DJ FANNY akoresha “ZINA ZOPENDWA”kuri RTNB atumiye abakunzi bicokiganiro kuza guhimbaza umunsi mukuru w’amavuko yiwe mugushimira abavyeyi bamwibarutse


Bizoba bidasanzwe ntagato kw’igenekerezo rya 27/08/2016 kukabare ONE PEOPLE kari muri komine ya GIHOSHA neza na neza ahamenyerewe cane kw’izina mu Gasenyi hazoba ari k’umunsi wa gatandatu windwi iza niho umumenyesha makurukazi adasanzwe akundwa cane n’abanywanyi b’imboneshakuru y’igihugu c’uburundi mu kubaremesha mu kiganiro akoresha citwa” ZINA ZOPENDWA”gukurikirana abatari bakeya kuko bakunda kubonamwo indirimbo nyinshi  zitandukanye kandi zigezweho ngo kuwo munsi azoba aramutse ahimbaza umunsi mukuru w’amavuko yiwe.

Umumenyesha makurukazi Dj Fanny rero ngo akaba amaze iminsi ari mumyiteguro yo gutegura urubanza rudasanzwe mukuzosangirira hamwe n’umuryango wiwe ,inshuti eka n’abavukanyi atibagiye abavyeyi biwe bamwibarutse nuko urwo rubanza ruzobera kukabare ka ONE PEOPLE mu Gasenyi ,kw’igenekerezo rya 27/08/2016 akavuga ko bizoba bidasanzwe ntiybagiwe gutumira abakunzi b’ikiganiro akoresha arico ZINA ZOPENDWA hamwe n’abanywanyi mu muziki w’uburundi arabatumiye bose kuzoza muri benshi ibirori vyo guhimbanza uwo munsi mukuru w’amavuko yiwe bizotangura igihe c’isaha umunani zuzuye.

13133343_860842040711050_4916032939098946917_n

Dj  Fanny ngo aremeza ko urubanza rwiwe rwo guhimbaza umunsi mukuru w’amavuko yiwe kuriryo genekerezo kuri One People mu Gasenyi arambwira abantu bose bashoboye kumva ubutumire bwiwe arabahagariye kuzoza muri benshi cane gose kuko hazoba hariho ibikenewe vyose haba mu gumfungura hamwe no kunwa ibinyobwa bitandukanye bizoba biriho kuwo munsi kandi ngo igituma ashoboye gutegura urubanza nkurwo ni kubera agomba  gusangira nabo bakunzi biwe bamukurikirana cane mukiganiro Zina Zopendwa gica ku mboneshakuru y’igihugu c’uburundi benshi bamenyereye kw’izina RTNB yavuze ko bizoba vyiza cane.

Ikindi uno mumenyesha makurukazi Dj Fanny azoba ariko ahimbaza umunsi mukuru w’amavuko yiweaho yatumiye abakunzi biwe b’ikiganiro Zinazo pendwa, kuza kwifatikanya nawe murubanza riwe yavuze ko ruzoba kw’igenekerezo rya 27/08/2016 mu kubashimisha nuko borwitabira ari benshi cane gose kuko bazoryoherwa bimwe bidasanzwe kandi ni kubera agomba kwifatikanya nabo  canecane  mugushimira Abavyeyi bamwibarutse aho Data wiwe yitwa  NYAMURANGWA Chris Thomas hamwe Mama wiwe  ICISHATSE Jacqueline,murahawe ikaze mwese abakunzi b’ikiniro Zina Zopendwa kuzoza muri benshi guhimbaza umunsi mukuru w’amavuko yuwo umumenyesha makurukazi wa RTNB

14063962_2163416130603606_2034093156976651310_n

Umumenyesha makurukazi Dj Fanny ,akora ku mboneshakure y’igihugu c’uburundi yabandanije avuga y’uko urubanza rwiwe mu guhimbaza umunsi mukuru w’amavuko yiwe ari kumwe n’abakunzi b’ikiniro Zina Zopendwa,ngo uzoba udasanzwe nkuko yabimenyesheje azoba ariko ashimira abavyeyi biwe bamuvyaye kuzoberekak o kuba baramuvyaye ari ikintu kidasanzwe kubera iyatabo ntiyari hamwe n’Imana nabwo yari kuba ariho kuri iy’isi kandi kwiyo tariki 27/08/2016 niyo mpamvu yashimye gutumira abo bose kuzoza kumushigikira azobanezereza cane a kaba ashimiye bose bazohashika kuri ONE PEOPLE mu Gasenyi akabamenyesha ko isaha umuani ” 14H”

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s