LANIGHT yaririmba arapura igifaransa muri SWAGG TEAM+257 abazaniye indirimbo nshasha yise”BUJA MA VILLE”ngo ntiyigeze aheba umuziki


Umurwi SWAGG TEAM+257 urimwo abaririmvyi b’abahungu benshi ariko hakaba harimwo umuririmvyikazi umwe gusa w’umukobwa rero bagitangura kuririmba bari benshi cane gose kandi bashimisha abantu benshi bakurikirana ibikorwa bakora aho batanguriye ku ndirimbo yabo nshasha yitwa“IMVURA Y’IBI BABY” bayikoranye n’umuririmvyi SAT-B igisohoka gusa yaje izanye impunduka mu banywanyi bakunda umuziki w’uburundi kuko n’indirimbo bakunze cane yabaryoheye kuburyo budasanzwe uko iminsi yagenda yiterimbere niko bayikunda munyuma niho abagize uwo murwi baciye bayikorera Video nayo irakundwa.

Umurwi w’abaririmvyi/Kazi SWAGG TEAM+257 nuko muri Video yabo y’indirimbo Imvura y’Ibi baby ,bayikoze ari benshi kandi bayiririmba ari benshi inyuma yaho bagiye baragabanuka gushika aho aba fans babo bibaza iyo bagiye n’igituma baguma babona abaririmvyi/kazi bakeya bikabatera kwibaza nkuko bagiye baravyibonera mundirimbo zaciye zikurikira turavuga nk’indirimbo IGIPASA hamwe n’indirimbo UMUSHUSHO ikintu yakomeje kwibazwaho cane ndetse n’abanywanyi mu muziki w’uburundi bashoboye kutumvamwo ijwi ryumwe murabo baririmvyi w’umuraperi aririmba ururimi rw’igifaransa mundirimbo.

13939297_296600840703006_4208981010680086457_nUkuntu arapura yitwa LANIGHT kuko ngo yarabaryoheye cane mundirimbo IMVURA Y’IBI BABY ukuntu yarapura vyabaguye neza gushika ubu ntibazi iyo yoba yaragiye bamwe bibazako yoba yarahevye kuririmba canke yoba yarimvanguye mukuvamwo muruwo murwi nkuko abantu bawegereye baguma bavyibaza cane bakabura uwubaha umuco canke agire ico ashikirije uwo muririmvyi yagumye mugacerere niho indirimbo za Swagg Team+257 aririmba igifansa muri izondirimbo twabambwiye zakurikiye inyuma yiyo batanguriyeko kuririmba arapura kuko bamwemera.

Ariko  umurwi wa Swagg Team+257 abawugize barahumuriza aba fans babo ko ataho yigeze agenda mukuvamwo m’umurwi wabo ahubwo ngo baracarikumwe niho twashoboye kuyaga n’umuririmvyi Lanight aravuga igituma batamubona aririmba ari kumwe n’abagenzi biwe baririmbana nkuko babikoze mundirimbo Imvura y’Ibi Baby bagiye baramwumvamwo aririmba igifaransa mukukirapura baranamubonye no muri Video Imvura y’Ibi Baby bararyoherwa cane kandi ngo ntiyigeze aheba umuziki gukora aracabandanya ari kumwe nabo batanguranye umurwi mukunda cane suwundi ni Swagg Team+257.

14022172_303034130059677_1783578416459619414_nKandi hariho igikorwa gishasha azanye avuye mugacerere yararimwo amezi menshi cane bamuheruka kumwumva abaririmbira bakanezerwa ngo ico gikorwa abazaniye kijanye n’indirimbo nshasha azoba ari kumwe n’abagenzi biwe bagize Swagg Team+257 arahumuriza abantu bose bagumye bibazako yahevye umuziki icabitumye nuko yaciye agenda mugihugu ca Uganda ngo icamujanyeyo ni kwiga amashure niyo yashoboye kumufatira cane akabura mu mwuga w’umuziki w’uburundi mukwifatanya nabo baririmbana muri Swagg Team+257.

Nkuko yabitangura muga rero Lanight ngo abazogira amahirwe bakumviriza indirimbo nshasha yaje abazaniye yatoreye izina mukuyita” BUJA MA VILLE” ahayagiza ko igisagara ca Bujumbura ari aho muhira iwiwe akabamenyesha aba fans bose bakunda umurwi arimwo wa Swagg Team+257 bayirindiranye igishika cinshi izobaryohera kuko ntiyigeze ahindura ururimi bazomwumvamwo aririmba igifaransa arapura.

Nkuko ari umuraperi bakunda bakanamwera iyo bamwumvise aririmvye ngo agacerere yarimwo yamaze kukavamwo kandi abaribamukumbuye ntibazotangwe kumwumva muri iyo ndirimbo yiwe nshasha.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s