MKOMBOZI avugako impunzi ntiyihunga na Album photos ariyamiriza abarundi bamwagiriza ubusambanyi arikumwe n’abakobwa 2 bo mu Rwanda


Mugihugu kibanyi c’urwanda hasanzwe hariyo igihangange mu muziki w’uburundi ariwe Umuririmvyi MKOMBOZI muziko akundwa cane n’abantu benshi cane gose bo mpumihingo yose y’ibihugu bigize akarere k’Africa y’ubuseruko“EAST AFRICA” kubera ukuntu akora ibikorwa bibashimisha mu kubaririmbira indirimbo zibaryohera kandi zibakora kumutima zikabaruhura abandi zikabahindura nuko muri igihugu arimwo hamaze iminsi ariko arahakorera bimwe mubikorwa vyiwe aho yatanguye kuhakinira Film nkuko yabimenyesheje.

Akaba hari kw’igenekerezo rya 25/08/2016 niho yashoboye kubimenyesha aba fans biwe eka n’abarundi benshi ko ari mugihugu c’urwanda kuhakinira Film nshasha igiye kuzosohoka hakaba harimwo umukobwa yagaragaye barikumwe aho yavuze ngo barabimunsavye ko akina iyo film itaramenyekana izina nawe aremera kugerageza ntavyo yarazi ko abizi kuyikina kandi ngo ibintu vyose utarabitangura vyama bisa nibigoye,ariko ubishoboye wama wibaza icatumye ubitinya ubwambere ukakibura.

14054975_1205563126149922_8958869116595923790_n
IYI NI PHOTO IMWEREKANA AHO HARIKO ARAKINIRA FILM NI MUGIHUGU C’URWANDA

Nkuko ubu hatanguye kuboneka abarundi bamwe bamwe batanguye kumwambika ubusambanyi ,Umuririmvyi Mkombozi kuko haheze iminsi yaciye yerekana ama photos ari kumwe n’abakobwa 2 b’abanyarwanda ubu bahatangye ko bamwagiriza ubusambanyi butagira izina bikaba bidanzwe uko baguma babivuga nawe bikamubabaza kubona abantu bashobora kwiyadukiza bakavuga amajambo mabi amucafuza bakamwadagaza ko azokwicwa n’umugera wa Sida ariko ntibamenye nabo bakobwa abaribo n’igituma yashimye kwifotoza nabo.

Ibintu biguma bikomera vyama photos y’umuririmvyi Mkombozi ari kumwe n’abakobwa 2 bo mu Rwanda bifotoje bahagaze ahantu niho kuruwu wa gatandatu wiyi indwi niho yashimye kwerekana umunezero wiwe afise kubona ngo hariho igihe bicika ukaba utazi abakunzi ufise ,ariko bidyoha kubonana nabo utazi“UKUMENYA”aho yariko aravuga abo bakobwa barikumwe niho abarundi bamwe bamwe  batanguye kumubarira ko ari umusambanyi nuko twamurondeye ugire icavuze kubiriko bimuvurwa ko ari mubusambanyi n’abakobwa bo mu Rwanda nkuko abo barundi babimwagiriza kurubuga rwiwe rwa Facebok.

14089146_1207309052641996_2734588103093344969_nUkuronka kwacu umuririmvyi MKOMBOZI mukunda cane mundirimbo ziwe mu gihe azisohoye mukumvamwo ubutumbwa bw’inkoramutima mugatahura ico abashatse kuvuga hanini aririmba nivyo abona bibera mugihugu ca mwibarutse nkuko atakibarizwa yamaze guhunga kubera umutekano w’ubuzima bwiwe bwarugeramiwe nuko rero yagize ico avuga mu kwiyamiriza abo bose bamwagiriza ubusambanyi babomunye arikumwe n’abakobwa bo mu Rwanda kandi uravye neza nibo bakinanye film ariko ngo biramutangaza cane kubona abavuga ivyo batazi bifise ivyiyumviro bibi gusa mu gihe abo bakobwa ngo ni aba fans biwe.

