MKOMBOZI yahejeje gukora indirimbo yiwe nshasha yitwa” KUKI ? ” ari kumwe na NINTERETSE CHRISTAIN yatsindiye PRIMUSIC 2014 ngw’isango ni kuri”CAR WASH”itariki 17/09/2016 mu Rwanda


Abarundi benshi bamaze amezi ashika kuri abiri  barindiranye igishika cinshi kumviriza indirimbo nshasha yiswe” KUKI ? “ y’umuririmvyi MKOMBOZI adasanzwe mu kuririmba amajambo y’imistari ikaze cane eka nawe aremeza ko mu baririmvyi bose b’abarundi atawumwegera kumistari yiwe afise nkuko yaramaze kubibamenyesha abarundi bose ko agiye kuzoyibashikiriza k’umugaragaro aho yari yaravuze ko azoyikorana n’abamarayika bomw’ijuru benshi baribaza ingene yashobora kuririmbana nabo muga nawe yabambwira ko vyose bishoboka atakinanira gushika nubu bari batiyeteze ari benshi kuyumviriza.

Twaramubajije MKOMBOZI igituma iyo ndirimbo yayitebeje kuyishikiriza aba fans biwe mugihe bagumye babaza ko yayisohoye kandi hanini benshi bashaka kumviriza ubuhinga afise mugukorana n’abarayika bomw’ijuru,niho tumaze kumuronka yavuze ko kubona yarashoboye guteba  kuyisohora nuko yariko arondera utwana dushika kuri 3 kugira dushiremwo amajwi  ngo nitwo yita   Abamarayika ,yadushakisha mugihugu c’urwanda nkuko kino gihe ariyo asanzwe amazeyo iminsi myinshi ahakorera ibikorwa ikindi yarabona ko vyomworohera kuturonka rero amakuru adushikiriye ubunyene aramenyesheje.

14333640_1225546330818268_2098149686061902949_nAbanywanyi mu muziki w’uburundi mwagumye murindiranye igishika cinshi c’indirimbo nshasha”KUKI ?” ntakiyikoranye nabo bamarayika ahubwo ngo y’ahisemwo Umuririmvyi NINTERETSE CHRISTIAN yabaye rurangiranwa mw’ihiganwa  rya PRIMUSIC 2014 mu gutahukana itsinzi y’ikibanza ca mbere muguhabwa agashimwe k’imiliyoni 20 z’amafaranga y’uburundi,mugiye kuzokumvaa amajwi yiwe yashizemwo ikiba yakorewe muri Studio yaho mu Rwanda ikoreramwo umuhinyanyuzi yitwa HOLLYBEATS.

Mkombozi mu kanya gaheze ahejeje gushima bimwe bidasanzwe kubona igikorwa c’indirimbo KUKI gishohoboye guhera agifatanije na  Ninteretse Christian ,nkuko mwayirindiranye igishika cinshi muri aba fans biwe benshi ,akabirya akadasanzwe arabizi ko muyishaka ayinyarutse kuyishora k’umugaragaro kugira muyumvirize ngo arabibutsa ko k’umunsi wa gatandatu wiyi indwi kw’itariki 17/09/2016 yarabateguriye igiteramwo gikomeye azokorera i Kigali ahitwa CAR WASH muzohashike kare kandi niho iyo ndirimbo muzoshobora kuyumva icuro yanyu yambere uwutazohashika ntazoyimubaze.

14330151_1225548610818040_7853704794534211657_n
Producer HOLLYBEATS

Mkombozi  abamenyesha kubu yayihejeje kuyikorana Ninteretse Christian igisigaye abarundi n’abanyarwanda ngo isango abahaye ni kuruyu wa gatandatu,kuri CAR WASH ,kuva isaha icenda z’umurango gushika isaha zibiri z’ijoro hazoba hariko abateramisha mugiteramo ciwe yise ” TURI KUMWE “kandi  kwinjira 1000Frw na 3000 V.I.P hama arayibemereye indirimbo yiwe nshasha” KUKI ? “ abantu bose muzohishikira azokwatsamwo umuriro ukomeye muzoryoherwa cane arangiza abambwiray’uko hariho abaririmvyi b’abarundi nkawe hamwe n’abanyarwanda  bazomushigikira kuwo munsi mu kugaragaza hamwe umunezero babateramisha.

Aba fans b’umuririmvyi Mkombozi ngo  isango ntabanduka ntimuzotangwe kuyumviriza iyo ndirimbo  k’umugaragaro mugiteramo azokorera kuri Car Wash  isaha icenda z’umurango kizoba gitanguye kirangire isaha zibiri z’ijoro kuruyu wa gatandatu itariki 17/09/2016 murahashika mwongere mube abambere kuzoyitega amatwi nkukomwaraye mwumvise imponjo yayo  uzoba ari umwanya wawe uyumve yose ntizogucike ukuba uri mu Rwanda.

14332984_2175817072696845_712060699832288796_n

Umviriza imponjo Kuki? By Mkombozi muzoze muri benshi mugiteramo azokorera mu Rwanda
Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s