Igiteramo c’itariki 04/09/2016 ntikizoba ca KIDUM na PEACE AND LOVE azobari ku Muzinda ngo yitwariye VIANNEY wuwo murwi yamwimye abazomuvigiriza


Amakuru agezweho mu muziki yuno munsi twashoboye gukorera ubushakashatsi hirya nohino ajanye n’ibihangange vy’uwo muziki nyene musanzwe mukunda cane babisha bigacika mu kuririmba indirimbo zibaryohera ikitibagiwe n’ibiteramo bategura bikitabirwa n’abantu benshi nuko ari abaririmvyi nka KIDUM KIBIDO yaramaze imyaka myinshi atabarizwa mugihugu c’uburundi ariko ubu yaraye ashitse mu Burundi azanwe n’ibiteramo bitandukanya hama uwundi ni  VIANNEY mumenyereye cane m’umurwi wiwe arimwo uzwi nka PEACE AND LOVE nuko bagiye kuzohura mugiteramo kimwe.

K’umunsi w’Imana ,itariki 04/09/2016 ahitwa LA COSTA BEACH niho hazobera icogiteramo kandi ukwinjira azoba ar’amafaranga ibihumbi bibiri vy’amarundi,rero mu makuru twagerageje gutohoza neza ubwambere nuko hariko haravurwa hirya no hino abegereye KIDUM na VIANNEY w’umurwi Peace and Love nkuko bazoteramisha abantu bazoba bishikiye kugeza ubu ngo hoba hariho ukutumvikana hagati yabo kandi birakomeye s’ibintu vyogufata minenerwe kuko umwumvikano wabaye mukeya aho  bavuga ko umwe muribo yashoboye kwitwarira uwundi kumvo zokutumvikana kuba yamusavye abantu bazomuvugiriza ibikoresho vya Live mundirimbo yateguye.14224902_2170301983248354_3588257706536255319_nAbo baririmvyi babiri bakomeye cane mu muziki w’uburundi y’uko boba batariko baracana uwaka harimwo uwoba yatanguye kwitwarira wundi ariko twagerageje kurondera umwe muribo ariwe Vianey ,batazira Vichou tumubaza ikiriko kirabandanya hagati yiwe na Kidum ntaco yashoboye kutwishura muga nuko Umuririmvyi KIDUM KIBIDO ngo yoba yamwitwariye bivurwa motif ngo nuko yamwimye abazomuvigiriza muri icogiteramo bazoba baramutse bateramisha abantu abazohishikira harimwo naba fans babo

Biteye amakenga aba fans babo bashoboye kubimenya niho twatanguye amatohoza kugira hamenyekane ukuri nimba yamwitwariye canke atamwitwariye  kuko abantu benshi bamaze kumva ayo makuru bavugako igiteramo gishobora kutazoba kubera ukutumvikana kwabo baririmvyi bemera cane mu kubaryohera mundirimbo zabo bakunze kuvuza LIVE nkuko twabimbwiye ko twagerageje gukora amatohoza kuvyamenyekanye ko KIDUM yitwariye VIANNEY w‘umurwi PEACE AND LOVE.

 Ikindi kiriko kiravurwa nuko Kidum kwiyo tariki nyene azoba afise ikindi igiteramo kizobera muntara ya Bubanza ku MUZINDA kandi n’isaha niyo nyene biteye amakenga menshi abantu benshi babuze igiteramo bafata nico bareka.

14141735_1162591910474758_574450682726801305_nNgo motif nuko yamwimye abantu bazomuvigiriza Live indirimbo ziwe mugiteramo kizoba kiriko kibera kuri La Costa Beach ,itariki 04/09/2016  rero kumatohoza yacu twakoze kugira ashoboye gufasha abantu batanguye kwitegurira icogiteramo twobamenyesha ko hamaze kumenyaka y’uko  hariho agahaze hagati yabo kadaheze ibintu bishobora ngo kutazogenda neza ngo Umuririmvyi Kidum Kibido, ntiyigeze amwitwarira Umuririmvyi Vianney  batazira Vichou w’umurwi Peace and Love.

Rero amatohoza twagize twasanze ko umuririmvyi Kidum ,vyamenyekanye ngo ntiyamwitwariye Umuririmvyi Vianney w’umurwi Peace and Love ahubwo  ntibumvikanye gusa uko bokorana mubijanye n’igiteramo bafise,ay’amakuru tuyakesha umuntu wahafi ari mubajejwe icogiteramo gitanguye kuzana uruhagarara mu bantu bagifitiye amakenga.

Mbega munywanyi muziki w’uburundi ukunda abo baririmvyi hari iciyumviro wobivugako? nimba bokumvikana ingene bokorana.
Advertisements

One thought on “Igiteramo c’itariki 04/09/2016 ntikizoba ca KIDUM na PEACE AND LOVE azobari ku Muzinda ngo yitwariye VIANNEY wuwo murwi yamwimye abazomuvigiriza

  1. yes

    2016-09-02 4:36 GMT+03:00 WordPress.com :

    > TEAM+257 FRANCK Pro posted: “Amakuru agezweho mu muziki yuno munsi > twashoboye gukorera ubushakashatsi hirya nohino ajanye n’ibihangange vy’uwo > muziki nyene musanzwe mukunda cane babisha bigacika mu kuririmba indirimbo > zibaryohera ikitibagiwe n’ibiteramo bategura bikitabirwa n’abantu ” >

    Liked by 1 person

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s