NATACHA ngo urwaruka rw’uburundi birinde ivyobazimiza kandi bumve impanuro bahabwa n’abavyeyi babavyaye


Umuririmvyikazi  NATACHA asanzwe atavyorosha muri kino gihe mugihugu c’Uburundi mubijanye n’umuziki arakunzwe cane n’abantu benshi kubera ibikorwa akora bibashimisha cane gose mugusohora indirimbo nama Video bibaryohera kumviriza no  kuraba nuko yaraye yateramishije urwaruka rw’uburundi ruva mugisagara ca Bujumbura muma Quartiers atandukanye muguhurira mugiteramo kidasanzwe yashoboye kubanezereza mu kuabririmbira gushika aho buzura umunezero mwinshi.

Ico giteramo cari catunganijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu rya FNUAP bafadikanije n’ubushikiranganji bw’indero n’ubushikiranganji bw’Urwaruka inkino n’imicokama ivyo birori vyariko birasozerwa k’umunsi mpuzamakungu wahariwe urwaruka rw’uburundi ninaho ubwo bushikiranganji bwose bwari bwateguye uwo munsi mukuru bashoboye gutumira Umuririmvyikazi Natacha aze kwifatanya nabo niho yashoboye kubateramisha abantu benshi bari baje ari benshi cane gose vyari ibiro bidasanzwe kuko vyatewe iteka ridasanzwe.

13227063_1188312324553505_4449507635533022839_nUmushikiranganji w’indero Janvière Ndirahisha,hamwe n’umushikiranganji w’urwaruka inkino n’imicokama ariwe Jean Bosco Hitimana,tutibagiye Uwuserukira Ishirahamwe rya UNFPA ariwe Madame Suzane ,eka n,izindi ndongozi nyinshi zitandukanye zari zahishikiye zarateramishijwe bimwe bidasanzwe nuwo muririmvyikazi Natacha akaba yashoboye kuririmba indirimbo zibiri zonyene hariho imwe ubu ariyo igezweho cane mundirimbo ziwe amaze gukora uno mwaka wa 2016.

Eka iheruka no gukorera Video y’urwego rukomeye cane mu muziki w’uburundi na East Africa ariyo benshi bazi kw’izina rya”SHIKILIA“hama iyindi yaririmvye ni iyitwa”BARIRWA WUMVE“niyo nyene ifise Video kandi irimwo impanuro nyinshi cane gose k’urwaruka rw’uburundi ukuntu rukwiye kwifa mumico no mumibano haba no mumashure eka n’umubuzima bwabo bwakazoza barashoboye kuryoherwa cane ukuntu yabateramishije bamubona amaso muyandi abaririmbira izo ndirimbo zabaguye neza cane kumutima.

11110573_958383747546365_468647755078159853_oTwobamenyesha nkuko iyo ndirimbo izwi cane” Shikilia”,yaryoheye urwaruka baranezerewe kandi yarabiciye biracika mu kuyibaririmbira bumvako atoheza kuyiririmba kubera uburyohe bwayo ifise canecane amajambo arimwo hamwe n’umudiho rero bikaba vyagaragaye ko iyo ndirimbo iriko irafata ikibanza gikomeye caane kuko urwaruka rwari ngaho bayisavye kenshi bimwe biteye ubwoba baranasaba ko boyiririmba kabiri canke gatatu ariko  imbere yo kuririmba nuko umuririmvyikazi Natacha yasavye urwaruka rw’uburundi kwumvira impanuro bahabwa n’abavyeyi babavyaye babo kugira bazogire kazoza keza  mubuzima.

Inyuma yaho Umuririmvyikazi Natacha yaciye afata iyihuta aja gukora ikiganiro yatumiwemwo kw’iradiyo Colombe iri mugisagara ca Bujumbura  aho imbere yogushika kwiyo radiyo vyamugoye caaane kuko isinzi ry’urwaruka bari baje kugira guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe urwaruka rw’uburundi aho bamusabe kandi abaririmbire indirimbo Shikilia,akaba nawe yabikoze baranatamba bose kw;ibarabara vyari biryoshe cane yarabaryoheye cane gose kuburyo bumvako badashobora kumurekura agende ahubwo agume abaririmbira iyo ndirimbo yiwe nshasha igezweho mu muziki w’uburundi.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s