Umviriza imponjo “Kuki? By Mkombozi Ft Abamarayika”muzoze muri abantu benshi mugiteramo yise “TURI KUMWE” yabateguriye mu Rwanda bizoba bishushe itariki 17/09/2016


Ntankeka azobica bicke kuko ibirori bizoba bidasanzwe hazoka umuriro w’indirimbo ziwe yabateguriye kuzobaryohera abaririmbira amaso muyandi aho hari haciye imyaka ibiri yose batamubona imbere yabo kuri Stage abo ngo ni aba fans biwe akaba ari  igihangange  akomeye cane mu muziki w’uburundi  ahantu hagiye kwaka uwo muriro ngo ni mugihugu kibandanyi c’urwanda amazemwo iminsi itari mikeya ahakorera bimwe bimwe mu bikorwa vyoba vayaramujanyeyo kandi kenshi iyo amenyesheje kwagomba gusohora indirimbo nshasha barayihurumbira cane bakaguma babaza igihe azoyisohora abo bakaba ari bamwe mu barundi benshi cane barakunda ukwaririmba birabanezera cane.

Niho bagahita bayishaka ubwonyene ayinyarutse kuyisohora k’umugaragaro kugira bayumvirize baheze baryoherwa bamwe ibahumuziriza kumutima abandi ibakora ko ndetse bakayikuramwo icirwa gikomeye bivanye ukuntu bayumvise  banyurwa n’ubutumwa bw’imistari y’amajambo aririmba ngo bahora babona abashimisha cane kurusha abandi kubera kenshi abaravye ibiriko bibera mugihugu camwibarutse arico uburundi uwo nawe suwundi ni Umuririmvyi MKOMBOZI kuvaho aba fans biwe bamenye ko  afise igiteramo kidasanzwe azokorera mugihugu c’urwanda ahitwa CAR WASH ngo ntizoba bisanzwe uwutazohashika azohomba vyinshi.

14212181_1215451335161101_3670159474335643190_nIco giteramo kikaba cari kimaze iminsi akibereye ko azogikoresha mu Rwanda aho benshi bamenyereye kwita CAR WASH ahanini yari yamenyesheje aba fans biwe basanzwe ariyo baba ko bobanza kurindira bimwe bita “AFFICHE” ikabanza gusohoka bakamenya ukuntu itunganijwe nuko akaba yashoboye kubambwira ko bototangwa kukwishikira kuza kuraba ukuntu azobaryohera kandi ngo yamaze gusohora Affiche iriko izina hamwe n’ibiciro vy’amafaranga bizotangisha k’umuntu wese azoba yaje ni kuvuga ko kizotangura isaha icenda z’umuhingamo hanyuma kirangire isaha zitatu z’ijoro arabasaba ko mwohashika kare.

MKOMBOZI  arabemerera  aba fans biwe y’uko kwazobica bigacika itariki 17/09/2016 niyosango nyezina y’igiteramo yise” TURI KUMWE “kizotangura abateramisha mundirimbo ziwe nyinshi zitandukanye zagiye zibaryohera mu kumviriza haba mugukuramwo ubutumwa bw’amajambo y’imistari yakoresheje mu kuririmba akavuga kandi ko kuwo munsi ngo abantu mwese musanzwe muba i Kigali muzoryoherwa cane eka arahamagarira abarundi n’abanywaranda bose muzi ko muri aba fans biwe canke mushimishwa n’ibikorwa akora ngo muzoba murikumwe kuri Car Wash kandi  ico twomenyesha aba fans biwe mwagumye murindiranye igishika cinshi indirimbo yiwe nshasha yise” KUKI ? ”

Yashimye muguhera kubumvisha imponjo yayo nkuko mumaze amezi menshi muyimusaba y’uko mushaka kuyumviriza ngo aho yhsatse ubereka ko igiteramo ciwe yabateguriye abari mu Rwanda kizoba kidasanzwe kuko azokwatsa umuriro muri iyo ndirimbo yiwe nshasha arikumwe n’abamarayika bomw’ijuru kandi arambwira ngo uwushaka kuyumva yose ntazotangwe gushika kuri Car Wash ,itariki 17/09/2016 urahashika kugihe c’isaha icenda zuzuye kuko ibirori bizoba bitanguye yabateguriye abafitiye igishika cokubemeza.

Ikindi yongeye ko abamenyesha ko muzoryoherwa hamwe aho azokwifatanya n’abandi abaririmvyi bagenzi biwe bakora umwuga umwe wo kuririmba harimwo abarundi n’abanyarwanda.14332984_2175817072696845_712060699832288796_nAti aba fans ba Mkombozi muzokwitabire igiteramo ciwe “TURI KUMWE” muri abantu benshi cane kuri Car Wash  kandi muzohasanga nk’abaririmvyi b’abarundi hariho uwitwa SAT B , R-FLOW,ADJO BALOVE,ELVIS SHAGGY,KAYA FREE,YOUNG BILLOUZ bakora umuziki umwe w’uburundi abandi ni BRUCE MELODY,UNCLE AUSTIN  muzi ko bakora umuziki nyarwanda nibo bazoshobora kumushikira bongera babateramisha hama yasozereye abambwira ko kw’injira ni amafaranga makeya cane kubwinjiriro azoba ari 1000Frw , V.I.P 3000Frw aho ni mubibanza vy’iteka mwese muhawe ikaze kuzoryoherwa mwongera abashikiriza indirimbo yiwe nshasha “KUKI ?”k’umugaragaro.

Umviriza imponjo "Kuki? By Mkombozi Ft Abamarayika" muzoze mugiteramo mu Rwanda 
Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s