Mu Rwanda birarangiye URBAN BOYS itsindiye Final itwaye igikombe ca PRIMUS GUMA GUMA SUPER STAR SEASON 6


Ku nshuro yabo ya kane bari bitabiriye ihoiganwa rya PRIMUS GUMA GUMA STAR, abasore Safi Madiba, Humble Jizzo na Nizzo Kabosi bagize umrwi w’abaririmvyi URBAN BOYS wo mugihugu c’urwanda nibo batsindiye iryo higanwa mukuba abambere uno mwaka wa 2016 bariko bahiganirwa  ku nshuro ya gatandatu aho bakurikiwe n’abaririmvyi b’abanywarwanda aribo Christopher niwe yabaye uwa kabiri.

Hama Bruce Melody aba uwa gatatu ariko ubuherutse umwaka uheze yari yabaye uwa kabiri akurikiye KNOWLESS rero mumwanya vyrangiye ukuri kwamye umunezero ni wose kuri uwo murwi wa Urban Boys ushoboye kwegukana igihanwa rya PRIMUS GUMA GUMA SUPER STAR SEASON 6 muri Final.

dsc_1686
                      NGAHO Urban Boys BARI KURI STAGE

Ni nyuma y’urugendo rurerure aba basore bagize umurwi wa URBAN BOYS bakoze aho bagaragaje ingufu gusumvya abaririmvyi nyarwanda bagenzi babo bahiganirwa Final ya Primus Guma Guma Super Star Season 6 mu buryo bugaragara ku ntango ntabwo ari abantu benshi bibwiraga ko Urban boys bizoyorohera gusa uko ihiganwa ryakomeza kwigira imbere, ni ko benshi mu barikurikiranira hafi babona ko uwo murwi ufise amahirwe menshi ukurikije uburyo bagiye bigaragaza mu bice bitandukanye vy’igihugu c’urwanda ryaberamwo iryo higanwa.

Kuva isaha icumi n’igice abafana baturutse imihingo yose y’urwanda bari batanguye kugera muri parking ya Stade Amahoro ahabereye Final Primus Guma Guma Super Star, mu gihe ku rundi ruhande abashusharugamba Mc Anitha na Buryohe nabo bari batanguye gususurutsa abitabiriye ico giteramo imbere y’uko igiteramo nyezina c’abaririmvyi naywranda bahiganirwa iryo higanwa mu kuririnda ko gitangura kandi isaha icumi na zbiri n’igice niho umuririmvyi wa mbere yaja  kuri Stage, uyu akaba yari Bruce Melody winjiye abwira abafana ko nta kindi cabazanye usivye gutwara igikombe.

IMG_7152

Bruce Melody yahereye ku ndirimbo yiwe yitwa ‘Ndakwanga’, akwirikiza iyitwa ‘Ndumiwe “izo ndirimbo zavyinwe mu buryo bukomeye nubwo adasanzwe amenyerewe kuvyina, uyu mugoroba uno muririmvyi nuko imbere y’abafana biwe yagaragaje ico ashoboye hanyuma avuye kuri Stage hakurikiye Umuririmvyi Christopher yinjiriye kuri rap mu gitero caririmbwe mu ndirimbo yiwe yitwa “Ndakabya” yakoranye n’umuraperi Riderman, inyuma ahita akurikiza indirimbo ‘Agatima’yehereje mu kuririmba indirimbo yitwa ‘Abastar’.

Tubibutse abanywanyoi mu muziki w’uburundi ko uno murwi w’abaririmvyi URBAN BOYS bigeze kuza mugihugu c’uburundi kuhakorera igiteramo cabo citwa” TAYALI” hari umwaka wa 2014 waryoheye abantu benshi cane gose mbega kubwawe wo wukeza uwubarira gute abagize uwo murwi?

Ay'amakuru tuyakesha abagenzi bacu bakorera mu Rwanda bahishikiye

IMG_7115

Uko bakurikiranye mu manota bose uko ari 10

1.Urban Boys

2.Christopher

3.Bruce Melody: Bitunguranye Bruce Melody yakuwe amata mu kanwa aho habuze gato ngo havuzwe amabuye

4.Danny Vumbi

5.Young Grace

6.Alioni

7.Jules Sentore

8.Danny Nanone:Aha bavugije induru bavuga ko yibwe amajwi

9.Umurwi w’abaririmvyi TBB

10.Umutare Gabby

Advertisements

Andika ngaho iciyumviro cawe ntutangwe

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s