Haraheze iminsi ibiri agashavu kaniga mu bantu babonye ivyanditswe na Manager ALEX MUYOBOKE akurikirana ibikorwa vy’abahanzikazi CHARLY & NINA bo mugihugu c’urwanda nkuko bizwi ko bakoranye indirimbo yitwa INDORO batako bakora na Video yayo bayikoranye n’igihangange c’umuziki w’uburundi ni Umuririmvyi BIG FIZZO uko iminsi yagenda niko abantu bakomeza kuyikunda cane kuyumviriza no kuyiraba kuvaho igiriye kurubuga ngurukana bumenyi urabwa cane kw’isi yose arirwo YOU TUBE.
Bashirako ama Video hariho ibintu bita VIEWS bikunda kuza kuri Video iyo umuntu ayirabe nivyo vyatumye Video y’indirimbo INDORO ishobora kurabwa cane gose ikwiza umuliyoni umwe wa VIEWS zabagiye barayiba cane bikaba vyaryoheye cane kumutima Manager ALEX MUYOBOKE w’abahanzikazi CHARY & NINA niho yabonyeko Video yabo ” INDORO” bakoranye na BIG FIZZO imaze gukwiza umuliyoni umwe w’abantu benshi bayiravye gose bikaba yari imboneka rimwe mu muziki w’urwanda.
Kuko ngo na Video y’umuhanzi canke umuhanzikazi wo mu Rwanda iri kuri YOU TUBE irakwiza umuliyoni ariko Video INDORO ,yaje mukibanza ciza mu Rwanda niho yashimira cane abahanzikazi biwe Charly & Nina ariko yibagirwa gushimira ngo Big Fizzo nkuko abantu benshi bashoboye kubona ubutumwa yanditse kurubuga rwiwe rwa FACEBOOK amaze kubishira ko vyateye uruhagarara rukomeye cane gose mu barundi benshi babonyeko yashize imbere mugushimira cane ku gikorwa bakoze abahanzikazi muga wewe ntiyavyemeye ko kwatamushimiye nkuko yagerageje kwisigura cane imbere yaba fans ba BIG FIZZO.
Gushika ubu bari bagifise agashavu kenshi baramutuka Alex Muyoboke ariko icashoboye kwibonekeza kuno munsi wa gatatu nuko igihangange c’umuziki w’uburundi ariwe Umuririmvyi KIDUM KIBIDO yashoboye kumwandikira ubutumwa uwo Manager wa Charly & Nina ,ubwo butumwa bwavuga ngo ibindi novuga kuri Alexis Muyoboke ni uko kubwanje ariwe mbona ari very actif kubera abahanzikazi nka Charly Na Nina umu manager . Simvuze ngo niwe ari manager gusa wabahanzi Mu Rwanda ariko kubwanje umbajije uko ameze aragerageza .
Ntihagire abaca batangura gutukana kuri Facebook ngo Ni uko Fariaz yibagiwe ! Oya namba !akazi kubu manager ntikoroshe cane cane kubahanzi ! Jewe umu manager wanje twama twashwanye ariko turazi uko twama dukemura amatati yacu uko aje kwose . Mushingantahe Muyoboke Alexis komera kwibanga na cane cane uko nabonye witaho abahanzikazi bawe Charly na Nina . Ama collabo aragoye cane ku buryo jewe iyanje Na Juliana ntivyanashobotse ko na video ikorwa . Wewe ariko warashoboye kubishikako hagati ya Fizzo Na Charly na Nina .
Kwibagira Ni ibisanzwe si ibintu rero haters boca bakoresha mukukubamba kumusaraba . Najewe nama kenshi nsanga nibagiye kwibuka bose bamaze kumfasha muri Kano Kazi .kubwanje ivyiza ukora nivyinshi gusumvya kwi bagira kuvuga izina ryuwundi muhanzi ahubwo ntihabe gusa celebration za one million viewers kuri youtube we now focus on two millions . Continue your good work you are doing on your artists . Birashoboka !!!!!!!!
Kandi turashoboye . I am father and a mentor to so many young talents in East Africa so understand my concern about Fizzo ! Ejo canke hirya yejo nzovugira Msechu wa Tanzania , Alpha Rwirangira womu Rwanda , Hope , Eric Mucyo , David Imani wa Congo, etc ………….. Otherwise I am a great supporter of Charly and Nina especially that song Agatege .
Ubwo ni ubutubwa bwanditse Umuririmvyi Kidum mu kubuha ALEX MUYOBOKE ko atoca abifata ko ari ibintu bikomeye kuko kwibagirwa birashika rero ngo ni vyotuma bamubamba kumusaraba,mbega munywanyi mu muziki w’uburundi kubwawe ushoboye kumemenya ubutumwa bwa Kidum Kibido yanditse hariho wobuvuga ko nkuko wumvako Manager wa Charly & Nina vyamushikiye akibagirwa gushimira Big Fizzo yakoranye nabo bahanzikazi biwe muri Video INDORO mukunda cane?