MAGIC SOLDIER mumyiteguro yogusohora Video nshasha y’indirimbo”ILEILE”abemereye aba fans biwe kwizobaryohera kuraba


Umuririmvyi MAGIC SOLIDER asanzwe ari umuraperi akomeye cane atavyorosha mu gukora umwuga w’umuziki w’uburundi aho ashimisha abantu benshi mundirimbo ziwe yama asohora buri ukwezi canke buri umwaka akaba ari mu baririmvyi bakora Hip Pop mu Burundi bakunzwe kino gihe kandi bariko barakora neza cane aho anaheruka gusohora indirimbo nshasha yise” ILEILE” ubu ntayandi amakuru avurwa mugisagara ca Bujubura atari ijambo ” Ileile” kubera ngo abayumvirije bose barayishimye bakavuga ko yabaryoheye.

Magic Soldier yitazira KINGORONGORO ngo sivyo gusa vyatumye biryohera aba fans biwe bose kubera indirimbo Ileile yabahaye k’umugaragaro bakaryoherwa no kumwumva ukuntu yayikoze neza cane bakanezerezwa na rap irimwo yakoresheje nawe rero kugira akomeze abaryohera kurusha nuko yaciye ayikorera impuzu zijanye n’impira yo kwambara yanditse ko “ILEILE” eka ngo nubu aracabandanya barekako iyo ndirimbo kuba barayishimye nawe ategerezwa kuguma ayikorera ibintu bituma bibanezera kumutima kandi hariho igikorwa gishasha yayikoreye.

13891935_1827135224173397_6070700600214909625_n

Ngo ico gikorwa kijanye na Video nshasha yiyo ndirimbo ILEILE akamenyesha aba fans biwe ko izobaryohera cane kuraba kuko  imyiteguro yo kuyikora aza yarayitanguye kandi ayigejeje kure cane gose izoba idasanzwe kubazoyiraba bose canecane abanywanyi mu muziki w’uburundi bashimishwa n’indirimbo ziwe harimwo Ileile vuba agomba kuzobazanira Video nayo ibashimishe ntiyibagiye kuvuga ko ari imwe muma Video izoshobora kumushikana ku ntabwe ikomeye cane nkuko nayo yamutwaye amahera menshi cane gose akabonako izoza isa neza murabibona kurayo amashusho amwe amwe azobonekamwo muzoyikunda cane.

14047156_2162610500684169_3167658292474433385_oMagic Soldier yabandanije amenyesha abantu bashaka kuzoyiraba Video yiwe nshasha y’indirimbo ILEILE botenyenga gatoya cane gose ntagihe kirekire asigaje kugira azoyisohore kuko ngo hariho amashusho amwe amwe akibuze kugira ize ari Video ikwiye ikazotuma uwuriko ayiraba abonako ari iyidasanzwe ubu yaje kubanezereza neza cane nkuko yabitanguye kubibakorera akiyisohora ukuntu wayakiranye igishika cinshi ninako na Video muzobigenza ngwaho yamaze kubasezerana abantu bose bayirindiriye kuyiraba ko mutazoyigaya kuko nawe arayizera cane kwizoba imara cane muzoba bidasanzwe.

Umwaka wa 2016 mu bikorwa vy’umuririmvyi Magic Soldier kuri Hip Pop yiwe akora ngo agomba kuberekako azoguma ayibakundisha kurusha uko muvyibaza banywanyi mu muziki w’uburundi muzoshobora kuvyibonera neza muri Video y’indirimbo ILEILE,ariko arabategurira kuko ngo imyiteguro ayigejeje ahadasanzwe arabonako izosohoka ari nziza cane muzoshima cane nimwayibona gusa ngo ntimugende kure muraguma hafi mu kuyirindirana igishika cinshi cane gose ntiyabagiye aba fans biwe muriko muyitegurirwa.

BANDANYA URABE AMASHUSHO AZOBONEKA MURI VIDEO NSHASHA Y'INDIRIMBO Ileile Y'UMURIRIMVYI Magic Soldier ASANZWE ARI UMURAPERI ABARYOHERA MUNDIRIMBO ZIWE VUBA RERO NGO NIYO VIDEO Ileile

13962799_2162610480684171_767980804498979839_o 13995474_2162610524017500_3901567688259488228_o

13920742_2162610467350839_6273924280479148509_n

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s