MR CHAMPAGNE azosohora indirimbo nshasha yise”URUKUNDO”ifise Audio na Video yakoranye na EMERY SUN izoba ryohera kuraba


Umuririmvyi Mr Champagne mwakino gihe ngo ari muyiteguro idasanzwe yo gukora igikorwa gishasha kizobashimisha aba fans biwe cerekeye umuziki w’uburundi asanzwe akora uko amezi agenda yiterimbere canke buri umwaka adasiba kwama yasohoye indirimbo nyinshi zirikumwe nama Video yazo ubu ngo uno mwaka wa 2016 hariho indirimbo yiwe nshasha aheruka mu kwifatanya n’umuririmvyi EMERY SUN kavugako izobaryohera abantu benshi bazoyumviriza akabasaba ko boyirindirana igishika cinshi kuko arizeye kwizonezera.

Rero umuririmvyi Mr Champagne akamenyesha ko iyo ndirimbo yiwe nshasha yise’URUKUNDO” yakoranye n’umuririmvyi Emery Sun ngo ntarashobora kuyisohora k’umugaragaro akavugako agomba kugira izosohoke aruko yobanza kuyitegura neza izoshimisha abantu benshi bakurikirana umuziki w’uburundi akora hamwe n’ibikorwa awukoramwo ikindi ngo ntizoshobora kuja k’umugaragaro ari Audio yonyene ahubwo ngo bazoyisohorana Video nziza cane imwe ishimishije cane kuwuzoba ayifatiye umwanya akayiraba.

12512815_910232482378432_8010509306717067776_nMr.Champagne yabandanije abamenyesha aba fans biwe imbere y’uko boba bararindirana igishika cinshi iyo ndirimbo yiwe nshasha yakoranye na Emery Sun mu gihe azoyishira k’umugaragaro ifise Audio na Video azoba ari akaryo keza kuruwo wese azoba atashoboye kuyumviriza nkuko mubiziko yahora ubwambere atangura gusohora Audio munyuma agaca asohora Video ariko ubu ngo azobirekurira icarimwe kuburyo budasanzwe buzobashimisha abantu bazoyiraba bayumviriza sivyo gusa ngo hanini arabonako Video izobica bicagika.

Aho Umuririmvyi Mr Champagne  yatanguye no kugaragaza unezero afise kubona icambere yarashoboye kuronka akaryo kokwemererwa n’umuririmvyi Emery Sun akaza bagafashanya mugikorwa co gukora ubwambere Audio akongera kandi akaza bagakorana na Video vyose bazoca babishira k’umugaragaro muminsi irimbere akaba yavuze ngo  ntakinti ciza kw’isi kumenya uwuriwe utiyizi uritegura kubimbwirwa n’abantu uwuriwe ngaho uzokoreshwa gukora ibintu utokoze kubera uzoba atari wewe wabikoze ivyo vyose bitumwa n’urukundo.

Emery-Sun-20160213_003756

Unmuririmvyi Mr. Champagne arakwemerera munywanyi  ukunda indirimbo ziwe zifise Video ko iyo ndirimbo URUKUNDO,yakoranye n’umuririmvyi Emery Sun,mugenzi wiwe nuko mwese muzoryoherwa bimwe bidasanzwe kandi izoba ari Video nziza ishobora kumenyekana cane gose ahantu hose hashika ibikorwa vyiwe ngo umuntu ashobora kwibaza igituma yavuzeko izogera kuntabwe ikomeye icazi neza nuko akazi bagakoze neza cane bagafatanije ni Mana kuko niyo vyose rero muyirindirane aho arambwira aba fans biwe.

Mbega munywanyi mu muziki w’uburundi usanzwe ukunda kumviriza no kuraba indirimbo z’umuririmvyi Mr. Champagne hamwe n’umuririmvyi Emery Sun woba witeguriye gute indirimbo nshasha bakoranye yiswe’URUKUNDO“aho izosohokana Video izoshobora kubanezera kuraba kubera ngo ubuhinga bakoreshemwo mumashusho n’ibibanza bitandukanye bazoyikoreramwo uravye ukuntu bashoboye kujahamwe bagakorana ico gikorwa urabonako uzoshima ukanezerwa kucuro yawe yambere mukumviriza Audio wongera uraba Video URUKUNDO ?

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s