NYINA w’umuririmvyi LANDRY GATEGA asaba abakora kuri FRONTIER y’urwanda barekure umwana wiwe bazoba bakoze aracamukeneye umva namwe


Amakuru agezweho y’umuziki w’uburundi adushikiye kano kanya nuko haciye amasaha atagira uko angane Umuririmvyi LANDRY GATEKA muziko aheruka gusohora indirimbo yiwe nshasha yitwa“MBEGA”ayikoranye n’umuririmvyi B-FACE kandi kino gihe iragezweho cane abantu bayikunda ni benshi cane kuyumviriza nuko uwo muririmvyi yaramutse agenda mugihugu kibanyi c’urwanda afata urugendo rumukura mugihugu c’uburundi bwamwibarutse ariyo rumushikanye ariko ivyamushikiye ntivyoroshe  birakomeye cane nkuko bihejeje kutumenyesha umuryango wiwe aho twaganiriye buzuye umubabaro n’agahinda ngo yafatiweyo arafunzwe.

Umuririmvyi Landry Gateka,nuko kuno munsi ari muminwe y’igipolisi c’urwanda kuko yafashwe n’abantu bakora kurubibe rw’uburundi n’urwanda“FRONTIER “ bakavugako icatumye bamufata aruko basanze adakwije ivyagomba kugira shobore kwinjira muri icogihugu abifitiye burenganzira nkuko abantu muhora muja mu Rwanda murabiziko bitoroshe kugira winjireyo utikwije muri vyose canecane ibikuranga nk’impapuro rero nivyo vyamushikiye uwo muririmvyi kugeza nubu aracgufunzwe ntivyoroshe.

13700002_529148813962889_7529590281597125265_n

Ay’amakuru turiko tuyakesha umuvyeyi wiwe amuvyara ariwe NYINA wiwe nkuko mubibona kw’ifoto bari kumwe hamwe n’amutoya wiwe w’umukobwa.

Umuvyeyi ariwe Nyina w’umuririmvyi LANDRY GATEKA aratabariza cane mu gusaba imbabazi kubona umuhungu wiwe yaguye mumakosa aravyemera muga asavye abantu bakora kuri FRONTIER y’urwanda barekure umwana wiwe bazoba bakoze aracamukeneye aranabamenyesha ko atari inkozi y’ikibi kubona yinjiye mugihugu adakwije ivyangombwa ariko arabambwirako bamurekura bazoba bakoze aragirako anabemenyesha ko afise ari umunyeshure akongera akana umuririmvyi w’umurundi akora umuziki.

14183884_2171833979761821_9125533059833666320_nNyina w’umuririmvyi Landry Gateka ngo arateye akamo atakambira abategetsi b’igihugu c’urwanda bafise uburenganzira kugira umwana wiwe arekurwe nuko bokumva akamo kiwe kandi aratabariza bikomeye abaririmvyi n’abaririmvyikazi hamwe naba fans b’umuhungu wiwe bakunda umuziki w’uburundi boba bari hiyo mugihugu c’urwanda bamuzi nuko nabo bobimufashamwo bakagenda kubiro bakagira ico bafashije kugira arekurwe nayo ahandi yumva umubabaro utagira ukungana arasavye bikunde ningoga kuko birashika kwibagirwa ivyangobwa.

14225553_2171826979762521_2206186600157723056_nAbanywanyi mu muziki w’uburundi muri mugihugu c’urwanda mwoshobora kwishikira kuri FRONTIER y’urwanda ,mukamuvugira Umuririmvyi Landry Gateka ,ko asanzwe ari Umuririmvyi w’umurundi arakenewe cane n’umuvyeyi wiwe amuvyara ariwe Nyina wiwe kuko ngo vyashitse kubona yibagiye gutwara ivyangomwa agahita atarwa muvuto umwana wiwe rero abamuzi mushobore kumufasha ahakiri kare muhashike hataragira ico bamukorera.

Kubera ashobora kubabazwa kuko yinjiye mugihugu kibanyi adafise ivyo vyangobwa harigihe bomwikeko ar’inkozi y’ikibi kandi atariyo mubishoboye mutabarize hirya no hino abari mu Rwanda ngo  mumufashe kubera umubabaro wabaye mwinshi muri uwo muryango w’umuririmvyi Landry Gateka nkuko mutewe akamo bantu muri Rwanda nyaragasa mwishikire kurubibe rw’uburundi n’urwanda kugira ico mufashije ashobore kurekurwa.

Advertisements

One thought on “NYINA w’umuririmvyi LANDRY GATEGA asaba abakora kuri FRONTIER y’urwanda barekure umwana wiwe bazoba bakoze aracamukeneye umva namwe

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s