Ibifu y’indirimbo nshasha”UMUHEMU”ya EMINEM na AKES hamwe MASODJA YERO YERO yaheze bumvikanye menya ukuntu bavyimariye


Amashamba yaraye ahatswe gusha mu baririmvyi bane b’abarundi bakora umuziki w’uburundi mu kubashimisha abantu benshi bakurikirana ibikorwa vyabo hari k’umunsi wa kabiri wiyi indiwi turimwo niho hashoboye kubonekako hariho icuka kibi cane gose hagati y’umuririmvyi AKES n’umurwi w’abaririmvyi MASODJA YERO YERO hamwe n’umuririmvyi EMINEM nuko umwe murabo ariwe Akes yavugako bamuhemukiye cane abo baririmvyi bagenzi biwe mu gihe bakoranye indirimbo nshasha bahita bayisohora batamugirishije Inama.

AKES yavuga ko “Indirimbo yakoranye na Masodja Yero Yero yametse kubera yasohowe inyuma y’amategeko bumvikanye kandi akaba atazoshobora kuja muri Video yayo kiretse nyene iyo ndirimbo amuriishe ivyo bavuganye nawe.”amaze kuvuga uko niho nyene iyo ndirimbo nshasha ni umuririmvyi EMINEM haciye haduka induru nyinshi cane gose bikaba vyashoboye kubaka ibifu idasanzwe kuko bose ntibumvikana ntanumwe yemera ko ariwe yayisohoye nkuko twagerageje kuganira nabo baririmvyi batatu twarabarose.

13325545_287468541597157_51066835179367851_nNkuko mushoboye kumva banywanyi mukunda umuziki w’uburundi ukorwa nabo baririmvyi ukuntu Akes yadoma ko urutoke k’umurwi w’abaririmvyi Masodja Yero Yero kwaribo boba bashoboye gusohora iyo ndirimbo nshasha yiswe” UMUHEMU” usome itangazo ryiwe vyabonekako aribo abatako ikosa nkuko twabivuze ko twashoboye kuyaga nabo bakagira ico umwe wese avuze kubera ntibumvikana ukuntu indirimbo ishobora gusohoka k’umugaragaro atanumwe ayitanze kandi batavyemera.

Niho Akes yavuze igituma yariko ayibegekako ni kubera yatangazwa ukuntu Masodja Yero Yero ataco vyabambwira kuba indirimbo Igihemu yasohowe idakwirikijwe amategeko kandi bazi ivyo bavuganye yabonako aribo bayitanze mu bantu bakayishira k’umugaragaro igasamira nawe atabizi ikindi yavuze ko akeneye kuvugana na Eminem ,nyene iyo ndirimbo bakumvikana akazobona kuja muri Video yayo,munyua twaganiriye n’uwo murwi w’abaririmvyi bavuze ngo baratangara ukuntu Akes yariko agira show biz kuribo bakibaza ico bamugize kuko ivyo bavuganye na Eminem ntavyo bazi.

13654124_652442381574081_4318566692270511778_nUno munsi wa gatatu twashoboye kuvugana n’umuririmvyi Akes hamwe n’umuririmvyi Eminem ,nyene indirimbo UMUHEMU yagomba ko bobanza kuyisohora yanyuma igakorerwa Video,twashoboye kubaronka mu kubabaza ico boba bariko barapfa mu gihe haraye hamenyekanye ko iyo ndirimbo yasohowe idakwirikijwe amasezerano igahitwa isohorwa ukonyene idakorewe na Cover yayo nuko yashoboye kuvuga ko bamaze kumvika neza cane ibintu vyagiye mungiro kandi na Akes yemeye ko azoja muri Video nshasha y’indirimbo Umuhemu.

Kandi aba fans babo baririmvyi baraye bahatswe kubaka ibifu ikaze hagato yabo muramenyeshwa ko idahari kandi ntibigeze bayikora gusa umwumvikano bawuhejeje biri mungiro ukuri kwamye muzobabona muri Video nshasha y’indirimbo Umuhemu ariko ngo mutangure kumviriza Audio yayo mukurindira Video nayo bayibazaniye k’umugaragaro nubwo hariho boba baraye bayumvise nkuko vyari vyamenyeshejwe na Akes ko yametse agahita ayitanga ibanezere mwese mugomba mutangure kuyumviriza uno mwanya.

14051835_2162607074017845_6045556989507822098_n
                                   EMINEM
Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s