Kurikirane mukuraba amafoto ya NATACHA yashoboye guhimbaza umunsi mpuzamakungu w’urwaruka mu Burundi ruva mumihingo yose yigisagara ca Bujumbura


Igihangange mu muziki w’uburundi ariwe Umuririmvyikazi NATACAHA atavyorosha mu kunezereza aba fans biwe biwe eka n’abantu benshi bakurikirana cane ibikorwa akora vy’umuziki bibashimisha aho ni  mu  gihe yaraherutse gusohora Video y’indirimbo yiwe nshasha yise” SHIKILIA”niyo imaze iminsi ibica bicaka mu bayirabe nkuko ikozwe murwego rugezweho rubereye kuyirabamwo ikaba yayikoreye amashusho yayo mugihugu ca Tanzania arinaho yakorye Audio yayo.

Umuririmvyikazi NATACHA rero kuva umwaka wa 2016 itangura aguma akorana ishaka ridasanzwe mu kumenyekanisha ibikorwa vvyiwe vyo kuririmba mubihugu vya East Africa hamwe no guteza imbere umuziki w’uburundi kandi intabwe agezeko ishimisha abantu benshi aho uno mwaka igitangura yashoboye kurekura Video yiwe nshasha y’indirimbo UNANIOGOPEA ayikoranye n’ibigangange vy’abaririmvyi YAMOTO BAND bo mugohugu ca Tanzania uko iminsi yagenda yitera imbere niko azana ishusho nshasha mu muziki w’uburundi.

14046059_2166003257011560_5265503534056328502_nAho yaraherutse gusohora Video y’indirimbo yiwe nshasha ariyo”SHIKILIA”uno mwaka wa 2016 ikorewe muri icogihugu vyose  bikaba vyararyoheye abarundi n’abarundikazi benshi baguma baziraba izo Video ndetse na bamwe mu barongozi b’igihugu c’uburundi baguma bamutumira kuza kubateramisha  mubiteramo bitanduka nkuko ishirahamwe mpuzamakungu rya FNUAP bafadikanije n’ubushikiranganji bw’indero n’ubushikiranganji bw’Urwaruka inkino n’imicokama mu Burundi,bari bamutumiye k’umunsi mpuzamakungu wahariwe urwaruka ,hari kw’igenekerezo rya 23/2016.

Natacha akaba yashoboye kwatsa umuriro mugiteramo bari bamutumiyemwo babitunganije nkuko mwavyumvise niho yaryohera abo barongozi canecane yarushirijeho kuneezera urwaruka rw’uburundi rwari rwitabiriye ibiriro vy’uwo munsi k’umunsi mpuzamakungu wahariwe urwaruka vyabereye kuri Centre Jeune Kamenge ,mugisagara ca Bujumbura yarageraje kwerekana ubuhinga bwiwe butanduakanye mu kubateramisha vyahavuye baguma bamusaba ko yo baririmbira indirimbo SHIKILIA.

14021483_2166003287011557_180729262207799876_nKubera bayumviriza mumaradiyo atandukanye akorera mu Burundi hamwe no kubuhinga kurukana bumenye uko yaheza kuyiririmba niho urwaruka rwaraho rwaguma rumusaba ko yogubandanya ayibaririmbira akaba yayisubiyemwo icuro zitatu zose bararyohewe cane kandi nawe vyaramnezjereje kubonako iyo ndirimbo yiwe iguma ishimisha kira umuntu wese ayumvise ahari hose vyaramurenze nkuko mubibona kurayo amafoto nuko urwaruka rutashoboye kumwerera kwagenda rwaguma rumukirira ahagiye hose ngo aruririmbire.

Turanginze tubibutsa ko ibiro vyari vyitabiriwe n’umushikiranganji w’indero Janvière Ndirahisha,hamwe n’umushikiranganji w’urwaruka inkino n’imicokama ariwe Jean Bosco Hitimana,tutibagiye Uwuserukira Ishirahamwe rya UNFPA ariwe Madame Suzane ,eka n,izindi ndongozi nyinshi zitandukanye z’igihugu c’uburundi zari zahishikiye mu guteramisha bikomeye n’umuririmvyikazi Natacha aho haririmvye indirimbo zibiri arizo” BARIRWA WUMVE, SHIKILIA” hakavamwo imwe ibaryohera cane kurusha iyo yindirimbo ariyo Shikilia.

Kurikirana mu kuraba amafoto y’umuririmvyikazi Natacha ,ukuntu vyari vyfashe muri ivyo biroro aho yashoboye guteramisha urwaruka rw’uburundi hamwe n’indongozi zitandukanye z’igihugu c’uburundi arizo zari zatunganije uwo munsi udasanzwe mpuzamakungu w’urwaruka mu Burundi.

14100444_2166003410344878_5000013021886570492_n 14051635_2166003300344889_7027689547125663661_n 14095701_2166003353678217_5838803380985761230_n

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s