Mkombozi,arambwira uwo wese amwagiriza ubusambanyi kwatagiye mu Rwanda kubera ubusambanyi bw’abakobwa ahubwo yajanyweyo n’ibikorwa ngo ntibateshwe bate kuko wewe siyo ngeso yiwe  kandi ariyubaha cane uko yavuze mugutanga umuco yongera yiyamiriza abo barundi mu kubiyamiriza yavuze ngo kuko babonye ndikumwe naba fans banje,bibaza ko ari ubusambanyi,ndi mubakobwa,jewe kuva nza ngaha sindana kundana,kandi ntamukunzi mfise,kandi sindanaronka n’umwanya wo gukundana…none aba fans bose tworyama nokira umugongo?

14045578_1207309302641971_1236699045113837616_nUmuririmvyi Mkombozi yabandanije avuga ngo mbe fans bisigura ubusambanyi canke bisigura gukunda ibikorwa? kuko uwiyumvira nabi,naho yobona ama photos ndikumwe n’abahungu,yovuga ko nd’umu pedé Gay nabonye muma comments na Inbox,umuntu akandika nyene ko Sida izonyica hahaa,kandi ati abo bakobwa bazokwica none harico nibaza mbe jewe birangora kuvuga ko,nkundana nuyu,canke uriya,kuko ndakuze,kandi ndageze…ahubwo ndiko nshakisha uwo tuzokubakana,ntaramubona,sinzoraba abahita ariko nzobaramutsa gusa.

Harabo aba fans muhura ,muri boite,muri film ngiye gukina,hari n’abaza kumbona,bumvise aho nzagukinira film kuko n’ubwambere narungika ama photos ndikumwe n’abahungu baba fans,ntivyasigura ko ndi ELTON JOHN umengo ntabigeme tuzinanye,canke bumviriza umuziki kandi kuri jewe facebook si ahantu ho gu postinga gusa,kuri jewe niho mbika ama souvenirs yanje,kuko nta na album photos mfise,kuko impunzi ntibika Album,fcbk iyo ngiye hose ama photos yanje ndayasangayo kandi Impunzi ntiyihunga na Album photos.

14079975_1207309132641988_633946466467743425_nNkuko mushoboye kuvyumva abimenyesheje ko abo bakobwa barikumwe ni aba fans biwe kandi ntakumvangura kuko yifotoza na bose haba abahungu canke abakobwa bose ni aba fans biwe kandi ngo wewe ashaka kurondera umukobwa amubera umugore ntiyoshobora guhitana abo munzira ngo bamubera umugore ,rero ariyamirije abo barundi amwagiriza ubusambanyi mu kwiyumviriza nabi ibitarivyo kandi wewe ariyubashe cane ahubwo abonye yifotoje naba fans biwe abatazi bimwerekako ibikorwa vyiwe vy’umuziki biguma bitera imbere no mubindi bihugu .

Nkuko vyaragaragaye mu kwifotozanya nabo banyarwandakazi b’aba fans biwe ntabindi bafitaniye kuriwe.

AYA NIYO AMA PHOTOS YARIKO ARAVUGISHA ABARUNDI BAMWE BAMWE AMAJAMBO MENSHI BAMWAGIRIZA UBUSAMBANYI .UMURIRIMVYI Mkombozi ASANZWE ARI IGIHANGANGE MU MUZIKI W'UBURUNDI ,ARI KUMWE N'ABAKOBWA B'ABANYWARWANDA

14088527_1207308755975359_7538552909320416530_n 14141818_1207308809308687_4138919519029518697_n 14117978_1207308852642016_4165890494542163502_n 14088659_1207308899308678_4528722277458952931_n 14045820_1207308979308670_6222685804009762467_n 14141845_1207309092641992_3978282945806672384_n 14045974_1207309192641982_5295193412433777007_n 14102544_1207309219308646_5029156700829270042_n 14067540_1207309255975309_1977580893340847368_n 14045578_1207309302641971_1236699045113837616_n 14063740_1207309352641966_4682019378656270603_n

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s