K’umunsi w’Imana wi indwi iheze kw’igenekerezo rya 21/08/2016 mugihugu c’uburundi haraye habaye igiteramo kidasanzwe ntagatoya citiriwe FESTIVAL AMAHORO akandi icivugo cari “ICO DUPFNA GISUMBA ICO DUPFA”kiba cahuje abaririmvyi n’abaririmvyikazi ndetse harimwo n’imirwi yabo bose hamwe barenge 30 kuduga kuko bari benshi cane gose kiba caraye kibereye kukibuga c’inkino citiriwe UMUGANWA RUDOVIKO RWAGASORE kiri mugisagara ca Bujumbura niho ibiriro vyatanguye igihe c’isaha umunani zuzuye.
Muri FESTIVAL AMAHORO vyaraboneka neza ko abaririmvyi n’abaririmvyikazi bakora umuziki w’uburundi bari batumiwe muguteramisha abarundi n’abarundikazi bari bahishikiye kurin ico kibuga cinkino nuko bakoze ibintu bitangaje cane gose wari umuriro udasanzwe vyaragaragaye ko umuziki w’uburundi ubu ugeze kurwego rukomeye cane gose mu gukundwa nimvukira zawo nkuko vyagaragaye muri icogiteramo ciswe Festival Amhoro aho bari baramutse bashigikira Amahoro mu Burundi kwariho azokwamaho.
Kuko amahoro niyo nkingi yavyose mugihugu ngo ntakintu ntakimwe co korwa mugihugu mu gihe at’amahoro ariho ariko kuwo munsi bararyohewe cane gose abantu bashoboye kwitabira ivyo birori nkuko abaririmvyi n’abaririmvyikazi bashoboye kubica bigacika mu kuririmbira abenegihugu nkuko bari buzuye cane gose kumande zose z’ikibuga c’Umuganwa Rudoviko Rwagasore kandi wari umunezero mwinshi cane gose udasanzwe nkuko muvyibonera kurayo amafoto amwe amwe mubona ikindi twobamenyesha ko.
Festival Amahoro ,yitavye abaririmvyi n’abaririmvyikazi benshi bateramishije abanegihigu baje kubashigikira mu kubumbatira Amahoro mugihugu c’uburundi nkuko biyumvako bafise buzuye amahoro kandi ayo mahoro niyo ngo ahuza abarundi n’abarundikazi bahuriye kukintu kimwe arico umuziki urimwo impanuro zitandukanye eka vyari ibintu bidasanzwe kandi harashoboye nokuza abasanzwe bari mu barongoye igihugu c’uburundi mu gushikira amahoro hamwe nabashoboye gutunganya ivyobirori aho hariho Icegera cambere c’umukuru w’igihugu c’uburundi ariwe GASTON SINDIMWO.
Yashimiwe cane gose n’abaririmvyi hamwe n’abaririmvyikazi kurukundo rwiza yashoboye kubereka mu kubashigikira mu gikorwa ciza bakoze nco kwerekana ko naho bakora umuziki w’uburundi barashoboye kumvisha abarundi n’abarundikazi ko igihugu kirimwo amahoro haba umunezero ikindi nuko Festival Amahoro ,yaraye ingenze neza cane gose nkuko abo baririmvyi n’abaririmvyikazi bashoboye kuyitabira nka bose bakora umuziki w’uburundi bari bahishikiye amazina yabo twashoboye kumenya neza bari kugitigiri hariho:
1.Natacha
30.Masoja
Kurikirana mu kuraba amafoto amwe amwe yaranze Festival Amahoro ,yaraye ibereye kuri Kukibuga c’inkino c’Umuganwa Rwagasore
Ndabona vyari bishushe! Ndashimiye cane cane Alfredo Frojo we yagize ico ciyumviro. Paci Nz
LikeLiked by 1 person