LOLILO LIZZO yaguze ibikoresho bikora” CLIP VIDEO”Icifuzo ciwe nikubona uburundi butere imbere mu muziki mugufasha abacuraranzi nkawe muri Studio yiwe


Ntimboneka rimwe mu muziki w’uburundi mu baririmvyi bagaze kumenyakana hamwe no kubaka izina muvy’umuziki w’uburundi benshi bita ibihangange canke Superstar nuko Umuririmvyi LOLILO LIZZO ,akomeye cane mugihugu c’uburundi akora uwo muziki guhera mumyaka ya kera gushika nuno mwaka akibandanya akora ibishimisha abarundi benshi nuko ngo uno mwaka wa 2016 afise umugambi mushasha utari bwakore ibihangange nkawe aho yuguruje Studio  ikora ama Video isanzwe ikorera muhira iwiwe muri komine  Nyakabiga i Bujumbura.

Akabirya nabwo ngo ashaka kuguma atera imbere ari wenyene mu kumenyekanisha umuziki w’uburundi mubihugu bitandukanye nkuko mubizi neza kwari umuririmvyi w’uburundi amaze gukora ama Video menshi cane gose yumurengera gusuba abandi bose rero ngo kubona yashimiye kugurura iyo Studio yiwe ikora ama Video y’abaririmvyi eka n’abaririmvyikazi ntiyayizanye kugira imukorere kugiti ciwe Video ahubwo ngo agomba kwerekana akamaro yawukuyemwo kuva agitangura umwuga wo kuririmba umuziki gushika atera ku ntabwe idasanzwe akamenyekana mu karere kagize ibihugu vy’Africa y’ubuseruko “EAST AFRICA“.

12963438_482681998605000_4378236696981746320_nNawe agomba guteza imbere abandi abacuraranzi bagenzi biwe b’abaririmvyi basanzwe ari abarundi nkuko bakunze kubona akora cane afise ishaka muma Video yiwe menshi aho anamaze gukorana Video nk’ibihangange biva mugihugu ca Tanzania kandi bigezweho mu kuririmba neza umuziki muri East Africa ,twovuga nka DIAMOND, ALI KIBA n’bandi benshi turainze kuvuga amazina yabo nkuko mwagiye murabona ama Video bakoranye akabashimisha eka ngo akanya kabo bacuraranzi b’abarundi akagenzi ko nabo boshobora gukora ama Video abagetera imbere kuko Video niyo ituma umucuraranzi amenyekana cane.

Ico gikorwa gishasha kizanzwe n’igihangange mu muziki w’uburundi, ariwe Umuririmvyi Lolilo Lizzo aho yamaze kubazanira studio yiwe nshasha ikora ama Video rero ngo agomba ko abo bacuraranzi bamwitura bakaza akabakorera Video bagashima cane kuko haciye iminsi aguze ibikoresho bishasha niho ibikorwa vyamaze gutangura banyaruka bagakorerwa izo Video nabo bagashobora gutera imbere nkuko nawe yateye imbere mu gukora umuziki w’uburundi nuko abamenyesha ko ivyo bikoresho ari CAMERA CANON nshasha iri mubwoko bwa 5D mark 2 niyo  gukoresha ama Clip Video mugufasha abacuraranzi b’abarundi nkawe kugira batere imbere.

12115786_440792049460662_9188778518658262875_nLolilo Lizzo nuko rero arabateye akamo abo bacuraranzi bagenzi biwe agomba kubateza imbere mu kubakorera Video bagashima kuko arabiteguriye bimwe bidasanzwe abazoshima cane aho kandi ngo akotesha ibikoresho vyo gukora ama Video kuwo ashaka wese  kubikoresha ikindi avuga y’uko umucuraranzi wese w’umurundi ashaka gukora  clip Video amumenyesha ko ayikorera amafaranga amakeya cane y’amarundi atarenga imibhumbi 70 hama uwushaka gukotesha caméra  ni azotanga ibihumbi 50 yonyene uwuyazanye arayihabwa neza.

