LOLILO LIZZO ari mubaririmvyi b’abarundi bakomeye batishima ngibi ivyo yakoze mubiteramo bibiri yakoreye muntaya ya Kayanza


Abanyagihugu bontara ya Kayanza harimwo na Musitanteri wabo basanze igihangangange gikora umuziki w’uburundi ariwe LOLILO LIZZO adasanzwe cane mu gukora ibintu bibanezera mugiteramo yari yamutumiyemwo k’umunsi wa gatandatu wino ndwi nyene ariko kubera ukuntu yabaryoheye cane gose gushika aho bumvako yobandanya abateramisha niho uwo musitanteri yahisemwo ko yasubira gukorera igiteramo muntara ya Kayanza asanzwe arongoye bikaba vyabaye uno munsi w’Imana naho nyene ngo yarushirijeho kubanezera.

Umuririmvyi Lolilo Lizzo akaba yabiciye biracika mu Kayanza ateramisha abantu baho bari bitabiriye igiteramo yakoze kuno munsi w’Imana itariki 14/08/2016 yayikoreye kumutumba Mucaro benshi basanzwe bahamenyereye khita Imparamirundi ico kibaba cari igiteramo kigira kabiri nkuko bimenyeshwa nuwo muririmvyi tukaba twamubajije igituma yashoboye gukora ibiteramo bibiri bikurikirana aho yaraye agikoze k’umunsi wa gatandatu hamwe nuno munsi bikaba vyatumwe n’ukuntu yavyibashemwo guteramisha abanyagihugu baho barikumwe na musitanteri.

13912665_2161058094172743_4387795835878698353_nLolilo Lizzo ku muhingamo wuno munsi aho muntara ya Kayanza akaba yashoboye gutangura guteramisha aba fans biwe babayo bakaba baryohewe cane gose nkuko mubibona namwe kumufoto eka abantu bari buzuye cane gose gushika aho nawe bimurenga yamweretse urukundo rwinshi bamufitiye kuko yabanejereje bimwe bidasanzwe bakavuga ko ari mubaririmvyi b’abarundi kandi b’ibihangange batishima ntacagura mukuraba abo bihagaranye canke mu kwifotozanya ivyo bikaba vyanashoboye kugaragara mumafoto yifotoje nabo banyagihugu bo muntara ya KAYANZA harimwo n’abadandaza b’ibiyoba eka ntivyari bisanzwe.

Rero igihangange mu muziki w’uburundi,Umuririmvyi Lolilo Lizzo akaba yashoboye kuvyishimira cane gose ukuntu bashoboye kumufata neza nawe bameretse igishika cinshi bari bamufitiye babigaragaza k’umugaragaro uravye n’amafoto bifotozanya urabona ko mumaso barangwa n’umunezero mwinshi yabateye akavuga ko yari yabiteguriye neza mugiteramo cambere yaraye akoze.

14034682_2161058127506073_1974108701611665770_n

Ninaho havuye kumushima cane gose nuwo musitanteri wa Kayanza yararyohewe cane gose kubona aririmbirwa n’abanyagihugu biwe bakiyumva umunezro ko utarahera neza niho yashimye kumusaba kandi ko yabandanya abateramisha kuno munsi w’Imana nawe yashoboye kubikora cane gose bikaba vyari ibirori bidasanzwe banamubonye ko atishima ntagato.

14021530_2161058030839416_4137259555021373116_nBaramushimira cane uburyo baryoheyemwo bakamubarirako azogaruke nuwundi umunsi kubateramisha mubiteramo bitandukanye vyinshi atari kimwe canke bibiri vyose bikoreye muntara bavukamwo ya Kayanza nkuko amakuru dukura muri iyo ntara abivugako umuririmvyi Lolilo Lizzo yabemeje cane gose kubuhinga budasanzwe yabateramishijemwo iminsi ibiri ikurikirana yose bakabonako yagaruka kubateramisha mundirimbo ziwe zitandukanye haba nshasha nizo yakoze kera nubu zikibandanya zibashimisha kumutima iyo bazumvise.

KURIKIRANA  AMAFOTO YARAMURANZE IGIHANGANGE MU MUZIKI ARIWE UMURIRIMVYI Lolilo Lizzo YARABICIYE BIRACIKA MUNTARA YA KANYANZA AHO YAKOREYE IBITERAMO BIBIRI

13895278_2161058174172735_1464473289947013249_n 13903433_2161058237506062_9169361612922522682_n 13907066_2161058154172737_6212650136531077556_n

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s