Abarundi bamuteye ivyatsi Manager wa CHALRY & NINA mukudashimira BIG FIZZO kubona Video INDORO ifise Umuliyoni umwe w’abantu kuri YOU TUBE


Ibintu ntivyoroshe kurubuga ngurakana bumenyi rwa Facebook rusanzwe rukoresha Manger asanzwe akurikirana abahanzikazi CHALRY & NINA bo mu Rwanda azwi kw’izina rya ALEX MUYOBOKE bariko baramutera ivyatsi abanywanyi mu muziki w’uburundi benshi ndetse n’igihangange cuwo muziki nyene ariwe umuririmvyi KIDUM KIBIBO kubera yibahutse kwandika ibintu mururimi rwicongereza yanditse ngo” ongratulations Charly & Nina on your big achievement….n’ibindi vyinshi nkuko mubibona kuriyo shusho twabashiriyeho nivyo yanditse.

Ashimiye abo bahanzikazi biwe kubera ngo Video y’indirimbo INDORO imaze gushikana abantu umuliyo umwe bayiraba cane kuri YOU YUBE niho kuvuga ko ashimishijwe n’igikorwa ciza bakoze kuriyo Video Indoro ariko ntiyibuka Umuririmvyi BIG FIZZO w’umurundi kumushimira kandi asanzwe yarafashije Charly & Nina bakayikorana vyabatangaje kubona yibagiye gushimira uwo muririmvyi w’umurundi kandi afise uruhara rukomeye kugira ishikane abo bantu bose bayiravye kurubuga ngurakana bumenyi rwa You Tube rurabwa n’abantu benshi bari kw’isi yose.

14068170_1152922801441669_1083399864055822364_nAbantu bariko barabona ingene Alex Muyoboke asanzwe ari Manager wa Chalry & Nina ngo yubahutse gukumira igihangange c’umuziki w’uburundi ariwe Big Fizzo mu kutamushimira bimwe bivuye kumutima kubona Video y’indirimbo INDORO imaze gukwiza 1000000 Views z’abantu bamaze kuyiraba akavuga ko ari imboneka rimwe mu muziki w’urwanda bishika agakeza abahanzikazi biwe ko igikorwa bakoze kidasanzwe rero ikintu kiriko kibabaza bamwe muaba fans ba Big Fizzo babibonye babonyeko yamufashe nabi kuko ntiyarakwiye kwibagira kumushimira umuntu nka Big Fizzo ariwe ngo yatumye iyo Video igera kururwo rwego igakundwa cane gose.

Ibi nivyo abantu bashoboye kumutera ivyatsi bamwiyamiriza ALEX MUYOBOKE umu Manager wa Charly & Nina nkuko umwe wese yagenda atanga iciyumviro ciwe bivanye n’ukuntu babonye atigeze ashimira Big Fizzo nawe kugirwa yakoranye na Charly & Nina muri Video Indoro mu kurabwa cane n’umuliyoni umwe w’abantu benshi kuri You Tube,niho bamubaza ikibazo kimwe bose ngo BIG FIZZO arihehe ko utamushimiye nawe?

14063730_2162632574015295_8975223317575124213_nAbandi bavuga mubisanzwe Big Fizzo ngo niwe yatumye indirimbo imenyekana cane rero bamusavye yikosore Alex Muyoboke kuvyo yanditse bitabashimishije kumutima kuko ngo yagize abacakubiri mu gushira imbere abahanzikazi biwe akibagira ko Big Fizzo ngo ariwe akwiye gushimirwa cane kubera yagize uruhara runini cane kugira ikundwe cane Video Indoro mu kurabwa cane noneho bakomeje kumubarira ko yo kwikosora akikubita agashi agashimira ico gihangange c’umuziki w’uburundi ariwe Big Fizzo.

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s