Amatohoza yabonetse kw’ifoto ya KIDUM KIBIDO yaraye ibonye naba fans biwe agaramye hasi bahita buzura ubwoba umva umuco y’abahaye


Kuruyu wa gatanu kw’igenekerezo rya 09/09/2016 niho aba fans b’igihangange c’umuziki w’uburundi  hamwe na East Africa benshi bamenyereye kw’izina ry’uburirimvyi KIDUM KIBIDO aho aba fans biwe batekewe n’ubwoba bwinshi bamwe bibazako yoba yahasize ubuzima kubera ifoto yiwe baraye bamubonye ahantu agaramye hasi ariko agomba guterurwa n’umuntu yari kuruhande rwiwe niho babonye ameze nk’umuntu yoba yagize ikibazo gikomeye  nkuko iyo foto yakwiragiye m’ubuhinga ngurana bumenye bwa WHATSAPP muga benshi baragize ubwoba butagira uko bungana.

Ikinyamakuru canyu http://www.yagatv.wordpress.com ,nkuko tubashikiriza amakuru agezweho y’umuziki w’uburundi abashimisha cane kuko mumenya vyinshi ku baririmvyi n’abaririmvyikazi niho twaciye tunyaruka gutangura gukora amatohoza bidusavye aba fans b’umuririmvyi Kidum Kibido ,ngo tugerageze baronke umuco uvuye kuri we bamenye ikibazo coba ncamushikiye kubera ifoto yiwe babonye yabateye ubwoba  kumutima bibaza ko adahumeka nkuko twabemereye ko tuzoyagaruka ko ayo makuru y’ifoto yiwe yabateye ubwoba.

14265024_1754980091408392_8341001115780160498_n
      IYO NIYO FOTO YARAYE ITEYE UBWOBA ABA FANS BIWE

Uno munsi nyene habonetse amatohoza meza yavuze k’umuririmvyi Kidum Kibido, aho yahise abaha aba fans biwe umuco ukwiye w’ifoto yiwe babonye kandi agira ko abahumuriza ikindi anabamenyesha ikintu yariko arakora kugira aboneka agaramye hasi twobamenyesha ko kuva ubu umuririmvyi Kidum Kibido ntangorane ntimwe yigeze agira nkuko mwamubonye kuri iyo foto kandi aracari muzima nuko mumwanya uheze ahejeje gutanga umuco kuba fans biwe nkuko baraye babisavye ko yogora ico avuze nawe yumvise akamo kabo.

Baraye bamuteye akamo abahe umuco nuko Kidum Kibido abamenyesha ngo ntibagire ubwoba ahubwo humura kumutima harya ngo yariko arakina bimwe bita FILM ikaba ari iyiwe vuba muzoshobora kuyiraba igihe kigeze ko ayishira k’umugaragaro yavuze n’izina ryayo muri makeya yatanze umuco muba fans biwe kw’ifoto bamubonye agaramye hasi ihita ibatera ubwoba bwinshi  mu kibaza ibibazo vyinshi ko yoba atakiri muzima canke yoba yagize ikibazo gikomeye kigatuma kumuta hasi.

14324248_1174952439238705_380030660780945863_oNkuko umuririmvyi Kidum Kibido yabahaye umuco kwari yari Film yiwe nshasha ikbazoba yitwa” ISEZERANO “ kandi ngo mushobora kuyitegurira kuzoyiraba k’umunsi udasanzwe kuri we umwibutsa igihe yavukirako akazoba akwije imyaka 42  yahise abemereka n’ayandi amafoto amwerekana ukuntu yariko arayikina iyo film nayo mubona atandukanye agaramye hasi, twashoboye kubashirira ko.

Kidum Kibido,y’abahaye umuco abambwira ni Film  yise ” ISEZERANO” yari mumyiteguro yayo kandi ahisemwo kubereka ayandi amafoto yiwe atandukanye uko yariko arayikina aho mwaraye mubonye ifoto imwe yonyene imwerekana agaramye hasingo yari muri Shooting kandi ikazoba yerekeye ibijanye n’ubuzima bwiwe yagiye aracamwo akabamenyesha y’uko isango nyamukuru izosohokerako ni k’umunsi mukuru w’amavuko yiwe mugukwiza imyaka 42,yarangize abahumuriza mu kubaha umuco aba fans biwe ngo ntimugire ubwoba iyo ni isinema yiwe igiye gusohoka.

14258350_1174952442572038_6093345326195871735_o
NI IYINYENE ASHOBOYE KUYIBERAKA

Banywanyi mu muziki w’uburundi mukunda uwo muririmvyi eka namwe aba fans biwe mwagize ubwoba ni musubize umutima mu nda.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s