HARMONIZE,RICH MAVOKO,RAYMOND”bazoza i Bujumbura gukora Concert bahonyoye mu nda abi Burundi nka BLACK-G,BEST LIFE MUSIC,THITY LOVE,ASHELY,MR CHAMPAGNE


Abaririmvyi b’abarundi n’abarundikazi ngo bisankaho bariko bakoreshwa n’ibikoresho bitangwa k’ubuntu bitagira benevyo kuko ntivyumvikana ukuntu kuno kwezi hariko hatunganwa Concert igaragaza aba Artist bo mugihugu ca Tanzania basanzwe bagize Label WCB ya Diamond Platnumz aribo HARMONIZE,RICH MAVOKO,RAYMOND,bari mumyiteguro yo kuzoshika mugihugu c’uburundi bazanwe gukora iyo Concert rero ikintu kiriko kirababaza abarundi bamaze kumenyako harimwo abaririmvyi n’abaririmvyikazi bakora umuziki w’uburundi bashoboye gutumirwa kuzoza muri iyo concert.

Biriko bivurwa mugisagara ca Bujumbura y’uko batamenyeshejwe ivyerekeye ico gikorwa kugira bacemeze neza babanje kuvugana n’abatunganije iyo Concert kugira bumvikane ivyerekewe kuriwa abahembo kw’amafaranga kazobafasha imbere y’uko itariki 24/09/2016/ zigera zizoberako Concert bise“PEACE BUJUMBURA”kandi ngo nuko babimenyeshejwe biciye muri za SMS bakarungikirwa bimwe bita AFFICHE niho kwisangako hariko amazina bararyoherwa cane ariko ntibitayeho kubaza vyinshi kuko abatunganije iyo Concert bibazako bariko bateza imbere umuziki wabo.

uuuIkintu  kiriko kibabaza abantu benshi bakurikirana umuziki w’uburundi nuko abo baririmvyi n’abaririmvyikazi bose bashizemwo ntibahawe amafaranga ikimaze kumenyekana nuko bazoyikora k’ubuntu batarishwe eka harimwo abaryohewe kubona bazokwifatanya muri Concert kubona bazoba bari kumwe  na HARMONIZE,RICH MAVOKO,RAYMOND ,bikibazwa ngo gute umunyamahanga yorihwa amafaranga kugira akore  Concert ariko uwur’iwabo ntaronke nturimeya rw’amafaranga kugikorwa azokora muguteramisha aba fans biwe bazoba bashikiye muri Concert .

Ngo kubera bahamagajemwo abi Tanzania basanzwe kino gihe bagezweho mu muziki wa East Africa nkuko bizwi neza y’uko barabo muri WCB ikorera muri icigihugu kandi ubu ‘abarundi  bagize ico bavuga mukumenya y’uko abo baririmvyi n’abaririmvyikazi bi Burundi  nka BLACK-G,BEST LIFE MUSIC,THITY LOVE,ASHELY,MR CHAMPAGNE  batashoboye guhabwa agahembo kuzokora iyo Concert ngo babonako ari kubahonyora munda ntivyumvikana ingene abanyamahanga bahagazwa muma Concert bakorera mugisagara ca Bujumbura.

14224862_2173221362956416_2188529072821060024_nAriko bagaca batumiramwo abahavuka ab’abayitunganije bakirengagiza gutanga amafaranga ku mvikira zaho bakazihimiriza kuza gukorera ubuntu ivyo rero biriko bibabaza cane abanywanyi mu muziki w’uburundi bakavugako none ataho umuziki w’uburundi uzoshobora gushika mugutera imbere mu gihe nabashako batera imbere aribo bifatashe nabi mugukora ama Concert abayahagajwemwo abanyamahanga bagaheza ntibaronswe n’agahembo imbere y’uko batangura igikorwa

Munywanyi mu muziki w’uburundi nkuko uvyumvise y’uko BLACK-G,BEST LIFE MUSIC,THITY LOVE,ASHELY,MR CHAMPAGNE ,bazokora iyo Concert batarishwe nt’amafaranga ngo bakayikora k’ubuntu ntarumeya bahawe ni k’ubuntu none ubiravye mbega ni kubateza imbere canke kubasubiza inyuma mu muziki w’uburundi mu gihe ngo batumiwe mu kuzokwifatanya na HARMONIZE,RICH MAVOKO,RAYMOND bazoba bavuye mu gihugu ca Tanzania baje mu  Burundi?

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s