Uno mwaka wa 2016 hagati LOLILO LIZZO na BIG FIZZO bahoze bakorana mbega n’uwahe wemera cane yazanye impinduka mu muziki w’uburundi?


Uy’umwana tukuzaniye amakuru agezweho ,munywanyi mu muziki w’uburundi ya bamwe mu baririmvyi babiri muziko ar’ibihangange bibaryohera kandi bigeze kujahamwe barakorana ibikorwa bitandukanye muvy’umuziki w’uburundi mu kubashimisha mundirimbo bakoranye nama Video, aho bakoranye indirimbo yitwa” YACO URIRA” yabo yamamaye cane mu bantu benshi bagiye barayumviriza ndetse barayikorera na Video kugezaho ikundwa cane ,s’abandi ni LOLILO LIZZO hamwe na BIG FIZZO bano baririmvyi basanzwe babica bigacika mu muziki bakora nk’ukuntu bakorana cane mu kwerekana ubushuti bafitaniye kenshi basanga bari kumwe.

Ariko munyuma yaho baje kutumvikana batangura gukora umwe wese akora indirimbo zo kwishura uwundi zimwe ngo IBIFU mwaragiye murazumviriza zikaba zarazanye uruhagarara muba fans babo aho wasanga nabo batumvikana rero ivyo  bikaba bibabaza abantu bamwe bamwe ahusanga bavuga ngo LOLILO na BIG FIZZO bojahamwe bagakorana  indirimbo nkuko babikora mumyaka iheze boba barateje umuziki w’uburundi kurugero rudasanzwe nubwo bashima intabwe bagezeko ari nziza  uno mwaka wa 2016 ,none munywanyi mu muziki w’uburundi witegereje ukuntu bose bakora ukaraba ivyo bakora nuwahe wemera cane ubonako amaze guteza imbere umuziki w’uburundi mwuno mwaka?

loliloBose bariko barakora neza mu kubandanya bashimisha aba fans babo muga uravye umwe wese urashobora kubona urugero amaze kumarira umuziki akora canke kuwumenyekanisha mubindi bihugu bitandukanye bibanyi canke bigize akarere ka East Africa ,kuno munsi nuko amakuru agezweho y’umuziki w’uburundi y’abaririmvyi Lolilo Lizzo hamwe na Big Fizzo nuko harageze igihe basubira kumvikana nkuko abagize umuryango w’umuziki w’uburundi bagiye barabumvikanisha eka aho twovuga nk’umuhisi Dr. Jack yari umuhinyanyuzi akomeye cane arinawe yabahuje.

Munywanyi mu muziki w’uburundi nkuko umaze amezi menshi ukurikirana cane ibikorwa vya Lolilo na Big Fizzo,ukuntu bakora cane mu kwitanga haba mubiteramo canke gusohora indirimbo,kubwawe ubona aruhawe amaze gukora ibikorinka bikagushimisha kandi amaze kumenyekansiha umuziki w’igihugu camwibarutse uburundi canke ninde ageze kurwego rukomeye agushimisha no mugihe akoze Video nziza ukabonako zakunejereje turavuga zakozwe umwaka 2016 ukibandanya kuryoherwa iyo uzumvirije canke uziravye kumvako yagushimishije kugikorwa yakoze.

14034968_10208141609033002_204261749348173690_nMbega hagati ya Lolilo na Big Fizzo harimwo uwashoboye gukora Video y’umwaka wa 2016 hama atawurimwo ushobora kumuvuga izina ukavuga n’indirimbo yiwe nshasha yakoze uno mwaka nyene ukagira inama womugira agashobora kuyikorera Video y’urwego rudasanzwe ishobora kumuteza imbere ikanamushikana kure mubihugu vya East Africa n’ahandi ugerageje kandi no kuraba neza kino gihe ukuntu bakomeza gukora neza umwuga wabo w’umuziki w’uburundi urabonako bagiye hamwe bagasubira gukorana nka kera harico borushirizaho guhindura mu muziki w’uburundi nko gukorana indirimbo?

Advertisements

4 thoughts on “Uno mwaka wa 2016 hagati LOLILO LIZZO na BIG FIZZO bahoze bakorana mbega n’uwahe wemera cane yazanye impinduka mu muziki w’uburundi?

  1. I don’t know Kirundi but am understand I wanna talk in Swahili, jina langu naitwa Kay Kay 4show mi Ni shabiki wa muziki wa Burundi Kati ya Lizzo na Big fizzo nani anaweza fanya video ya mwaka inatokana na nyimbo kwanza imeandikwa aje alafu video inakuja kuongeya badaye ila wote wanaweza kwafuraha yangu Mimi wakamuwe nyimbo Ata moja wahache beef bifu azina faida tunaitaji muziki Wetu ufike mbali Tunaitaji muimbaji Ata umoja awena rudiliya kwenye wangine wanarudiliyaga kama kuleta award Burundi Ni jambo la muimu Sana sio kubakiliya apo apo mi nawapataga Sana uku Canada .

    Liked by 1 person

    1. acana na lizzo.com, abana bashaka gupimanisha, lolo na fizzo sindabumva, fizzo naho womubazi, ati lolilo n’igiki kuri wew? yoca akwishura, ati rekana na mutama lolilo, amashi menshi kuri lolilo

      Liked by 1 person

  2. Fizzo turamwera nakomeze atera imber mu muzik:niw tableau two kwigirako ivyo umuziki_lolilo we vyarase ivyiw ntakint gishimishij mbona ariko arakora:yeah big_up my big brother Fizzo

    Liked by 1 person

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s