Mbega KIDUM KIBIDO mugiteramo yakoreye kuri”TEMPETE”no kubonana n’umukuru w’igihugu c’uburundi bitumye BOBO RUGURIKA umuyobozi w’iradiyo RPA badacana uwaka?


Inyuma y’imisi irenga ibiri igihangange mu muziki w’uburundi ndetse na East Africa ariwe Umuririmvyi KIDUM KIBIDO aherutse gukora igiteramo kimwe kidasanzwe hari kw’itariki 03/09/2016 harya kukibuga c’umupira w’amaguru kimenyerewe kw’izina rya TEMPETE gisanzwe kiri mugisagara ca Bujumbura aho abantu bacitabiriye ari benshi cane gose ndetse harimwo na bamwe bamwe mu bakuru bafise igiti gikomeye mugihugu c’uburundi nka WILLY NYAMITWE yari yahishikiye kandi yararyohewe cane aratamba indirimbo zaririmbwa nuwo muririmvyi ruranginwa nkuko cari ncatunganijwe na Ambassade y’igihugu ca Kenya ikorera mu Burundi.

Harimwo umukuru aserukira Ambassade ya Kenya ,kandi nawe yaratavye araryoherwa cane gose munyuma rero igiteramo careheze abantu bose barataha banezewe ariko ibintu bikaba biriko birakomera kubera abacitabiriye harimwo zimwe mundongozi ngo zigamiye umugambwe wa CNDD FDD nkuko twabibamwiye harimwo Willy Nyamitwe kuko niwe yaguma aboneka cane mugutamba anezerewe muga munyuma k’umunsi wa mbera itariki 05/09/2016 niho Umuririmvyi KIDUM KIBIDO yishikiye muntara ya Ngozi ahura n’umukuru w’igihugu c’uburundi bwana PETERO NKURUNZIZA bari murumuri rw’amahoro muri iyo ntara,niho abantu bamubonye barikumwe baciye bibazako umuziki wiwe awumvanga na politike.

14100503_1168919853175297_6480063377750813155_nNiho  kuruwu wa kabiri bumaze guca hashoboye kubonekako Kidum Kibido ababaye cane kumutima kubona umuyobozi w’iradiyo RPA azwi kw’izina rya BOBO RUGURIKA yaciye ngoamwinjirira mukumurengera akarimbi aho yanditse kuri Twitter yiwe ngo” Burundi apres noe Nazi , Luc Michel se trouve un autre ambassadeur @ Kidum Kibido pr faire accretirer Paix “ivyo bikaba arivyo vyamuriye kumutima cane uwo muririmvyi ntiyavyihanganiye nawe yahise amwishura ngo Bob Rugurika kubera iki udashaka kwiyamiriza Uhuru Kenyatta ariko uciye wiyamiriza Jewe umurundi nyarucari !?

Kubera iki utanyiyamirije kirya gihe natumiwe na RPA muri 2001 nje kuririmba amahoro nkuku nyene kandi hari hakiri mwishamba imirwi yarwana harimwo niyi nyene CNDD FDD ya Pierre Nkurunziza ,FDD ya Jean Bosco Ndayikengurikiye, FNL ya Rwasa Agathon , FNL ya Bitaryumunyu, CNDD ya Nyangoma Frolina etc nyakwubaha Pierre Buyoya akiri umukuru w’igihugu ? Uribagiye ko abantu benshi ico gihe nabone bariko baricwa !? Canke wibazako hatari mubarundi kirya gihe aba mbonye ko ndi igihemu kuza kuririmba Mu Burundi hari umukuru w’igihugu Bose ico gihe bagiriza ingorane zose zari zihari ?indege yariko iragira publicite yanje I bujumbura ijuganya flyers kubera iki utigeze uvugira barya barundi bariko barapfa kirya gihe ? Canke nabarya kubwawe si abarundi !!!!?

bob-arrive-au-parquet
            BOBO RUGURIKA

Canke nabarya kubwawe si abarundi !!!!? Si umwanya woguterana amajambo nawewe ariko Jewe ico nzi ni uko mufise umuhuza ( muheshimiwa Benjamin Mkapa ) muri aya matati ya politique mufitaniye Hagati yanyu nabo Kwa Nkurunziza Pierre reka kubabazwa n’ uko jewe nihuriza abarundi hamwe muntumbero yo kubanezereza no kubateramisha !!!! Nta Giti ca politique nakimwe ndimwo ntanico nkeneye , ntanivyo nshoboye . Aha ndakwishuye mfise akababaro kenshi . Ntanamashure nahejeje kubera izi ntambara nyene zamwebwe abarundi zabaye mbona muri 1993 .

Uriko urwanya uwutari we jewe ndi umu musicien gusa yasavye indaro mugihugu ca Kenya Kandi nyarucari . Si ndi muri opposition Kandi sindi uwa leta . Nshaka gusa amahoro ko agaruka hose muri Kano Karere . Ntimunzize ubusa . Mbega mwari muzi ko mfise batoyi banje babiri bapfungiwe Mu mpimba kubera ko bagiye mumyiyerekano yabaye yerekeye ikiringo ca Nkurunziza benshi Mu Rwanya !? Inzira yonyene Ni amahoro kuri twese Mu Burundi.

14224961_2172883789656840_3377406939153863240_n

Mwomenya ko bitagarukiye ngaho hamaze kubonekako hagati y’umuririmvyi Kidum Kibido n’umuyobizi w’iradiyo RPA ariwe BOBO RUGURIKA nuko vyahavuye bikomera cane hakabonekako Reta y’uburundi yanyarutse ningoga guca ihereza uwo muririmvyi abapolosi benshi bamucungera umutekano w’ubuzima bwiwe kugira nitahagire icononekara kuriwe  nkuko nawe yabimenyeshejeko babamuhaye yagize ngo “Uyu niwo mutekano nciye ngira kuva aho Bob Rugurika atanguye kundemeka inkono ishushe Kandi nari nibereyeho nkumu Rasta”

bobtwitterMbega munywanyi muziki w’uburundi kuwabwe wobivuga kwiki nkuko uvyumvise ibiriko bitumya badacana uwaka hagati ya Kidum Kibido ashaka haboneka amahoro mu Burundi abicishije mu guteramisha abanegihugu mu kwitabira ibiteramo vyiwe. Hamwe na Bobo Rugurika ,Umuyobozi w’iradiyo RPA kuvyo yanditse kuri Twitter adomye urutoke kwa Kidum?

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s