N.JOHN MELODICA ashima intambwe Studio yiwe”NEXT LEVEL SOUND”igezeko abayikoreyemwo indirimbo barashima


Umuririmvyi N.JOHN akora neza cane indirimbo ziwe zishimisha abantu benshi bazumviriza kuko zirimwo impanuro bigatuma bazikunda cane gose nkuko badasiba kubimubarira aho ni mu gihe yigeze kumenyesha aba fans biwe hamwe n’abaririmvyi bagenzi biwe ko asigaye afise Studio nshasha yise NEXT LEVEL SOUND ,isanzwe ikorera muntara ya MUYIGA ariho yashimye ko ariho ibikorwa vyayo vyokorerwa mu guhinyanyura indirimbo zitandukanye z’abarundi ubu ngo isigaye ifise ibikoresho bidasanzwe kandi ikorera neza abantu bayituye.

NEXT LEVEL SOUND ya N.John isigaye idasanzwe muntara ya Muyinga kuko abaririmvyi b’abarundi benshi bariyo n’abahandi bose barayihurumbira cane gose mu kuhakorera indirimbo zabo zisohoka zifise akanovera karyoshe kumviriza mu bantu bazironka igishimishije cane bayizamwo ari benshi cane gose kuyikoreramwo akazi kabo k’umwuga wo kuririmba kandi iyo Studio yiwe igeze ahantu hashimishije nimwe muzokora neza cane indirimbo muri iyo ntara ya Muyiga.

14079535_2163139797297906_3782331942495394632_nTwashoboye kuyaga n’umuririmvyi N.John Melodica,nyene Studio next Levl Sound ,yagize ico avuga aravye ingene ibikorwa biriko biragenda muri iyo Studio yiwe itaramara umwaka canke amezi menshi cane ikorera indirimbo z’abaririmvyi batandukanye haba abari Muyiga ,canke hanze y’intara irimwo nuko ngo arashimisha intambwe ibikorwa vyabo bigezeko kandi birashimisha avantu benshi yahavuze atwiganira ko Muri ikigihe barishimira aho bageze ukuntu abaririmvyi babatumbera bishimira akazi babakorera kandi niwe ahinyanyura indirimbo zihakorerwa.

Ikindi yavuze nuko muminisi mike Studio Next Level Sound ,ngo izoba fise ibuhinga bwogukora nama Video igiye gutangura gukorana n;umuhinyanyuzi MAJU System ,niwe azokwama afata amashusho y’indirimbo z’abaririmvyi bazoba bashaka gukorerwa muri Next Level Video,kandi arahamagarira n’abandi batarashobora kwishikira kuhakorera indirimbo.

Abamenyesha ko bosidukaniyonka kuko ubuhinga barabifise kandi  Umuririmvyi N.John aramenyesha aba fans biwe ko aticaye nawe kuko arabizi neza y’uko bakumbuye kumwumva mundirimbo abaryohera canke abahamwo impanuro vyose biri munzira.

14021652_2163139877297898_2507154232155588426_nMbega aba fans b’umuririmvyi N.John muvyakiriye gute kumva ko Studio Next Level Sound ,yiwe igeze aho ashaka ku ntabwe nziza idasanzwe nkuko abaririmvyi bayikoreramwo indirimbo zabo,abashimsihwa n’ibikorwa bakorerwa neza mu guhinyanyurirwa neza nkuko babishaka hoho mwomubarira akajambo kavuga gute ?

Uwo muririmvyi N.John Melodica ,muzi neza kwari rurangiranwa mu gukora umuziki w’uburundi akunda kubashimishamwo mu kubaririmbira indirimbo ziryoshe z’urukundo  hamwe nizirimwo impanuro zibarwa neza kumutima?

KURIKIRANA N'AYANDI AMAFOTO AGARAGAZA UMURIRIMVYI N.John Melodica ARIKO AYIKORERAMWO

13920817_2163139843964568_5860335379553787890_n

14046113_2163139823964570_6648003412567424600_n

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s