” ISEZERANO “ niko icitwa kandi izoguma ukonyene mushaka kumenya nogutahura impamvu yiswe uko muyirindiranye igishika ayisohore.

14222305_2177680449177174_843545824109218368_nIMPANO VIDEOZ niyo imenyekanye kwariyo yakurikiranye  imyiteguro yose ya Film  “ISEZERANO “ ababo baririmvyi babiri musanzwe mukunda  mundirimbo zabo canke ama Video basohora  ngo ubu bazoryohera bidasanzwe mugihe muzoba mwatanguye kuyiraba hama ikizobanezera kurusha bayikinye mururimi kavukire muzotahura kumva ngo ni ikirundi,twabamenyesha kandi bamaze gutangura imyiteguro idasanzwe kuva igihe, Kidum Kibido akiri mu Burundi ahakorera ibiteramo bitandukanye ntiyaribwatahe mugihugu ca Kenya iyo aba aho yayiteguye neza ari kumwe n’umuririmvyi Rally Joe .

Hamwe n’abandi abakenyi b’abarundi babimenyereye gukina kuko  Kidum Kibido muri Film yiwe nshasha yise ” ISEZERANO ” bayikinye mu ntumbero y’icipfuzo Kiyovya “YARARA” canke Inzira idashika kandi arikumwe n’umurwi ukina Film u’izina rya THE GIFT FILMS SOCIETY  muzi nko kuri yabo nshasha baheruka gusohora k’umugaragaro uno mwaka wa 2016,yitwa “INTIMBA” nibo bagiye kuzobonekamwo ngo izoba idasanzwe mu bantu bose bazoyiraba icuro yabo yambere eka ntibazorambirwa izobigisha vyinshi batari bazi mu buzima bwabo.

14390956_2177680419177177_4097306836157226682_nNkuko twabibambwiye y’uko hazoba harimwo n’umuririmvyi Rally Joe biravurwa ko Film Isezerano, hasigaye bayiheza kuyitegura neza hanyuma iheze ishirwe k’umugaragaro aho abarundi n’abarundikazi hamwe n’abanyamahanga ariho bazotangura kuyiraba muga ubu muramenyeshwa ko mwoguma hafi muyirindiriye nkuko ay’amafoto abigaragaza aho bari mumyiteguro wari munsi wokungurana ivyiyumviro bitandukanye bijanye ukuntu bayitangura kuyikina murababona ko batari bicaye gusa ahubwo ngo  igikorwa bari bagitanguye.

Iyi Film nshasha y’abarundi yiswe ISEZEREZANO  ntisanazwe abashaka kuzoyiraba musabwe kuguma muyirindiranye gishika cinshi muzobonamwo ubuhinga busigaye bufise abaririmvyi b’abarundi bakina Film zibaryohera cane bagakoresha ururimi rw’amavukiro ngo izo bica bicike wenye ni umuririmvyi w’igihangange mu muziki w’uburundi na East Africa,ni Kidum Kibido  ayikinanye  n’umugwi wa The Gift Films Society ,ntiyibagiye gushiramwo umuririmvyi Rally Joe ,ni vuba cane igiye kubashwaramwo muyirabe muri abantu benshi.

KURIKIRANA MURABA AMAFOTO BARI MUMYITEGURO BAYAGA INGENE BAYIKINA

14344074_2177680382510514_3056062830566494413_n 14359098_2177680315843854_2937474893748627737_n

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s