Abarundi muri mu Rwanda ntimuzoncikwe MKOMBOZI azoba ari kumwe namwe mugiteramo ciwe azokorera kuri”CAR WASH”


Haraheze hafi ukwezi kumwe ari mugihugu kibanyi c’urwanda ni Umuririmvyi MKOMBOZI musanzwe muziko ari igihangange akora umuziki w’uburundi ageze ku ntabwe nziza ishimisha abantu benshi kubera indirimbo ziwe akora zose zibaryohera bakazikuramwo ubutumwa budasanzwe abandi zikabahumuriza kumutima zikabakorako nuko ngo muri icogihugu arimwo ubu nabwo yicaye uko arabandanya ibikorwa bitandukanye ninaho ngo yimirije kuno kwezi kuzoteramisha abarundi n’abanywanda barimwo aba fans biwe akavugako bizoba bidasanzwe azobaryohera basabwe kuzoza ari benshi bizoba bishushe.

Ico gihangange MKOMBOZI ,mu muziki w’uburundi akaba agiye kutazovyorosha mugihugu c’urwanda kuko ngo yamaze kwemeza neza ko afise igiteramo kidasanzwe abaremishamwo mundirimbo ziwe nka NZEIYIMA ,PAPA NZEYIMANA nz’indi nyinshi zitandukanye umuriro uzokwaka kuko giteguwe kuzoba kw’itariki 17/09/2016 niho bizoba bidasanzwe ukaba uri umu fans wiwe ngo ntuzotangwe kuzoza kugira uryoherwe cane nivyo yaguteguriye hazoba abazaniye udusha twinshi mu muziki akora mugashima kandi kizobera mugisagara ca Kigali aho abantu benshi bamenyereye kw’izina rya CAR WASH ni k’umunsi wa gatandatu hasigaye indwi zibiri.

13891912_1190406544332247_895311443795020615_nIgiteramo c’umuririmvyi MKOMBOZI  ngo kizoba kirimwo indirimbo nyinshi cane gose zimwe mwagiye murumviriza mukumvako muryohewe cane n’ubutumwa yaririmvyemwo kazoba ari akaryo kadasanzwe k’abarundi n’abanywanda mwese muzokwishikira kuri CAR WASH muhagariwe kuzohahurira muri benshi cane ikindi  abamenyeshako itariki 17/09/2016 niyo tariki ntabanduka nyezina muzoba muri kumwe aheze abanezere mundirimbo yabateguriye kuzobaririmbira rero abanywanyi mukunda uumuziki w’uburundi muri mu Rwanda ntimuzotangwe kuhashika mwirabire ibikorinka bizoba kuwo munsi yabateguriye.

Mukiganiro twakoranye n’umuririmvyi MKOMBOZI ,uno munsi twagerageje kumubaza ibijanye ico giteramo ciwe amenyesha abarundi n’abanywarwanda ko kw’itariki 17/09/216 azoba ari kumwe nabo mu kubateramisha akabaryohera bagashima mu gihe azoba ariko abaririmbira indirimbo ziwe zitandukanye aho twamuza isaha tutibagiye amafaranga ,bishobora kuzoba bigize icogiteramo kugira abatangure kuba baritegura kuzoza ari benshi cane ntibazoncikwe kuko uwutazoza azohomba vyinshi kubera abazohashika bazokumva unezero mwinshi udasanzwe bamubonye abaririmbira amaso muyandi kuri Stage.

14054980_1202885899750978_5949400089544885132_nAho haciye imyaka ishika ibiri adakora ibiteramo bamubona kuri stage ubu azobereka ibikorwa bishasha abazaniye aba fans biwe mube murabimenyako isango ntabanduka y’igiteramo ntibacike munyuma yatwishuye y’uko mundwi iza k’umunsi wa kabiri niho azoshobora gusohora bimwe bita AFFICHE iranga igiteramo ciwe muga ngo abaye arabibamenyesha kare ko muzoba muri kumwe kuri CAR WASH mu Rwanda abateramisha mundirimbo rwiwe mwakunze nubu mugikomeza gukunda rero ay’amakuru tuzoyabandanya tubamenyesha ingene bitunganije ivyico giteramo c’igihangange mukunda cane mu muziki w’uburundi.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s