IRABIRE AMAFOTO:_NATACHA yuriye indege n’umuryango wiwe bagiye mugihugu ca ITALIA hamwe n’umukozi wo munzu amurabira abana


Umuririmvyikazi NATACHA abica bigacika mu kunezereza aba fans biwe hamwe n’abantu benshi bari mubihugu bitandukanye bakurikirana ibikorwa akora vyo kuririmba indirimbo zibaryohera zifise nama Video nuko amakuru yiwe twaronse uno munsi wa gatano itariki 26/08/2016 niho yafashe urugendo rukomeye yurira indege amenyesha y’uko agiye mugihugu c’ubutariyano“ITALIE“mukaruhuko kandi igihe yari kukibuga c’indege ca Bujumbura umunezero wari mwinshi cane gose nabo bari kumwe bose kuri ico kibuga c’indege.

Natacha imbere y’uko yurira indege twashoboye kuganira nawe mu kumubaza ibibazo bitandukanye bijanye nako karuhuko yagiyemwo m’ubutariyano yagize ico asiga avuze aho yashimiye caane aba fans biwe bagiye barakurikirana ibikorwa vyiwe kuva muntango zuy’umwaka wa 2016 guhera mukwezi kwambere gushika kuno kwezi kumunani kandi yamenyesheje kino kimenyeshamakuru y’uko ibikorwa yakoze  uno mwaka wa 2016 ni vyinshi kandi birashimishije caaane abagiye barabikukirana aho bari hose.

14102289_2167112930233926_603882313581913188_nBimwe mu bikorwa yakoze uno muririmvyikazi Natacha mu mwaka turimwo  imbere y’uko afata akaruhuko akava mugihugu camwibarutse akagenda kuruhukira mugihugu c’ubutariyano ahasanzwe ahavuka umugabo wiwe w’umuzungu kandi umukuru wa Hotel Club du Tanganyika nuko mu ntango zuno mwaka yashoboye gutangura gushira ahabona Video y’indirimbo Unaniongopea ,muziko yabiciye biracika mu bantu benshi haba muri East Africa bagiye barayiraba canecane kuri YOU TUBE  benshi barayishimye cane no gushika ubu bakomeza kuyiraba ku bwinshi basiga ivyiyumviro uko bayibonye bararyoherwa cane.

Mwibukeko yiyakoranye n’umurwi w’abaririmvyi YAMOTO BAND wo mugihugu ca Tanzania kandi inyuma yaho m’ukwezi kwa Gatatu yarashoboye gutunganya igice ca gatatu c’isabukuru yiswe “Festival de la chanson féminine” aho yatunganije igiteramo yashoboye gutumira umwigeme LIANE akomeye cane muvy’umuziki muri East Africa ni wo mugihugu ca Uganda yitwa Liane hama inyuma yaho yarashize ahabona urukurikirane rw’indirimbo ziwe zibona”ALBUM VIDEO” yise”Mawe mwiza”.

Nkuko abahishikiye barabonye ukuntu yabiciye biracika caaane mu kubaryohera abaririmbira indirimbo zitandukanye rero tugarutse kurugendo yafashe uno munsi mu kurira indege imushikana mugihugu c’ubutariyano nuko  ayagiye mukaruhuko ari kumwe n’umuryango wiwe wose ugize umugabo wiwe yitwa Alfredo Frojo,Umwana wiwe w’umukobwa yitwa Leilla ,hamwe n’umuhungu wiwe yitwa Julio,eka tutibagiye umukozi wiwe wo munzu amukurikiranira abo bana biwe yitwa Aline ,nuyo mubona kw’ifoto atwenga gushika aho amenyo yiwe yose muyabona kubera umunezero.

Kubw’umuririmvyikazi Natacha ngo arashimira abamusabiye ku Mana kugira uwo mukozi wiwe aronke igitabo c’izira “VISA ” kuko yaravyipfuje umwaka wa  2015 ariko ntivyakunze nkuko yitwa Aline we ngo ntaco afise ashimira inabuja wiwe“NATACHA“yaramufashije caaane kubona ubu rigira gatanu yurira indege ubu naho bukaba bubaye ubwambere aja i Bulaya ngo Imana imuhezagire kuko ivyo akora ngo birengeye ubwenge cane.

14045663_2167113006900585_2322397629490226558_nUmuririmvyikazi Natacha ngo naho yagiye mukaruhuko ntiyagiye kwicara azogerageza guhura nabamwe nabandi mubajejwe igisata cumuziki kugira abashe kwimenyekanisha hamwe nukumenyekanisha ibikorwa vyiwe mumakungu,mwomenya ko naho yagiye i Bulaya yasize afashije sponsor mwitunganywa ry’igiteramo ciswe Summer Mix Show ni ihiganwa ryaba djs bo mubihugu c’uburundi ririko rirabera muri Star Hotel mwarino joro bikomeye cane barahiganwa bigakomera mukuvuza indirimbo zitandukanye ntiharashobora kumenyekana uwusumba abandi ubuhinga.

14124952_2167144733564079_8682826199828671137_o
NGAHO UMURIRIMVYIKAZI YARARI MUGITEREMO CISWE Festival Amahoro CABEREYE KURI STADE PRINCE LOUIS RWAGASORE ,KW’IGENEKEREZO RYA 21/08/2016

13958012_2167144750230744_8169297481043515124_o

KURIKIRANA MU KURABA AYANDI AMAFOTO AMUGARAGAZA UMURIRIMVYIKAZI Natacha BAGIYE MUGIHUGU C'UBUTARIYANO N'UMURYANGO WIWE HAMWE N'UMUKOZI WO MUNZU AMURABIRA ABANA

14068231_2167113153567237_4175458830820619425_n 14079988_2167113040233915_5492084851748181607_n 14051583_2167112950233924_6437572995367097679_n 14141762_2167112990233920_9218562938671220447_n 14102572_2167113186900567_7621002747649125576_n

14079694_2167112903567262_6850508500760996920_n

 

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s