Ngo ntibabure gukora clip Video kuko uwo ayikoreye wese imara iminsi ibiri yonyene akaba ahejeje kuyikora yose agaheza akayimushikiriza arizerako n’abanywanyi mu muzik w’uburundi bazoryoherwa mukuraba ama Video yayihanyuwe  we akavuga ko ntibitinye kuza gukorerwa ama Video abo bacuraranzi bagenzi biwe bakora umwuga umwe wo kuririmba kugira biteze imbere banateze igihugu cabo cabibarurutse umuziki w’uburundi bwose kugira bakomeze no kumenyekana cane batera imbere mubikorwa vyabo vyo kuririmba indirimbo zifise ama Video abona neza abereye ijisho agashimwa barayaraba.

14034967_2167064320238787_1365977219343802964_nMukiganiro twahawe nico gihangange c’umuziki w’uburundi ariwe Lolilo Lizzo twamuabajije igituma yashimye kugura iyo Camera hama ahaheza akavugako ashaka guteza imbere abacuranzi bagenzi biwe b’abarundi bakora umuziki biciye mu kubakorera ama Video ameze neza akaza kuri ico gico yavuze ko imwe ayikorera ibihumbi 70 y’amafaranga y’uburundi nuko yatwishuye mu kuvuga ngo Camera yiwe ni 5D mark 2 yayiguriye mugihugu ca Africa du Sud yamutwaye amafaranga yama Euro 2000 €  ikindi nuko Studio yiwe ikora Video iri muhira iwiwe kandi n’abantu barayi kodesha.

10550046_283664551840080_7579022320270539808_oAkaba yaraguze ibikoresho vyogukoresha ama clip mugufasha  babacuraranzi b’abarundi baririmba agashakako botera imbere biciye murubwo buryo bwokuza bagakorera Video muri iyo studio yiwe mu kubateza imbere ntiyagarukirije aho yongeye aravuga y’uko yaguze n’imashine izokora “LAP TOP” inyaruka caaane y’ubwoko bwa H5 ifise 8 jiga ya rame 1000 jiga ya disque dure kandi yasozeye mukuvaga ko uno munsi yaguze Camera Canon 5 D ejo Imana ibikunze azogura na Camera REDY ,arashoboye kuzoyirondera ikazoba ari we wenyene azoba abaye uwambere mugihugu c’uburundi akoresha iyo Camera yitwa Redy.

Kubera Umuririmvyi Lolilo Lizzo ngo  icifuzo ciwe nuko ashaka kubona igihugu c’uburundi bwamwibarutse buteye  imbere mubijanye nama Video y’abacuranzi b’abarundi bivuye muburyo bwiwe no mumaboko yiwe vyose ngo bizoshoboka yarangije abatera akabo abacuraranzi bose bi Burundi kuza iwiwe akabakorera Video bagatanga amafara ibihumbi 70 kuri Video imwe yonyene akayikora iminsi biri ikaba irangiye gukorwa igaheza igashirwa k’umugaragaro ikarorerwa n’aba fans babo bagashima.

KURIKIRANA MU KWITEGEZA NEZA IYO" Camera Canon  5D MARK 2 "YAGUZWE N'IGIHANGANGE MU MUZIKI W'UBURUNDI,UMURIRIMVYI Lolilo YAMAZE GUTERA AKAMO ABACURANZI B'ABARUNDI BAKORA UMWUGA UMWE KUZA ARI BENSHI BAGAKORERWA VIDEO BAGASHIMA

14040165_2167064343572118_8323578221352345230_n 14088483_2167064383572114_5798384399139280070_n 14141745_2167064420238777_1646002272523641572_n 14102445_2167064356905450_2083551068553399898_n 14141745_2167064420238777_1646002272523641572_n

Advertisements

One thought on “LOLILO LIZZO yaguze ibikoresho bikora” CLIP VIDEO”Icifuzo ciwe nikubona uburundi butere imbere mu muziki mugufasha abacuraranzi nkawe muri Studio yiwe

  1. Vraiment mimi namukubali lolilo ayo mawozo nimazuri sana kwa warundi nahata kwawengine wasio warundi sababu amejitolea kuleta vyombo hivio kikukweli MUNGU amzidishie hapo alipo nakumiss saana lolilo pia fundisha kizazi kipia kwamaana wao ndio watakapo kugomboa asant

    Like

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s