Manager KIYOYO JUMA azaniye abanye Belgique kuzoteramishwa na BIG FIZZO hamwe na T-MAX ahitwa ANVERS


Ibihangange bibiri b’abaririmvyi aribo BIG FIZZO na T-MAX batavyorosha mu gukora umuziki w’uburundi  bashimisha abantu bantu benshi cane gose kukuntu bakunda gusohora indirimbo zibaryohera uranavye baragezweho cane gose kuko basanzwe bafise ubuhinga bukomeye mu kuririmba nuko basanzwe kandi bagize umurwi umwe w’abaririmvyi uzwi kw’izina WAJASEHI KAMILI  kandi ni abavukanyi bafitaniye ubucuti bushika budasanzwe nibo bagaragaza cane muruwo murwi wabo aho umwe ari General uwundi akaba Colonel.

Big Fizzo na T-MAX bari bamaze imyaka myinshi cane gose badahura mu gukorana Concert bari kumwe kugira bateramisha aba fans babo basanzwe bari mubihugu bitandukanye haba mu Burundi canke hanze y’uburundi ntibari bwigere bashobora gukorana mu kubateramisha ariko rero nuko amakuru agezweho mu muziki w’uburundi yadushikiye avuye kwa Manager azwi cane kw’izina rya KIYOYO JUMA yashoboye kubahuza mu kuzokora Concert ikomoye cane ngo itari iyokwirengagiza kuzozamwo ikazobera mugihugu ca Belgique,ni mukwezi kuza.

13770454_10153789898468786_1737602105166183863_nNuko ibihangange bibiri vy’umuziki w’uburundi aribo BIG FIZZO na T-MAX ngo bigiye kwatsa umuriro muri icogihugu kubera bariteguye cane kuzoteramisha abantu bose bazokwishikira kandi baramenyeshako uwutazoza ntazokwidoge ngo ntibigeze bamuteguza bakambwira aba fans babo bari Belgique ko bohurira ahitwa ANVERS kandi ngo kw’injira ni 10€  k’umuntu umwe gusa aho kuwo munsi bizobica bigacika kuri stage  mu gihe bazobateramishwa nabo baririmvyi bompi.

Iyo Concert bazokorera mugihugu ca Belgique nuko yateguwe na Manager Kiyoyo Juma akunze guhamagaza BIg Fizzo mubihugu vyaburaya kubakorera am Concert itandukanye ateramisha aba fans biwe ariko kurubu ngo yashimye guhamagaza azokwofatanye na T-Max mu guteramisha abantu bo mugihugu ca Belgique ahitwa ANVERS kandi ngo bizoba biryoshe cane goe kubera abo baririmvyi basanzwe babifitiye ubuhinga bukomeye bwokwitwara neza imbere yaba fans babo mu kubateramisha bakumvako baryohewe.

14117939_1165903393430879_5501340342506794004_nTwobamenyesha nuko muri Concert igiye gukora Umuririmvyi Big Fizzo na T-Max bazoshobora gufashanywa numwe mu baririmvyi bo mugihugu c’urwanda yitwa LIONEL SENTORE nawe ntasanzwe mu guteramisha abantu ngo bazoshobora kwatsa umuriro udasanzwe mu kuririmbira abanye Belgique bazokwitabira iyo Concert bakaba babiteguriye kuzoshobora kubateramisha babaririmbira indirimbo zitandukanye zimwe bakunda kumva kuwo munsi bazoba barikumwe aho Anvers.

Umuririmvyi T-Max nawe yagize ico abamenyesha aba fans biwe kuvyereye Concert  azoshokorana n’umuririmvyi Big Fizzo umuvukanyi wiwe hamwe n’umuririmvyi Lionel Sentore wo mugihug c’urwanda nkuko bazoba bari kumwe mugihugu ca Belgique aho yababwiye ngo abantu bose basanzwe bakunda ibikorwa vyiwe azoba  azananye inguvu nyinshi zo kubateramisha bakaryoherwa canecane mu kubona kuri Stage abaririmbira bakumva banezerewe.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s