CHANNY QUEEN nyuma yaho ahebamenye na R.FLOW nuko ahejeje kuvyara umwana w’umuhungu yitwa”RODNELL”hama NATACHA y’amwibarukije


Amakuru agezweho mu muziki w’uburundi ashushe nuko Umuririmvyikazi CHANNY QUEEN yaramaze amezi nyandi afise imbanyi y’umuhungu yitwa RODRIGUE”aho yayimuteye bikaba vyarashoboye gutangaza abantu benshi cane bashoboye kubimenya kwariwe yayimuteye kubera ngo bari baziko ari y’umuririmvyi R.FLOW ngo niwe baribazi mu muziki w’uburundi kwariwe umugabo wiwe ariko kuno munsi wakane habonetse igitangaza.

Nuko amakuru dushoboye kuronka yimvaho  atomoye neza uwo muririmvyikazi Channy Queen mumasaha yaheze niho yashoboye kuvyara umwana w’umuhungu kandi afise umunezero mwinshi  ntangere umwe udasanzwe ikintu gitangaje nuko R.Flow yaraye asohoye Video nshasha y’indirimbo “IBUKA” yaririmbiye uwo muririmvyikazi bahoze murukundo imbere y’uko batandukana yamubarira ngo areka kwiyamamaza kuko ivy’isi ntavyo yomara kandi yamubarirako atawundi muhungu yoza amusumba ariko ubu baramaze guhebana none bwakeye aciye avyara umwana w’umuhungu biriko vyatangaje abantu benshi.

14055198_2166550233623529_5906970291233116040_n

Umuririmvyikazi CHANNY QUEEN ivyara ryiwe ry’umwana w’umuhungu akaba agize kabiri kandi yamaze kuvuka,niworaba umunezero ni mwinshi kuri uwo muririmvyikazi,murabiziko banywanyi mu muziki w’uburundi hamenyekanye izina ry’uwo mwana wiwe yavyaranye n’umugabo wiwe Rodrigue,bakaba bashoboye gukora ibintu binejereje aho biyumviriye neza mu kuraba izina boshobora kumwita nuko ngo bahavuye bamwita” RODNELL“iryo zina rifise ngo  insuguro yaryo n’igituma barimwise.

Uwo mwana w’umuhungu  ahejeje kuvuka bise RODNELL c’umuririmvyikazi Channy Queen na Rodrigue nuko twashoboye kumenya isobanuro ryizo riza bamutoreye nuko ngo ” ROD” rivuye mw’izina RODRIGUE“ariryo ryuwo mugabo hama “NELL “narya ngo rivuye mw’izina “CHANNELLE “nkuko bashoboye kubimenyesha hama kandi nuko Umuririmvyikazi NATACHA nawe nyene yashoboye kwishikira aho uwo mugenzi wiwe w’umuririmvyikazi yashoboye kuvyarira akaba yagiye yitwaje agakemanyi katashoboye kumenyekana akariko yamuhaye.

Channy Queen rero akaba yashoboye kuryoherwa cane gose kubona Natacha yashoboye kuba mu baririmvyikazi bambere bashoboye kuza ubwambere kumwibarutse eka no kuza amuzaniye agakemanyi sivyo gusa vyamunezereye cane ngo nuko basanzwe ari abagenzi ikindi twobamenyesha ubu rero umwana wiwe akaba yashoboye kujanwa ahantu hari ivyuma bitanga umwuka “OXYGENE“tukaba tutashoboye kuronka ingene tumufotora ateruwe na nyina wiwe ariko twahavuye dufotora umuririmvyikazi Natacha amufise nkuko muvyibonera.

14034711_2166550066956879_7977091363566107930_nTubamenyeshe ko umuririmvyikazi Channy Queen yashoboye kuvyarira kubitaro vyitwa” PRINCE REGENT CHARLE” niho umuririmvyikazi Natacha yagiye kumusanga ahita amwibarutsa baryohewe cane gose nkuko mubabona kw’ifoto batwenga kandi akaba yanezerewe cane kubona yavyaye neza cane umwana w’umuhungu mwiza abereye ijisho ubu umunezero ni mwinshi cane gose kandi twahavuye tumenyako mu bantu batanguye kumwibarutsa ari Natacha yabimenye imbere yabandi bose eka ntabatarashobora gushika kumwibarutsa ngo bonyaragasa barahamusanga.

Ikindi  nuko Umuririmvyikazi CHANNY QUEEN,ubu ashoboye kubaka umuryango umwe n’umugabo wiwe bavuyaranye uwo mwana w’umuhungu bakamwita izina rivuye mumazina yabo ariryo“RODNELL”kandi ubu uwo muririmvyikazi aciye agira abana babiri uwambere akaba ari umukobwa yigeze kuvyarana n’igihangange c’umuziki w’uburundi ariwe LOLILO LIZZO arinawe yashoboye kumutera imbanyi yambere noneho uno mwaka wa 2016 ashoboye kumukurikiza n’umwana w’umuhungu avyaranye na Rodrigue.

14045990_2166550093623543_3519020536597829571_nMunywanyi w’indirimbo z’umuririmvyikazi Channy Queen ushoboye kumenya y’uko uno munsi wakane ko ariho ashoboye kwibaruka  umwana w’umuhungu yitwa“RODNELL“amuvyaranye n’umugabo wiwe Rodrigue,woshobora kubaukeza ubambwarira iciyumviro cawe mu kumwibarutsa umuvyeyi yibarutse”Channy Queen” kur’uwo mugisha udasanzwe ashoboye kuronka uvuye ku Mana ishoboye kubaronsa uwo mwana wabo ?

KUKIRANA AMAFOTO Y'UMURIRIMVYIKAZI Natacha YISHIKIYE KUMWIBARUTSA UBWAMBERE UMURIRIMVYIKAZI Channy Queen YIBARUTSE UMWANA W'UMUHUNGU

14088650_2166550106956875_7768728885098744544_n 14051725_2166550150290204_8210482333062152783_n 14102421_2166550176956868_4098963582128849943_n

NTUTANGWE KURABA VIDEO Y'UMURIRIMVYI R.Flow YARAYE ASOHOYE Y'INDIRIMBO " Ibuka" YARIRIMBIYE Channy Queen  NONEHO NAWE ACIYE AVYARA UNO MUNSI AHO IYO VIDEO YARAYE ISOHOTSE
Advertisements

One thought on “CHANNY QUEEN nyuma yaho ahebamenye na R.FLOW nuko ahejeje kuvyara umwana w’umuhungu yitwa”RODNELL”hama NATACHA y’amwibarukije

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s