KIDUM KIBIDO yaryoheye abantu benshi bishikiye mugiteramo kuri”TEMPETE”gitunganije ambassadeur ya Kenya ikorera mu Burundi


Igihangange mu muziki w’uburundi na East Africa ariwe Umuririmvyi KIDUM KIBIDO afise amateka akomeye muri uwo mwuga wiwe wo kuririmba n’inyuma y’imyaka ibiri atabarizwa mugihugu c’uburundi bwamwibarutse azanwe kuhakorera ibikorwa vy’umuziki nkuko yahora abikora muguteramisha abantu  nuko ubu  ariyo abarizwa  yahashitse kw’igenekerezo rya 01/09/2016 ,akaba yahagajwe n’ambassadeur y’igihugu ca Kenya ikorera mu Burundi yaje rero gukora igiteramo arinaco yashoboye kugikora kuruyu wa gatandatu itariki 03/09/2016 aho nca bereye mugisagara ca Bujumbura kukibuga c’umupira ca TEMPETE vyari bishushe.

Igiteramo yashoboye guteramisha umuririmvyi KIDUM KIBIDO kuri Tempete kandi yateramishije abantu benshi cane gose bari buzuye ntiworaba ikibuga cose wabura ahantu uhonyora kubera ubwuzuye bwabo bikaba vyabonetse y’uko bamaze iminsi bamwiteguriye kumubona kuri Stage abateramisha mu kubaririmbira indirimbo ziwe zitandukanye eka n’izindi nkuko vyagiye biragaragara ndetse yanashoboye kuririmba indirimbo ihimbaza Imana ,yitwa” IGITUMA NDIRIMBA ya Apollinaire ,eka vyabatangaje abariko baramurore kuko ntibari bavyitezeko yoyiririmba ariko yabikoze kandi banezerewe kumubona Live.

14196071_1168545463212736_5750522669130685883_oIco giteramo yateramishije Kidum Kibido ,wabonako abariho bose bari baryohewe cane gose kubera ubuhinga budasanzwe yaberetse mu kubateramisha abaririmbira ntivyari ibintu bisanzwe aho wasanga abantu bakomera induru icarimwo kubera umunezero womenyako indirimbo zose yaririmba LIVE kuko hariho abantu bazimuvugiriza bafise ibikoresho kugira zisamirane neza ninavyo vyazanye umunezero udasanzwe muba fans biwe nkuko muvyibonera kw’ifoto ko bari abantu benshi ikindi bose nuko inkumbu zose bari  bamufitiye batashe zaheze kuko wasanga banabivuga aho bari hose.

Ikindi nca habonetse nuko uwuserukira Ambassadeur y’igihugu ca Kenya akorera mu Burundi nawe yahishikiye ndetse nagiye kuri Stage bari kumwe na Kidum Kibido niho bajako bashiramwo indirimbo batamba birakomera gushika aho abantu bakomye induru nyinshi kubera ukunezerwa eka ibintu bitangura kuryoha cane kuko abariho ngo ryari iteka ridasanzwe k’umuririmvyi w’umurundi wabo nkuko hari haheze hafi imyaka ibiri atabateramisha muga babonye y’uko yagarutse mugihugu c’uburundi bwamwibarutse abiteguriye mubikorwa bishasha yabigaragaje mugiteramo.

14196133_1168545466546069_3004026977427255607_oBarimwo abateramisha  kuwo mwanya kuri Tempete kandi vyose vyabaye mw’ijoro ingene vyagenze nuko atanumwe yigeze yidoga kubona yatanze amafaranga yiwe kuko uwahashitse wese yatashe yiyumvako aryohewe bidasanzwe kumutima bamwe banamushimye kukuntu yabateramishije babonye y’uko ikirori cari gishushe ntibashakako Kidum Kibido ,abava imbere yabo kugira arangize igiteramo batahe ariko ngo akaryoshe ntigahora mwitama ariko banezerewe nivyo yabakorete nawe y’anezerewe cane kubona yitabiriwe n’abantu benshi harimwo naba fans biwe.

IRABIRE NAWE UKUNTU ABANTU BARI BENSHI CANE GOSE BUZUYE IKIBUGA COSE CA TEMPETE MUGITERO YARIKO ARAKORA Kidum Kibido KURUYU WA GATATU ITARIKI 03/09/2016

14242422_1168545556546060_533588388918019772_o 14138798_1168545456546070_9207815722444056726_o

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s