CHANNY QUEEN yerekanye uwamuteye imbanyi hama vyamutangaje T-MAX kandi abantu babimenye ubwambere ngo yahemukiye R.FLOW


Ukuri kuza kwaja ahabona nyuma y’amakuru twabashikirije y’umuririmvyikazi CHANNY QUEEN yibungenze afise imbanyi“INDA Y’UMWANA“kino gihe niho abanywanyi mu muziki w’uburundi hamwe naba fans biwe batangura kwibaza umuhungu yoba yarayimuteye nubwo twagerageje kuyaga n’abantu bamwegereye bavuga ko nyene imbanyi ari umuhungu yitwa RODRIGUE ariko nabwo benshi bavyemeye kuko baribazi neza ko umuhungu bakundana cane yari umuririmvyi R.FLOW,inyuma yaho uwo muririmvyikazi yahukanye n’umuririmvyi LOLILO bavyaranye umwana umwe w’umukobwa.

Amakenga yakomeje kuba menshi mu bantu bashoboye kumenya ko umuririmvyikazi Channy Queen asigaye yibungenge afise inda bakibaza nyeneyo bakabura uwoshobora kubaha umuco muga bakavuga ko nubwo ayifise yoba ari y’umuririmvyi R.FLOW ari nawe bazi cane kwariwe umugabo wiwe nkuko banabana mugisagara ca Bujumbura muga kuvaho agiriye mugihugu c’urwanda ngo ibintu vyaciye bihinduka niho kumenyekana ko yatwaye imbanyi gushika nubu ntanumwe yari bwamenye SE w’umwana uwariwe ariko rero kuno munsi wakane hahejeje kumenyeka nyene gutera imbanyi Channy Queen.

12729137_1704512873124784_7506199100715569137_nMuminota 14 kuri Fecabook y’umuririmvyikazi Channy Queen niho hamenyekana nyene uwamuteye imbanyi rero ukuri kwamaze kuja ahabona amakenga yagiye arabaheramwo abantu bamwe bamwe bibaza y’uko uwmuteye imbanyi ari umuririmvyi R.Flow ariko sikovyagenze kandi benshi ntibavyakiriye neza kumutima batanguye kuvugako yacitse igihemu abandi bakamuhanura nkuko bandika Comments kw’ifoto yagarageje uwo muririmvyikazi ayishize kuri Facebook yiwe hakaba habonetse n’iciyumviro c’umuririmvyi T-MAX yavuze ngo” Naona sasa ni balalaa du mdogo wangu umetisha“vyamutangaje kumenya ko Channy Queen yatewe imbanyi n’uwundi muhungu.

Channy Queen ashoboye gutinyuka mukuva mugacerere mu kwemeza umuhungu yamuteye imbanyi kandi ariwe Papa w’umwana wiwe bagiye kuzovyara muminsi irimbere kuko iramaze gukura cane gose rero yatanze umuco mu kuvuga ngo igihangange SE w’umwana wiwe aramukunda cane gose niho haciye hatangurwa kuvurwa vyinshi kw’ifoto aho abantu batandukanye bagiye barandika iviyumviro vyabo muri Comments niyo foto mubona iberekana bari kumwe uwo muhungu asanzwe yitwa Rodrigue amufashe kunda nkuko bagiye baramubarira ko yahemukiye R.Flow bimwe bikomeye cane gose benshi vyabonetse ko batashimishijwe kumvako imbanyi afise atari iya R.Flow.

14088602_2163038593974693_8497719927290536786_n

Uko bagiye barandika muma Comments zabo kw’ifoto y’umuririmvyikazi Channy Queen yashize kurubuga rwiwe rwa Facebook amenyesha ko amukunda cane gose PAPA w’umwana wiwe rero abantu babimenye bavuze ngo Nagira naka R FLOW,Ptuuuu vaho wagihemu wahemukiye R flow! nuwo ntiyijajare wosanga iyo nda atari rwiwe!,hanny oya naw warahemukiy R.flow nibibazo yagukuyemwo…….we wap vrmnt uri ntambire akaje,woshaka wohubuzima bwawe uhoraho guhindura abagabo nka sous vêtements ntamugisha.Keshi abana bagera ikirenge mucabavyeyi Babo.

Mbega munywanyi mu muziki w’uburundi ushoboye kumenya ko imbanyi ifise Umuririmvyikazi Channy Queen kwatari y’umuririmvyi R.Flow yamuteye nkuko wavyibaza mbega wobivuga kwiki mu kumvako ari uyuwundi muhungu canke ni akajambo wo mubarira akazokwibaruka neza cane mumahoro uwo mwana yimirije kuvuka nkuko bivurwa n’abantu bamwegereye?

maxresdefault1
                   R.Flow NA Channy NGAHO BARI BAKIRI MURUKUNDO
BARABE NEZA Channy Queen N'UMUGABO WIWE Rodrigue BIMIRIJE KURONKA UMWANA

14021644_1779160798993324_6179599512854720124_n

Advertisements

2 thoughts on “CHANNY QUEEN yerekanye uwamuteye imbanyi hama vyamutangaje T-MAX kandi abantu babimenye ubwambere ngo yahemukiye R.FLOW

  1. Chany Queen yari umuririmvyikazi dukunda ariko iyongendo yafash yogutatora ntiranga akaranga k’uburundi! Ejo yari LOLILO hama R FLOW twes iyo couple yabe na R FLOW twayikunda nn icocaduka yagikuyehe? Non message azotanga mumuziki niyo yogutatora? Aratumaramaje ! Nohanura R FLOW kwihangana None ninzara yamufatiye mu Rwanda irabimutera? Cank ningeso? Urwanda ruza kutwicira urwagashinyaguro abana bacu!

    Liked by 1 person

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s